IVYOKURYA VYO MU GITONDO (92)

UBUTUMWA BWIZA BWANDITSWE NA LUKA (31)
MBEGA IVYEMEWE N’ UGUKORA ICIZA KW’ISABATO CANKE N’UGUKOR’IKIBI: GUKIZA UMUNTU CANKE KUMWICA? (Luka 6: 9)
Ku yindi sabato yinjira mw’isinagogi, arigisha: kandi har’umuntu anyunyutse ukuboko kw’iburyo. Abanyabwenge b’Ivyanditswe bo n’Abafarisayo baramugenza ngo barabe ingene bomurega. Nawe amenye ivyo biyumvira, abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko ati Va hasi uhagarare hagati, ava hasi, arahagarara. Yesu arababwira ati Ndababaze: Mbeg’ivyemerwa n’ugukora iciza canke ikibi kw’isabato: gukiza umuntu canke ku mwica? (Luka 6: 6-9).
Muri kino cigisho muri kumwe n’umunyavyaha yagiriwe ubuntu nka mwe, akaba na mwene So musangiye intambara y’umusaraba: Balthasar Miburo
Mu cigisho giheruka twabonye ukuntu Yesu yaganganye n’abashaka kubuza abigishwa biwe kwirira ingano kw’isabato. Uwu musi noneho bagira bamubuze no gukiza umurwayi bitwaje amategeko bishingiye. Ico barimwo kiraza kugaragara mur’iki cigisho: N’idini ry’abicanyi! Nawe amenye ivyo biyumvira, abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko ati Va hasi uhagarare hagati, ava hasi, arahagarara. Yesu arababwira ati Ndababaze: Mbeg’ivyemerwa n’ugukora iciza canke ikibi kw’isabato: gukiza umuntu canke ku mwica?
Yesu , yar’azi abantu bose, ntiyarinda ko hogira uwushingira intahe ivy’umuntu, kuko ubwiwe yar’azi ibiri mu muntu (Yohani 2: 24-25). Yar’azi ko Abafarisayo n’abanyabwenge b’Ivysanditswe, ko badashobora kwihanganira uwuje kubavuguruza canke akabatesha icubahiro cabo mu rusengero rwabo. Noneho Yesu abonye bariko baramurereka ngo barabe ko akiza umuntu kw’isabato, aberaguzamwo amaso bose, aramubarira ati Ramvura ukuboko kwawe. Arabigira ukuboko kwiwe kurakira. Ariko bo birabasaza rwose, baja inama y’ico bogira Yesu (Luka 6: 10-11).
Ibi bikwiye gusigira icigisho abantu baganjwe n’ishengero ryabo, gushika aho bitiranya ishengero n,ubwami bw’ijuru, noneho ijambo rya padiri canke rya pasitori bakwumva ko ari ryo jambo ry’Imana. Umupadiri nawe akwumva ko Musenyeri canke Papa ko ijambo ryiwe ariryo jambo ry’Imana; umupasitori nawe akumva ko Umuyobozi w’intara canke Umuyobozi wìshengero ahinzwe akarere canke isi yose, ko ari we mukozi w’Imana adahangarwa. Ivyo nta kindi bivyara, atar’ uko uwo mudahuje ivyiyumviro, aca yitwa umunyamahanga, umupagani, canke umunyavyaha. Kenshi iyo umuntu yerekanye amakosa ku banyedini nkabo bavuga ngo yaraguye. Mwoshobora kwizera mute ari mwebwe mwubahana ariko icubahiro kiva ku Mana imwe nsa mutakirondera? (Yohani 5: 44)
Abakundiye Satani akabagira abaja b’idini baba bafise muri bo umugera w’ishari n’inzigo, bishobora kubayobora ku bwicanyi. N’intagondwa, bemera gusa uwo bubitse umutwe hamwe, niwe bita mwene Data. Ariko namba mugira ishari ry’inkazi mu mitima yanyu, mugakunda kwirema ibice, mwoye kwirata, mubesha, mucumura ku kuri. Ubwo bwenge sibwo bwururuka buvuye mw’ijuru, ariko n’ubw’isi, n’ubw’abantu n’ubw’abadayimoni. Kukw’ah’ishari riri, niho bo no kwirema ibice, ariho umuvurungano uri, n’igikorwa kibi cose. Ariko ubwenge buva mw’ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubw’amahoro, burengenga bukunda kugirwa inama… (Yakobo 3: 14-17).
Abakristu nk’abo, ntaco batandukaniyeko n’Abayuda, bashatse boreka ivyo kwihisha mu mwambaro w’ubukristu, nibo Yesu yita abiyita Abayuda kandi ataribo, arikw’ar’isinagogi ya Satani (Ivyahishuwe 2:9). Abo biyita Abayuda ataribo, ni bo Satani yitwaza mu kuvugisha abahanuzi b’ibinyoma biwe ngo kanaka na kanaka ko bubaha isabato, none ntiwabonye canke ntiwumvise amarorerwa bakoze?. Ivyo navyo ntaco bipfana n’ubutumwa bwiza. Kuko nkuko ivyaha vy’Abayuda bitashoboye kubuza Yesu kuruhuka Isabato nkuko Data wo mw’ijuru ashaka, niko n’ivyaha vya pasitori canke umukristu uwariwe wese bidashobora gutesha agaciro isabato y’Uhoraho.
Nivyo, Abayuda, bageze n’aho bata urusengero kw’isabato bakoranira kwa Pilato, baramubwira bati Mugenzi twibutse yuko w Abarinza mubeshi akiriho, yavuze ngo imisi itatu ishize azozuka. Nuko n’utegeke barinde imva cane gushitsa ku musi ugira gatatu, kugira ngo abigishwa biwe ntibaze kumwiba, bakabwira abantu ngo yazutse mu bapfuye, maze ububeshi bwo bwo hanyuma bworuta ubwa mbere. Pilato arababwira ati Abarinzi ngabo: Ni mubajane murindishe imva uko mushaka. Nabo baragenda barindisha imva, ca kiubuye bagihoma kw’ishashara, bayidomakw’ ikimenyetso, abo barinzi babona (Matayo 27: 62-66).
Aba ni ba Bayuda b’abanyedini ata kindi bipfuza uretse gukuraho uwabavuguruza mu binyoma vyabo. Nibo bagiriza Yesu ngo yica isabato mu gukiza abantu. Ariko ngabo nibo bagiye gukoranira mu rugo rw’umupagani, baja kwirirwa baragwana n’ikibuye kw’isabato. Burya impwemu mbi yakoresheje Abayuda kwa Pilato kur’iyo sabato, niyo iyoboye abantu benshi mur’iki gihe, nabo bitirwa bararwana n’amabuye n’amatafari n’isima, bikorera ibiti, bacuruza mu mangazini, barima mu mirima, ngo bashaka gushika kw’iterambere bipfuza. Bo bivugira ngo gupfa kwa Yesu kwababohoye ku musi w’isabato, ariko ntibazi ko abanse kuruhuka isabato ku rupfu rwa Yesu, bose bitwa abiyita Abayuda kandi ataribo, arikw’ar’isinagogi ya Satani (Ivyahishuwe 2:9). Abigishwa ba Yesu b’ukuri, babonye iyo mva n’ingene ikiziga ciwe gishizwemwo. Basubira inyuma, bategura ibimota neza, n’amavuta atamirana. Kandi ku musi w’isabato bararuhuka nk’uko vyategetswe (Luka 23: 55-56). Hitamwo uruhande wohagararamwo: Mw’isinagogi ya Satani, canke mu bigishwa ba Yesu?
Guhungira muri dimanche twitwaza ngo n’ukwigina intsinzi ya Kristo, twarabonye neza ko bidahuza n’inyigisho zo mw’Ijambo ry’Imana. Ariko har’abavuga ngo umwe wese akwiye gukomeza ico yahawe. Ntawe Yesu yahaye dimanche, na Mpwemu Yera ntitwomubeshera ngo niwe yahishuriye abantu ko bakwiye kuruhuka kuri dimanche: kuko Yesu yavuze ati: Ariko uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobayobora abashitse ku kuri kwose, kukw’atazovuga ivyo yigeneye … Uwo azoshimagiza jewe kuko azofata mu vyanje, akabibamenyesha (Yohani 16: 13, 14).

Ni yaba dimanche itari mu vyo Yesu yigishije, mwumva Mpwemu Yera we yoyishigikira gute? Biragaragara ngaha ko uwo bita Mpwemu ayoboye ayo mashengero ko atari Mpwemu akomoka kuri Data na Yesu. Nuko rero igihe kirashitse, ubwami bw’Imana buri hafi, ni mwihane mwemere ubutumwa bwiza (Mariko 1: 15); mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans : Non classé | le 8 février, 2017 |Pas de Commentaires »

JESUS IS COMING SOON LET US PUT A NEW NATURE!

JESUS IS COMING SOON, PUT ON THE NEW NATURE!

Therefore, if you were raised with Christ, look for the things that are above where Christ is sitting at God’s right side. Think about the things above and not things on earth. You died, and your life is hidden with Christ in God. When Christ, who is your life, is revealed, then you also will be revealed with him in glory.

So put to death the parts of your life that belong to the earth, such as sexual immorality, moral corruption, lust, evil desire, and greed (which is idolatry). The wrath of God is coming upon disobedient people because of these things. You used to live this way, when you were alive to these things. But now set aside these things, such as anger, rage, malice, slander, and obscene language. Don’t lie to each other. Take off the old human nature with its practices and put on the new nature, which is renewed in knowledge by conforming to the image of the one who created it (Colossians 3:1-10)

Afficher l'image d'origine

In this age, just prior to the second coming of Christ in the clouds of heaven, such a work as that of John [the Baptist] is to be done. God calls for men who will prepare a people to stand in the great day of the Lord…. In order to give such a message as John gave, we must have a spiritual experience like his. The same work must be wrought in us. We must behold God, and in beholding Him lose sight of self.—Testimonies for the Church 8:332, 333 (1904).
Communion with God will ennoble the character and the life. Men will take knowledge of us, as of the first disciples, that we have been with Jesus. This will impart to the worker a power that nothing else can give. Of this power he must not allow himself to be deprived. We must live a twofold life—a life of thought and action, of silent prayer and earnest work.—The Ministry of Healing, 512 (1905).
Prayer and effort, effort and prayer, will be the business of your life. You must pray as though the efficiency and praise were all due to God, and labor as though duty were all your own.—Testimonies for the Church 4:538 (1881).

 

Publié dans : Non classé | le 17 janvier, 2017 |Pas de Commentaires »

MBESE UMUSORE N’UMUKOBWA BACIKIRANYE, BABA BABAYE UMUGABO N’UMUGORE KOKO MU MASO Y’UHORAHO?

 

Icigisho giheruka, caherahejwe n’aya majambo ngo: « I.bi ntibisaba ngo twarasezeranye imbere y’amategeko, ahubwo bisaba ngo « naragukunze nawe urankunda ». Kuko hariho n’abasezeranye imbere y’amategeko binanira. Mfise vyinshi novuga kur’iyo ngingo, ariko nzobivuga mu cigisho kizokurikira.

Ubutumwa buvuga ngo: « Umuntu ni yahendahenda umwigeme atari bwasabwe akaryamana nawe, ntaz’abure kumukwa ngw’abe umugore wiwe. Ariko se ni yanka kumumushingira, ntaze abure gutanga inkwano nkuko bakwa abandi bigeme (Kuvayo 23: 16-17). Umuntu ni yasanga umukobwa akizigamye ubwigeme bwiwe, kand’atari bwasabwe, akamufata agasambana nawe, bakabaserukako, uwo mugabo azoba yasambanye nawe aze ahe se w’uwo mukobwa inkwano ya shekeli mirongw’itanu, aheze abe umugore wiwe, kuko yamwononye; aze arinde apfa atamwirukanye (Gusubira mu Vyagezwe 22: 28-29).

Abantu benshi bakunda kwitwaza amategeko ya Leta ngo  » Uwo s’umugore wanje, ngo ntitwasezeranye ». Naho nyene uwo mugore yoba afise abana, bakamugira nk’aho ataco amaze ukamenga s’umuntu. Bamwe rero, kubera ibinyoma bishigikiwe n’amadini y’ivyamamare, bakavuga ngo ababana badaciye imbere y’amategeko baba basambana.  » Ariko siko Bibliya ivyigisha. Ni waba wemeye kuryamana n’umukobwa akiri inkumi, canke umukobwa akibohera ku muhungu ngo baryamane, kuko navyo birabaho, ntivyemewe ko umuhemukira ngo uje gushaka abandi. Naho wobona uwundi mukobwa, ukamukwa, mugasezerana, imyaka muzobana yose, uzoba witwa umusambanyi, kuko uzoba uryamanye n’umugore wa kabiri. Amasezerano y’Imbere ya musitanteri, imbere ya padiri canke pasitori, ntashobora guhanagura ivyaha wakoze vyo guhemukira abakobwa mu busore bwawe. Ntashobora guhanagura icaha wakoze co guhemukira abasore mu bukumi bwawe. Ba sokuruza bacu mu kwizera, ntibambikanye impeta, kandi ntibaciye imbere y’abategetsi mu kubana, ariko Imana yarabahezagiye. Handitswe ngo:  » Bukeye Isaka arasohoka, aja ku gahinga kwiherera, hari ku kagoroba. Yunamura amaso, agize artya abona ingamiya zije. Maze Rebeka yunamura amaso, abonye Isaka, ava ku ngamiya… Uwu muntu yiganira Isaka ivyo yakoze vyose. Isaka ajana Rebeka mw’ihema risiga nyina wiwe Sara, aramurongora, aba umugore wiwe, aramukunda (Itanguriro 24: 63, 64, 66, 67). Muri make rero umugabo wa mbere canke umugore wa mbere, nta rwitwazo rwo kuvuga ngo womufata nabi uko wishakiye ngo ntimwasezeranye. Nta masezerano aruta arya mwahanye muri babiri.

Yamara muravuga muti ni kuki? Nikuki Uhoraho yabaye icabona canyu mwe n’umugore wo mu bucance, uwo wahemukiye, naho ar’umugenzi wawe akaba n’ umugore w’isezerano? Nta wakoze nen’ivyo yoba agifise Mpwemu muri we (Malaki 2: 14-15). Iri jambo ngo « ubucance », n’ijambo ry’ikirundi ca kera, risobanura ukuntu umukobwa n’umuhungu bakurana « ince ». Abakobwa bafise ukuntu bahinduka mu mibiri kuko baba bemeye kwinjira mur’ubwo buzima, mbere n’abahungu birababako, nko ku basore batigeze bakora imibonano, bashobora kugira ingorane nk’abakobwa bakababara, kuko baba binjiye mu rindi banga. Nivyo bita  » ubucance, gucan’ince ». Ivyo birinze biba, mugacan’ince, Imana ntiyemera ko uza gushaka uwundi, uwo nyene niwe azoba umugore wawe, naho mwoba mutaciye imbere ya musitanteri canke umukuru w’idini.  Ni waba uri umwigeme, uwo muhungu azoba umugabo wawe. Niryo tegeko ry’Imana.

Hariho abantu benshi rero bibesha, bakaryama bagasinzira ngo bari mu kuri, ariko bagiye gusezerana n’abagore babo imbere ya Reta n’imbere y’ishengero bamaze kuryamana n’abakobwa batagira igitigiri. Umukobwa akaba yararyamanye n’abasore mirong’ itanu, akaja gusezerana n’uwa mirongw’itanu n’umwe? Ushaka, usezerane, wambare impeta, ariko imbere y’Imana, uguma witwa umusambanyi. «  Har’urunganwe rw’abantu bibwira ko batunganye, ariko ntibuhagiwe imyanda yabo (Imigani 30: 12). Nuko, « Igihe kirashitse, ubwami bw’Imana buri hafi, ni mwihane, mwemere ubutumwa bwiza (Mariko 1: 15), mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans : Non classé | le 5 janvier, 2017 |Pas de Commentaires »

UBUDASA HAGATI YO KWIZERA IMANA YA YESU NO KWIZERA IMANA ZO MW’IDINI

 

IMANA YA YESU ITANDUKANIYE HEHE N’IMANA IVUGWA N’ABAPADIRI N’ABAPASITORI ?

Mpwemu Yera arabivuga atabihisha ati: « Dusubire ku Vyagezwe no kuri vya Bishingantahe. Ni batavuga ibihwanye navyo, bazoba mu bgirantibuce. (Yesaya 8: 20). Uyu Mpwemu yabanye na Yesu mu buzima bwiwe bwose akiri ngaha kw’isi, niwe yatumye Yesu abaza abanyedini ati: : « None mweho, n’iki catumye murenga itegeko ry’Imana kubw’imigenzo yanyu? (Matayo 15: 3). Iyi Mana ya Yesu izirana no kwivuguruza, ntiyemera ko itegeko ryayo rihinduka naho vyoba vyemejwe n’isi yose. Yesu ntiyigeze yemera inyigisho zishira hejuru amadini zitababaye gushira hejuru ukuri. Yabwiye idini n’abavugabutumwa baryo ngo : « mwa ndyarya mwe, kuko mukwiragira mu kiyaga no ku misozi ngo muhindure n’umwe abe uw’idini yanyu; iy’ahindutse, mutuma abarusha kabiri kuba umwana wa Gehinomu (Matayo 23: 15).

Iyi Mana yaremye urugo rwa mbere hano kw’isi, irushira mw’itongo ryo muri Edeni irubera Imana narwo ruba urugo rwayo. Maz’Iman’irabahezagira iti Ni murondoke, mugwire mwuzure isi muyiganze (Itanguriro 2: 28). Afficher l'image d'origineIyo Mana,  niyo yipfuza kuba n’Imana yo mu rugo rwawe. Iyo Mana yahise ibaha ibifungurwa barya, it‘Ehe ndabahaye ivyatsi vyose vyama utubuto biri  kw’isi yose, n’igiti cose cama ivyamwa birimwo imbuto zavyo, bibabere ivyokurya vyanyu (Itanguriro 1: 29). Imaze kurema urwo rugo rwa mbere rwiza kandi rweranda, n’ukw’Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane. Buragoroba buraca, uwo n’umusi wa gatandatu (Itanguriro 1: 31).

Ku musi ugira indwi Imana inonosora ibikorwa vyayo yakoze, iruhuka ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo vyose yakoze. Nukw’Imana ihezagira uwo musi w’indwi, iraweza, kukw’ariwo Imana yaruhukiyeko ibikorwa vyayo vyose yaremye kandi yakoze (Itanguriro 2: 2-3). Imana imaze kurema aba bantu, ikabahezagira, ikabagaburira, ikabaha n’isabato, yaciye ibaha n’igikorwa bakora.  » Uhoraho ajana wa muntu, amushira mw’itongo ryo muri Edeni ngw’aririme arizigame (Itanguriro 2: 15). Ibi nivyo urugo rwiyubasjhe, kandi rwubaha Imana rukwiye kwama ruzirikana. Urwo rugo rugizwe no kwizera ko Imana ariyo Mwami w’urugo, rukamenya ko rugomba kurya kuvyo Imana irufunguriye buri musi, rukaruhuka isabato y’Imana, kandi rukaba urugo rw’abakozi atari abanebwe.

Ingo z’abantu bataruhuka isabato ntaco zipfana n’ingo z’abantu b’Imana. Mu rugo rweranda rw’i Nazareti, bose barasenga, kandi bagasoma ijambo ry’Imana kandi bagakora. Yesu, yari yamenyerejwe na Yosefu na Mariya kuja ku rusengero kw’isabato, kuva mu bwana bwiwe. « Aja i Nazareti iyo yakuriye; ku musi w’isabato, yinjira mw’isinagogi nkuko yamenyereye, ava hasi ngw’asome (Luka 4: 16).

Urugo ntiruba rwiza kubera ko rutagiramwo imishwano, canke ngo rube rwiza kubera ko rwuzuye abana, inka n’amahera n’ivyokurya. Urugo rugirwa rwiza no kwubaha amategeko y’Uhoraho gusa. Abrahamu na Sara nta bana bari bafise, ariko Imana yaragendera urugo rwabo. Yesu-Kristu, kandi Yesu-Kristu yabambwe, ni we aha urugo rumukunda kwihanganirinira, bakarinda ibibagerageza vyose: ubukene, ingwara, insaku zo mu kibano n’ibindi, « bakemera kw’ari aba kavantara. Abavuga bartyo baba berekana ko barondera igihugu cabo bwite » (Abaheburayo 11: 14-15). Ni vyagenda gurtyo, « Abana bawe bazokikiza ameza yawe bameze nk’imitwe y’uruyuzi. Uko niko umuntu yubaha Imana azohirwa(Zaburi 127: 3-4).

Ibi ntibisaba ngo twarasezeranye imbere y’amategeko, ahubwo bisaba ngo « naragukunze nawe urankunda ». Kuko hariho n’abasezeranye imbere y’amategeko binanira. Mfise vyinshi novuga kur’iyo ngingo, ariko nzobivuga mu cigisho kizokurrikira, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

 

Publié dans : Non classé | le 2 janvier, 2017 |Pas de Commentaires »

A TWOFOLD LIFE

A Twofold Life

And take heed to yourselves, lest at any time your hearts be overcharged with surfeiting, and drunkenness, and cares of this life, and so that day come upon you unawares. For as a snare shall it come on all them that dwell on the face of the whole earth. Watch ye therefore, and pray always, that ye may be accounted worthy to escape all these things that shall come to pass, and to stand before the Son of man (Luke 21: 34-36)

In this age, just prior to the second coming of Christ in the clouds of heaven, such a work as that of John [the Baptist] is to be done. God calls for men who will prepare a people to stand in the great day of the Lord…. In order to give such a message as John gave, we must have a spiritual experience like his. The same work must be wrought in us. We must behold God, and in beholding Him lose sight of self.—Testimonies for the Church 8:332, 333 (1904).

Communion with God will ennoble the character and the life. Men will take knowledge of us, as of the first disciples, that we have been with Jesus. This will impart to the worker a power that nothing else can give. Of this power he must not allow himself to be deprived. We must live a twofold life—a life of thought and action, of silent prayer and earnest work.—The Ministry of Healing, 512 (1905) (EGW, Last Days Events, pg. 63)

Publié dans : Non classé | le 31 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (9)

WA MUNTU UKUNDA  GUTERWA UBWOBA N’IGITSURE C’ABO UYOBORA, URAFISE INGORANE  NK’IZA PILATO

Ariko baramukoranira bavuza urwamo n’amajwi arenga, bamuhata ko Yesu abambwa, amajwi yabo aramuganza. Nuko Pilato aca urubanza ngo icyo bashaka bagihabwe:

abohora uwashyizwe mu nzu y’imbohe bam3uhora ubugome n’ubwicanyi kuko niwe bashaka ko arekurwa, maze atanga Yesu ngo bamugire uko bashaka (Luka 23: 23-25).
Iri jambo dusomye, rivuze neza ko aba bansi ba Yesu bakoraniye kuri Pilato bavuza urwamo n’amajwi arenga. Bashirako n’agahato ngo Yesu abambwe. Mpwemu Yera ntako atagize ngo afashe Pilato kugira ngo ntakore ibara, ariko ubwoba bwo gutinya ingabo n’ubwo gukurwa mu kazi, biranka biramuganza. « 
Publié dans : Non classé | le 18 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »

KUKI EJO NTEGEREZWA KUJA KURUHUKIRA ISABATO KU RUSENGERO?

KUKI  NTEGEREZWA KUJA KURUHUKIRA ISABATO KU RUSENGERO?

Ijambo ry’Imana niryo rivyivugira ngo« Ejo uzoba umusi wo ku ruhuka, w’isabato irobanuriwe Uhoraho (Kuvayo 16: 23)Image result for temple adventiste ghana

None Yesu nawe yaragiye ku rusengero, araruhuka isabato? Canke vyarangiranye na Mose, canke vyarangiriye ku musaraba nkuko bamwe bavyigisha? Ijambo ry’Imana niryo  nyene rivyivugira ngo:  » (Yesu) aja I Nazareti, iyo yakuriye, ku musi w’isabato yinjira mw’isinagogi nk’uko yamenyereye… (Luka 4: 16). Benshi rero bakavuga ko yinjiye mw’isinagogi ngo akize abantu, kandi ngo kw’isabato yemereye intumwa ziwe kumyoza ingano zo guhekenya. Ivyo rero ngo vyerekana ko Yesu atigeze yitaho isabato yo mu mategeko cumi. Ariko iyo nsiguro ntifashe. Gukiza umuntu kw’isabato canke kumuramira aguye mu kaga ntibitubuza guhimbaza isabato neza. Kuko ubuhanuzi bwari bwaravuze ko Yesu w’ukuri azokora gurtyo nyene, mur’ayamajambo, yerekeza kw’isabato ngo:  »Ni wakura ugutwaza igitugu hagati muri wewe, no gutungira abandi urutoke, n’ibiyago bibi, ugahebera umushonji ivyo wari kurya, ugahaza impahazwa umuco wawe uzorasira mu mwiza, kand’umwiza wawe uzohinduka nko ku murango. Ni wakura ikirenge cawe ngo ntukandagire isabato, ukarika gukora ivyo wigombeye ku musi wanje wera, mbere umusi wanje wera ukawita uw’icubahiro, ukawubaha ntukore ivyo ugomba ubwawe, ntiwironderere gukora ivyawe, ntiwirirwe mu bijandijandi vy’ubusa, n’uko uzonezererwa jewe Uhoraho…(Yesaya 58: 9, 10, 13, 14). Uwo Yesu wundi yazanywe n’amadini atagira isabato canke ngo yubahirize itegeko na rimwe, ni Yesu wa magendo.

 

Uko niko Yesu yigenjeje, yararetse abantu bararya kuko bashonje, akiza ingwara, yirukana abadayimoni, agwanira ukuri kwari kwarazimanganye mw’ishengero ry’Imana kubera Abafarisayo n’Abasadukayo. Niko kuvuga atary’umunwa ati: « Nico gituma Umwana w’umuntu ar’umwami w’isabato nayo (Mariko 2: 28). Kuko Abayuda bari bihaye ububasha bwo kwerekana ibikwiye gukorwa n’ibidakwiye gukorwa kw’isabato yabo. Yar’isabato yabo kuko ntiyar’igihuje n’iyo Imana yari yibukije Mose n’Abahanuzi. Abayuda bageze n’aho bababazwa n’ivyo Umwami w’isabato akoze nkuko Se yabimutumye:  »Umukuru w’isinagogi yitonganiriza ivy’uko Yesu akijije umuntu kw’isabato, abwira abantu, ati: Hariho imisi itandatu ikwiye gukorwako ibikorwa, abe ariyo muzako mukizwe, ariko atari ku musi w’isabato (Luka 13: 14). We yibajije ku azi kwubahiriza imisi y’akazi n’umusi w’isabato gusumba Yesu, ntiyiyumvisha ko Yesu yari kumwe na Se igihe isabato yashirwaho. » Uwo yahoranye n’Imana ubwambere na mbere vyose vyaremwe nawe. Ijuru n’isi binonosorwa kuremwa hamwe n’ibirimwo vyose vy’isinzi. Ku musi ugira indwi, Imana inonosora ibikorwa vyayo yakoze; iruhuka ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo vyose yakoze. Nukw’Imana ihezagira uwo musi ugir’indwi iraweza, kukw’ariwo Imana yaruhukiyeko ibikorwa vyayo vyose, ivyo yaremye kandi yakoze (Yohani 1: 2; Itanguriro 2: 1-3). No muguheraheza igikorwa ciwe mu kudupfira ku musaraba niko vyagenze:  »Hari ku musi wo kwitegura isabato igira ishike (Luka 23: 54) Kandi yarayiruhutse neza mu cobo, yifatanije n’Intumwa ziwe mu kababaro: « Basubira inyuma, bategura ibimota neza, kandi ku musi w’isabato bararuhuka nkuko vyategetswe (Luka 23: 56). Nico gituma intumwa Paulo avuga ati:  » Yaragamburutse gushitsa no ku rupfu, ndetse ku rupfu rw’umusaraba (Abafilipi 2: 8).

 

Ariko ba Bayuda bahora bamutuka ngo yica isabato, uwo musi barabuze amahoro, ntibaruhutse, ntibagiye ku rusengero, ah’ubwo bagiye kwifadikanya na Pilato umupagani:  »Bukeye bwaho, niwo musi wakurikira uwo kwitegura (kw’isabato), abaherezi bakuru n’Abafarisayo bakoranira kwa Pilato, baramubwira bati » Mugenzi, twibutse ko wa mubeshi akiriho yagize ati: « imisi itatu iheze nzozuka. Nuko n’utegeke barinde imva gushika ku musi ugira gatatu, kugirango abigishwa biwe ntibaze kumwiba, bakabwira abantu ngo yazutse mu bapfuye, maze ikinyoma co hanyuma coruta ica mbere. Pilato arababwira ati:  » Abarinzi ngabo ni mubajane, muyirindishirize uko mushaka. Nuko baragenda barindisha imva, ca kibuye bagihoma ko ishashara, bayidomako ikimenyetso, abo barinzi babona (Matayo 27: 62-66).

Niba wasomye neza iryo teraniro ryabereye kwa Pilato ryabaye kw’isabato, riza gusozwa no gusunika amabuye no gutanga akazi kw’isabato. Kuko iyo inyungu z’idini canke z’igihugu zibangamiwe, abanyedini ntibagira isoni zo kwica amategeko y’Imana, bakifatanya n’abanyapolitike kugira ngo ntibatakaze icubahiro. Ejo ni wumva abapasitori canke abapadiri bo mu mashengero ahakana isabato, ariko akemera dimanche yakomotse mu gipagani, ni wumva bifadikanya n’abandi gukora kw’isabato, ntuze utangare, iyo n’impwemu mbi yatanguye kwigabiza abayobozi gito b’ishengero mur’ico gitondo, mu rugo kwa Pilato. Abana b’Imana bo, twasomye ngo : » kandi ku musi w’isabato bararuhuka nkuko vyategetswe (Luka 23: 56). Muri make rero, «  »Ejo uzoba umusi wo ku ruhuka, w’isabato irobanuriwe Uhoraho (Kuvayo 16: 23). Urafise uburenganzira bwo kuja  »gukoranira kwa Pilato » (Matayo 27: 62), canke  »ukaruhuka nkuko vyategetswe » (Luka 23: 56). Kuko ubutumwa barabivuga neza ngo:  »mu misi itandatu abe ariho ibikorwa bikorwa, ariko ugira indwi, n’isabato yo kuruhuka bihebuje, n’ikoraniro ryera (Abalewi 23: 3). Bazokubwira ngo mu Baheburayo 4: 7, ngo havuga ngo « Imana yongera gutoranya uwundi musi, niwo w’uyu musi ». Uwo murongo ntuvuga umusi w’amasaha 24, uvuga igihe tugezemwo mur’iyi misi. Paulo nawe, kugirango ntihaze hagire abamutahura nabi, yaciye abisobanura hepfo ngo:  » Nuko rero ubu hariho uburuhukiro bw’isabato bubikiwe abantu b’Imana (Abaheburayo 4: 9). Bibliya ikaba ivuga ko Eliya yabaye « umuntu w’Imana » kuko yubahirije amategeko yayo (1Abami 18, 18-22), Paulo kandi n’uko yigenjenje, yarayubahirije (Abaroma 3: 31, 1Abakorinto 7: 19 n’ahandi henshi). Intumwa n’abigiswa ba mbere ba Yesu bose baruhutse isabato, n’amashengero bari bayoboye (Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13-15 harabivuga neza.

Ivyo bakubwira ngo « isabato yar’iy’Abayuda », ubu na wewe uriyumviye ukuntu Abayuda bagize isabato yabo, wumvise n’ukuntu abigiswhwa ba Yesu uko bagize iyabo. Hitamwo uruhande uhereramwo. Nta ruhande rwa dimanche ruriho mw’ijambo ry’Imana. Imirongo ya Bibliya yose ayo mashengero atanga ngo agumize abantu muri dimanche, bayihabwa n’iyo mpwemu mbi yakoreye mu rugo kwa Pilato mur’ico gitondo. Iyo mpwemu yakoreye mu rugo rwa Pilato, niyo yigishije abantu guharura ngo ku musi w’indwi ni kuri Dimanche. Imana dusenga ariyo Mana ya Yesu na Mose na Paulo, yo yatubwiye  ngo: Kandi muze muharure imisi muhereye kur’uwo musi nyene ukurikira isabato (Abalewi 23: 15).Erega, Satani nawe arazi imirongo ya Bibliya, mbere arayikurusha,  »Kand’ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco, N’uko s’ikigoye kw’abakozi biwe nabo bigira nk’abakozi b’ukugororoka, iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo (2Abakorinto 11: 14-15). Iki n’igihe co guhitamwo, s’igihe co gufyina, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

TUGUHAYE IKAZE MU NZU Y’IMANA KUR’IYI SABATO. URAFISE IKIBANZA KIKURINDIRIYE MW’ISHURE RY’ISABATO. TUZIGA IGITABO CA YOBU, KW’ISI YOSE!

Publié dans : Non classé | le 7 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »

KUKI EJO NTEGEREZWA KUJA KUHUKIRA ISABATO KU RUSENGERO?

IGIHE CO GUSENGERANIRA

Kur’uwu mugoroba, kuva sakumi na zibiri z’umugoroba ku musaha y’i Bujumbura/Kigali.

KUKI EJO NTEGEREZWA KUJA KURUHUKIRA ISABATO KU RUSENGERO?

Ijambo ry’Imana niryo rivyivugira ngo« Ejo uzoba umusi wo ku ruhuka, w’isabato irobanuriwe Uhoraho (Kuvayo 16: 23). Ubwo Yesu nawe yararuhutse iyo sabato? Canke vyarangiranye na Mose nkuko bamwe bavyigisha, abandi ngo vyarangiriye ku musaraba? Iki cigisho kirakubwira vyose.

Image result for les dix commandements

Ijambo ry’Imana niryo rivyivugira ngo:  » (Yesu) aja I Nazareti, iyo yakuriye, ku musi w’isabato yinjira mw’isinagogi nk’uko yamenyereye… (Luka 4: 16). Benshi rero bakavuga ko yinjiye mw’isinagogi ngo akize abantu, kandi ngo kw’isabato yemereye intumwa ziwe kumyoza ingano zo guhekenya. Ivyo rero  ngo vyerekana ko Yesu atigeze yitaho isabato yo mu mategeko cumi. Ariko iyo nsiguro ntifashe. Gukiza umuntu kw’isabato canke kumuramira aguye mu kaga ntibitubuza guhimbaza isabato neza. Kuko ubuhanuzi bwari bwaravuze ko Yesu w’ukuri azokora gurtyo nyene, mur’ayamajambo, yerekeza kw’isabato ngo: « Ni wakura ugutwaza igitugu hagati muri wewe, no gutungira abandi urutoke, n’ibiyago bibi,  ugahebera umushonji ivyo wari kurya, ugahaza impahazwa  umuco wawe uzorasira mu mwiza, kand’umwiza wawe uzohinduka nko ku murango. Ni wakura ikirenge cawe ngo ntukandagire isabato, ukarika gukora ivyo wigombeye ku musi wanje wera, mbere umusi wanje wera ukawita uw’icubahiro, ukawubaha ntukore ivyo ugomba ubwawe, ntiwironderere gukora ivyawe, ntiwirirwe mu bijandijandi vy’ubusa, n’uko uzonezererwa jewe Uhoraho…(Yesaya 58: 9, 10, 13, 14). Uwo Yesu wundi yazanywe n’amadini atagira isabato canke ngo yubahirize itegeko na rimwe, ni Yesu wa magendo.

 

Uko niko Yesu yigenjeje, yararetse abantu bararya kuko bashonje, akiza ingwara, yirukana abadayimoni, agwanira ukuri kwari kwarazimanganye mw’ishengero ry’Imana kubera Abafarisayo n’Abasadukayo. Niko kuvuga atary’umunwa ati: « Nico gituma Umwana w’umuntu ar’umwami w’isabato nayo (Mariko 2: 28). Kuko Abayuda bari bihaye ububasha bwo kwerekana ibikwiye gukorwa n’ibidakwiye gukorwa kw’isabato yabo. Yar’isabato yabo kuko ntiyar’igihuje n’iyo Imana yari yibukije Mose n’Abahanuzi. Abayuda bageze n’aho bababazwa n’ivyo Umwami w’isabato akoze nkuko Se yabimutumye: « Umukuru w’isinagogi yitonganiriza ivy’uko Yesu akijije umuntu kw’isabato, abwira abantu, ati: Hariho imisi itandatu ikwiye gukorwako ibikorwa, abe ariyo muzako mukizwe, ariko atari ku musi w’isabato (Luka 13: 14). We yibajije ku azi kwubahiriza imisi y’akazi n’umusi w’isabato gusumba Yesu, ntiyiyumvisha ko Yesu yari kumwe na Se igihe isabato yashirwaho. » Uwo yahoranye n’Imana ubwambere na mbere vyose vyaremwe nawe. Ijuru n’isi binonosorwa kuremwa hamwe n’ibirimwo vyose vy’isinzi. Ku musi ugira indwi, Imana inonosora ibikorwa vyayo yakoze; iruhuka ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo vyose yakoze. Nukw’Imana ihezagira uwo musi  ugir’indwi iraweza, kukw’ariwo Imana yaruhukiyeko ibikorwa vyayo vyose, ivyo yaremye kandi yakoze (Yohani 1: 2; Itanguriro 2: 1-3). No muguheraheza igikorwa ciwe mu kudupfira ku musaraba niko vyagenze: « Hari ku musi wo kwitegura isabato igira ishike (Luka 23: 54) Kandi yarayiruhutse neza mu cobo, yifatanije n’Intumwa ziwe mu kababaro: « Basubira inyuma, bategura ibimota neza, kandi ku musi w’isabato bararuhuka nkuko vyategetswe (Luka 23: 56). Nico gituma intumwa Paulo avuga ati:  » Yaragamburutse gushitsa no ku rupfu, ndetse ku rupfu rw’umusaraba (Abafilipi 2: 8).

 

Ariko ba Bayuda bahora bamutuka ngo yica isabato, uwo musi barabuze amahoro, ntibaruhutse, ntibagiye ku rusengero, ah’ubwo bagiye kwifadikanya na Pilato umupagani: « Bukeye bwaho, niwo musi wakurikira uwo kwitegura (kw’isabato), abaherezi bakuru n’Abafarisayo bakoranira kwa Pilato, baramubwira bati » Mugenzi, twibutse ko wa mubeshi akiriho yagize ati: « imisi itatu iheze nzozuka. Nuko n’utegeke barinde imva gushika ku musi ugira gatatu, kugirango abigishwa biwe ntibaze kumwiba, bakabwira abantu ngo yazutse mu bapfuye, maze ikinyoma co hanyuma coruta ica mbere. Pilato arababwira ati:  » Abarinzi ngabo ni mubajane, muyirindishirize uko mushaka. Nuko baragenda barindisha imva, ca kibuye bagihoma ko ishashara, bayidomako ikimenyetso, abo barinzi babona (Matayo 27: 62-66).

Niba wasomye neza iryo teraniro ryabereye kwa Pilato ryabaye kw’isabato, riza gusozwa no gusunika amabuye no gutanga akazi kw’isabato. Kuko iyo inyungu z’idini canke z’igihugu zibangamiwe, abanyedini ntibagira isoni zo kwica amategeko y’Imana, bakifatanya n’abanyapolitike kugira ngo ntibatakaze icubahiro. Ejo ni wumva abapasitori canke abapadiri bo mu mashengero ahakana isabato, ariko akemera dimanche yakomotse mu gipagani, ni wumva bifadikanya n’abandi gukora kw’isabato, ntuze utangare, iyo n’impwemu mbi yatanguye kwigabiza abayobozi gito b’ishengero mur’ico gitondo, mu rugo kwa Pilato. Abana b’Imana bo, twasomye ngo : » kandi ku musi w’isabato bararuhuka nkuko vyategetswe (Luka 23: 56).  Muri make rero, «  »Ejo uzoba umusi wo ku ruhuka, w’isabato irobanuriwe Uhoraho (Kuvayo 16: 23). Urafise uburenganzira bwo kuja « gukoranira kwa  Pilato » (Matayo 27: 62), canke « ukaruhuka nkuko vyategetswe » (Luka 23: 56). Kuko ubutumwa barabivuga neza ngo: « mu misi itandatu abe ariho ibikorwa bikorwa, ariko ugira indwi, n’isabato yo kuruhuka bihebuje, n’ikoraniro ryera (Abalewi 23: 3). Bazokubwira ngo mu Baheburayo 4: 7, ngo havuga ngo « Imana yongera gutoranya uwundi musi, niwo w’uyu musi ». Uwi murongo ntuvuga umusi w’amasaha 24, uvuga igihe tugezemwo mur’iyi misi. Paulo nawe, kugirango ntihaze hagire abamutahura nabi, yaciye abisobanura hepfo ngo:  » Nuko rero ubu hariho uburuhukiro bw’isabato bubikiwe abantu b’Imana (Abaheburayo 4: 9). Bibliya ikaba ivuga ko Eliya yabaye « umuntu w’Imana » kuko yubahirije amategeko yayo (1Abami 18, 18-22), Paulo kandi n’uko yigenjenje (Abaroma 3: 31, 1Abakorinto 7: 19 n’ahandi henshi). Intumwa n’abigiswa ba mbere ba Yesu zbse baruhutse isabato, n’amashengero bari bayoboye (Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13-15 harabivuga neza.

Ivyo bakubwira ngo « isabato yar’iy’Abayuda », ubu na wewe uriyumviye ukuntu Abayuda bagize isabato yabo, wumvise n’ukuntu abigiswhwa ba Yesu uko bagize iyabo. Hitamwo uruhande uhereramwo. Nta ruhande rwa dimanche ruriho mw’ijambo ry’Imana.  Imirongo ya Bibliya yose ayo mashengero atanga ngo agumize abantu muri dimanche, bayihabwa n’iyo mpwemu mbi yakoreye mu rugo kwa Pilato mur’ico gitondo. Erega, Satani nawe arazi imirongo ya Bibliya, mbere arayikurusha, « Kand’ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco, N’uko s’ikigoye kw’abakozi biwe nabo bigira nk’abakozi b’ukugororoka, iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo (2Abakorinto 11: 14-15). Igi n’igihe co guhitamwo, s’igihe co gufyina, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

TUGUHAYE IKAZE MU NZU Y’IMANA KUR’IYI SABATO. URAFISE IKIBANZA KIKURINDIRIYE MW’ISHURE RY’ISABATO. TUZIGA IGITABO CA YOBU, KW’ISI YOSE!

ABO DUSENGERA
Abagiye ku mavi bagasengera Mukamukiza Lea, ntimucike intege, ni mubandanye kuko nawe afadikanije namwe iyo ntambara y’umusaraba. Uwitwa Laina nawe ngw’akeneye gusengerwa. Dusengere mushiki wacu Annick yipfuza kubona aho yoshobora kwiga hakamuha n’uburyo bwiza bwo kubandanya kuruhuka isabato y’Imana. Dufise n’abandi bari bamaze kwemera ubutumwa bwiza bakaba bagiye gutangura ishule, ariko bakeneye ko twobashikira mu masengesho. Dufise umutwaro ukomeye wo gusengera mwene Data Cedric, kugirango Uhoraho yiheshe icubahiro mu rubanza yagiyemwo uwu musi, maze Mpwemu Yera avugire mu bacamaza, ukuri kumenyekane ku vyerekeye uwo mwene Data (Urubanza rwabaye uwu musi, kuko hirya y’ejo bararusibije). Dusengere n’uwitwa Annie Jacqueline yatanguye umwaka w’ishule yipfuza no guhinduka mu buzima kugirango abe umukobwa w’Imana vy’ukuri. Na Revocato na Richard, nabo umugambi ni nk’uyo, tubasengere, Dusengere Mechak, kugira ubutumwa bugere mu karere arimwo kugirango aronke bene Data baruhukana isabato. Dusengere Nestor  Ganzamukama agifate ingingo yo kuj’imbere. Dusengere bene Data na bashiki bacu bose batanguye umwaka w’ishule kugirango bahagararire Imana mu rundi rwaruka nkuko Daniyeli na bagenzi biwe babaye i Babuloni. Ni ku mugoroba, twese tuzoba turi kumwe mu buryo bw’impwemu mu masengesho. Iman’ibahezagire.

 

Publié dans : Non classé | le 30 septembre, 2016 |Pas de Commentaires »

IGIHE CO GUSENGERANIRA, ITARIKI 28/09/2016

 

IGIHE CO GUSENGERANIRA:

Ku mugoroba igihe c’isaha 12 ku masaha y’i Bujumbura/Kigali

IGITABO CA YOBU.

IGIHE CO GUSENGERANIRA, ITARIKI 28/09/2016 Guadadvent_Lecon_Sabbat_Le_Livre_De_Job

Icitonderwa: Iki cigisho cisunga ivyiyumviro biri  mu gitabo c »ishule ry’Isabato mu gifransa. Abamaze kukironka mu Kirundi/mu kinyarwanda, vyoba vyiza musomye mu bitabo vyanyu, kuko jewe nahinduye mu ndimi zacu gusa. Hariho n’amajambo nongeyemo kugirango mfashe abatamenyereye ivyo vyigisho. Imirongo ya Bibliya yavuye muri Bibliya y’ikinyarwanda, ariko nagerageje kuyandika ku buryo abarundi bayitahura. Abafise Bibliya, koresha Bibliya zanyu. Mugire akamenyero ko kwiga ico gitabo muri kumwe n’abagenzi banyu, kizobasigira umugisha.

UBWAMI BUZOHERUKIR’UBUNDI

Bibliya n’igitabo kivuga ivy’amateka yabaye. Ariko kandi ntitwovuga kw’ari gitabo ca kahise. Bibliya itwiganira ivyabayeho, vyashikiye ab’igihe cahise, ikabitwereka ngo tubifatireko mu kwiga ivya Mpwemu. Bibliya ikoresha ivyabaye ko itwigisha « ukuri ku kuntu tugomba kubaho mur’iki gihe.  Ibyo byababereyeho kutubera akabarore, kandi byandikiwe kuduhugura twebwe abasohoreweho n’imperuka y’ibihe (1Abakorinto 10: 11). Ariko Bibliya ntivuga kahise gusa. Iravuga na kazoza ikatubwira n’ibizoba mu gihe c’iherezo. Abahinga mu vy’iyobokamana bakunda gukoresha ijambo « imperuka » rivugwa cane muri Bibliya, iyo bashaka kuvuga, wa musi w’urubanza turaririye twese, ukuja mw’ijuru, canke mu muriro. Ariko iryo jambo rirashobora no gusobanura ivyizigiro dufise vyo kuzobona ubundi bugingo busha mw’isi nsha, rikatwibutsa n’ibindi vyinshi bizoshika nyuma y’ubu bugingo bubi dufise mur’iyi si. Mu vy’ukuri igitabo tugiye kwiga ca Yobu kirangiza inkuru yaco kivuga urupfu rwa Yobu, ariko iyo kiba arico kimwe co nyene kirangiza Bibliya, nta vyizigiro twogize. Twohavuye tuvuga ko Yobu  yizigiye kuzuka, amaherezo agapfa, kandi Imana ntiyereke abasigaye ko ivyizigiro vya Yobu vyari bifise ishingiro.

Ariko Imana ishimwe, kuko Bibliya iratwereka neza ko kw’iherezo ry’ibihe, hazoba ubwami butazogira ihererezo buzoshirwaho n’Imana, niho abakijijwe bose bazibera mu mudendezo. Ubwami bwose bwo ngaha kw’isi buhinda buhera, ariko ubwami tuzohabwa buzohoraho.  Dusoma mu gitabo ca Daniyeli ngo: « Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mu ijuru izimika ubundi bwami butazigera buhera, kandi ubutware bwabwo ntibuzosubirirwa n’ubundi , ahubwo buzomenagura ubwo bwami bwose bubukureho kandi bwo buzahoraho ibihe vyose. (Daniyeli 2: 44). Ariko abera b’Isumbabyose bazahabwa ubwo bwami babuhindūre, bube ubwabo iteka ryose.’(Daniyeli 7: 18)
Uwu murongo wo muri Daniyeli 7: 18, mbese wumva ata vyizigiro ugusigiye?  

Umugambi wo kuducungura uzogaragara neza ko kwar’ukugira ngo dukoranirizwe mu rukundo rw’Imana. Ivyo icaha cagiye conona vyose bizosubira kuba vyiza. Umuntu azocungurwa vy’ukuri, kandi n’iyi si ihinduke ingoro, ikirimba gihoraho c’abacunguwe. Satani azomaramara ni yabona yamaze iyi myaka 6000 yose  arwana ngo yigarurire isi, azobona ko yarwaniye ubusa. Iryavuzwe rizotaha, ngo:  » Abera b’Iman’Isumba vyose bazobona ubwami, kandi buzoba ubwabo imyaka n’imyaka

 N’uko rero n’aho igitabo ca Yobu kirangizwa n’inkuru y’urupfu rwiwe; inkuru nziza kuri twebwe no kuri Yobu nyene, n’uko iherezo ry’igitabo ca Yobu atar’iherezo ry’amatyeka ya Yobu. Na twebwe, urupfu rwacu siryo herezo ry’amateka yacu (Ellen G. WHITE, Abakera n’Abahanuzi, urupapuro 136)
Iki cigisho cisunze ibivugwa mw’ishule ry’isabato ry’abakuze ryo mur’iki cumweru. Ni waba ushaka gufatanya na bene Data ivyizigiro vyo kubona ubwo bwami buzohoraho, ndakwinginze kandi ndagusengera ngo ntuze usibe kwifadikanya n’ubwoko bw’Imana kur’iyi sabato, kugira ngo uze umenye vyinshi ku gitabo ca Yobu. Nico tuziga gushika mu kwezi kwa 12 ariko Kigarama/Ukuboza
IVYO DUSENGERA
Abagiye ku mavi bagasengera Mukamukiza Lea, ntucike integer, ni mubandanye kuko nawe afadikanije namwe iyo ntambara y’umusaraba. Uwitwa Laina nawe ngw’akeneye gusengerwa.
Nanje ubwanje, ndashimiye cane abantu bose bumvise ko ngwaye bakansengera, abandi bakanyandikira bandemesha, ubu bitangiye kworoha.
Dusengere mushiki wacu Annick yipfuza kubona aho yoshobora kwiga hakamuha n’uburyo bwiza bwo kubandanya kuruhuka isabato y’Imana. Dufise n’abandi bari bamaze kwemera ubutumwa bwiza bakaba bagiye gutangura ishule, ariko bakeneye ko twobashikira mu masengesho,
Dufise umutwaro ukomeye wo gusengera mwene Data Cedric, kugirango Uhoraho yiheshe icubahiro mu rubanza yagiyemwo uwu musi, maze Mpwemu Yera avugire mu bacamaza, ukuri kumenyekane ku vyerekeye uwo mwene Data.
Abakoze igikorwa ciza co gusengera igihugu cacu c’Uburundi kugira ngo tugire amahoro ava ku Mana, ngirango ndabibutse ko tuzosubiramwo rya sengesho ryacu, kuwa nyuma (Vendredi,) aho benshi bita kuwa 5, ari wo wa 6 muri Bibliya.  Ku mugoroba sa kumi na zibiri zuzuye neza, mwese muze mube muri ku mavi aho muzoba muri hose. Ababishoboye uwo musi uze ube uwo kwiyiriza ubusa. Imana yaratwumviye muri vyinshi, n’ubu izotwumvira.
Tunezerwe hamwe n’abantu bariko baranezerwa kuko babonye imvura, murazi ko nayo twari twayisavye.
Nihaba hariho uwukeneye amasengesho y’uburyo ubw’aribwo bwose, n’abitumenyeshe, kuko vyaragaragaye ko dufise Imana yumvira abasavyi bayo, nta bundi bwoko bufise Imana yumva nk’iyacu. Mbese hari ihanga rikomeye rifise imana iriri hafi, nk’uko Uhoraho Imana yacu iba hafi yacu, iyo tuyambaje? (Gusubira mu Vyagezwe 4: 7)
Uhoraho abahe umugisha mwese bantu b’Imana, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu-Kristu. Amen
Publié dans : Non classé | le 28 septembre, 2016 |Pas de Commentaires »

UBUTUMWA BWAVUZWE NA YONA (6)

Ariko ivyo bishavuza Yona cane araraka. Asenga Uhoraho, ati Mbega, Uhoraho, sivyo navuze nkiri mu gihugu cacu? Nico catuma mpungira i Tarushishi, kuko namenye ko ur’Imana y’inyabuntu, yuzuy’imbabazi, itebakuraka, igiraikigongwecinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi. None rero Uhoraho ndakwinginze,pfuma unyica,kuko gupfakundutiye kubaho. Uhoraho aramubaza ati: Mbega ko uratse gurtyo, ugize neza? Nuko Yona ava mur’ico gisagara, yicara ku ruhande rwaco rw’iburasirazuba; aba ariho acaagasago, yicara muri ko mu gatutu, yiteze kuraba amaherezo yaco.

Maze Uhoraho ameza ikibonobono gitagarara y’aho Yona ari, kugirango kimubere igitutu ku mutwe, kimworohereze amagorwa yarimwo. Maze Yona agira umunezero mwinshi kubw’ico kibonobono. Ariko Imana itegeka igikogoshi ngo kirye ico kibonobono; buca cakabiranye. Maze izuba rirashe, Imana itegeka umuyaga w’indugumba, ng’uve I burasirazuba; izuba rinaga Yona mu mutwe, bituma ahinduka urusogosogo yisabira gupfa, ati  Gupfa vyondutira kubaho. Maze Imana ibaza Yona iti:  » Mbega ko urakijwe urtyo n’ico kibonobono utakoreye kand’utamejeje, cameze ijoro rimwe ku rindi gikuma, none jewe sinari nkwiye kugirira ikibabarwe Ninewe, ico gisagara kinini, kirimw’abantu ibihumbi ijana na mirongw’ibiri basaga, batazi gutandukanya ukuryo n’ukumoso; hakabamwo n’ibitunzwe vyinshi? (Yona 4: 1-11)

Image result for province de Ninive

Iyi nkuru ya Yona n’Imana ituma twoshobora kwibaza niba Imana atariyo yatumye Yona akora ibintu vy’ubupfu kenshi, ariko bikaruhira gukiza abantu. Bibliya ntiyibesha, « Kukw’Ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugirango kwihangana no guhumuruzwa guheshwa n’Ivyanditswe, biduhe kwizigira ibizoba (Abaroma 15: 4).

Iyi nkuru  ya Yona yiganjemwo ibidukikije vyinshi bigenda bifasha kugirango ubutumwa Imana yahaye Yona bukomeze inzira bushike kuco bwari butumbereye. Twarize ngo:  » abona ubwato buja I Tarushishi, atanga ikibuguro » (Yona 1: 3), umuyaga ukomeye (Yona 1: 4), ikiyaga (Yona 1: 4, 15),  Urufi runini (Yona 1: 17), ibikoko vyategetswe navyo kwiyiriza ubusa (Yona 3: 7 na 4; 17), n’ikibonobono (Yona 4: 6-10). Mur’ubu butumwa bwa Yona, Imana irashaka no kutwereka ko dutegerezwa gusonera ivyaremwe vyose, kuko bishobora kudufasha kuvuga ubutumwa no guhesha Imana icubahiro. Bibaye ngombwa, Imana izotwongera n’ibindi twokenera nk’uko Yona yongewe ico kibonobono n’iryo zuba ryamumenye umutwe kugira ngo igikorwa c’Imana kirusheho gusayangana, kandi ngo icubahiro c’Imana gikomeze kwigaragaza.

Guhunga kwa Yona no kwidoga kubera ukuntu abantu b’i Ninewe bakijijwe, ntivyabaye ku gushaka kwa Yona; vyabaye kubera twebwe. Yona igikorwa ciwe carashimwe, kandi n’ubu kiracavugwa, naco ubwaco kirivugira, kandi Mpwemu yashatse ko candikwa no ku mpapuro zera.  Yesu nawe yashingiye Yona intahe ngo: « Abagabo b’i Ninewe… bihanye aho bumviye ubutumwa bwavuzwe na Yona (Matayo 12: 41). « Ariko ivyo vyababayeho kugirango bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanura, twebwe abashikwako n’amaherezo y’ibihe (1Abakorinto 10: 11). Har’igihe woba ufise abantu utiyumvamwo canke utinya, ariko bakaba aribo Imana igutumako nkuko vyabaye kuri Yona. Ntuze wipfuze ko borimbuka batabonye imbabazi z’Imana, ah’ubwo ubinginge wihanganye n’ubugwaneza bwinshi buva kuri Mpwemu Yera. Iyi nkuru yaYona iherahezwa n’aya majambo ngo: « none sinari nkwiye kugirira ikibabarwe Ninewe, ico gisagara kinini, kirimwo abantu ibihumbi ijana na miringw’ibiri basaga, batazi gutandukanya ukuryo n’ukumoso, hakabamwo n’ibitunzwe vyinshi? (Yona 4: 17). Uhoraho  arazi neza ko hariho abantu babeshwe muri Ninewe y’iki gihe, ariyo dukunda kwita Babuloni.

Igisagara c’ I Babuloni nticari kure ya Ninewe cane, kandi nkuko Babuloni yatangujwe na Nimurodi, na Ninewe nyene yubatswe na Nimurodi (Itanguriro 10: 8-11).   Mur’iki gihe, intara ivyo bisagara vyarimwo ziri mu gihugu ca Irak. Mur’ivyo bisagara hakomotse idini ry’abasenga izuba, bakariha ibimazi ku wa mbere w’imisi indwi, ariryo ryavyaye aya mashengero avuga ngo n’ay’abakristu, agakorana kandi akaruhuka(nimba baruhuka) ku musi wo guseng’izuba (dimanche), ariko Yesu n’abavugishwa n’Intumwa ziwe, uwo musi ntibigeze bawuha agaciro, bari bazi isabato yo ku musi w’indwi. No mw’ijuru niyo izwi. Ariko igituma Babuloni ariyo ivugwa cane, n’ukubera ko Babuloni war’umurwa mukuru w’umwami. N’uwu musi benshi bavuga ngo Roma niyo Babuloni kuko ariho har’umurwa mukuru w’umwami mu  vy’amadini. Uhoraho yifashishije iyi shusho ya Ninewe kugirango yerekane ko n’amashengero menshi atazi kandi atemera ko ari muri Babuloni, ashobora kuba ay’i Ninewe. Ariko ari ababohewe mu nyigisho z’i Babuloni canke Ninewe, bose bakenewe kwumva ubu butumwa bwa Yona, kuko ntibuhisha bududurirako ngo:  » Hasigaye imisi mirongw’ine Ninewe igakomvomvorwa. Mbe iyo mubona aho ibihe bigeze ubu, mukaraba n’ibiba mur’iyi si, cane cane mu bigira ngo n’abayoboke ba Kristo, mubona hasigaye imisi ingahe ngo Ninewe hakokomvomvorwe? Ariko ni bihana bakagaruka k’Uhoraho, Yona yarabivuze neza ngo : « namenye ko ur’Imana y’inyabuntu, yuzuy’imbabazi  iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntikore ikibi (Yona 4: 2). Ariko none ko abantu banka kwumva, Uhoraho azokomeza gurtyo gushika na ryari? Oya, yavuze ngo: « ngirira ikigongwe abankunda bakitondera ivyagezwe vyanje (Kuvayo 20: 6). Ni mwaba munkunda muzokwitondera ivyagezwe vyanje (Yohani 14: 15). Aha niho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana no kwizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12). Nico umwami w’i Ninewe yasavye abanyagihugu biwe kugirango bakizwe, ngo: « umuntu wese areke inzira yiwe mbi, bareke n’umuryano uri muri muri bo (Yona 3: 8). Ubwo wewe ubwawe ntuhagaze mu nzira mbi, ya nzira yagutse y’i Ninewe na Babuloni, aho basenga izuba ku wa mbere w’imisi indwi, bakaririmba ngo barakijijwe? Ni murondere Uhoraho bigishoboka kw’abonwa, ni mumwambaze akiri hafi, umunyavyaha n’areke inzira yiwe, uwugabitanya n’areke ivyaha vyiwe, agaruke kw’Uhoraho nawe aramugirira ikigongwe, agaruke ku Mana yacu, kukw’ikunda guharira (Yesaya 55: 6-7). Kuko mur’ibi bihe bibi vy’imisi y’imperuka, « Har’urunganwe rw’abantu bibwira ko batunganye, ariko ntibuhagiwe imyanda yabo (Imigani 30: 12). Weho bite?

Publié dans : Non classé | le 15 septembre, 2016 |Pas de Commentaires »
12345...10

islamsoufi |
Jésus-Christ sauve |
SEMEZ MA PAROLE |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | J'aimerais devenir musulmane
| lemauxamandine
| Blog du niveau intermédiaire