NI WABA UR’UMWANA W’IMANA (2)

ICIGISHO CA KABIRI DUKURA MU BIGERAGEZO SATANI YAGERAGERESHEJE YESU MU BUGARAGWA/MU BUTAYU(Luka 4: 5)

Umwanzi/Umwansi aramuzamura amwereka ubwami bwose bwo mu isi mu kanya gato, aramubwira ati “Ndaguha ubu butware bwose n’ikuzo/icubahiro ryabwo, kuko ari jye wabugabanye/ nabuhawe kandi mbugabira uwo nshaka wese. Yesu aramusubiza ati “Handitswe ngo ‘Uramye/Usenge Uwiteka Imana yawe, abe ari yo ukorera yonyine.’ ” (Luka 4: 5-8)

Uwo mwansi yaduganye Yesu umusozi, ntiwibaze ngo wewe azokubabarira. Afise ukuntu yereka abahungu n’abakobwa ibibera mw’isi vyose uko ashatse mur’iki gihe, kandi benshi akababesha ko nabo bashobora kuvyitirirwa ni bamupfukamira bakamusenga. Hari benshi basigaye birirwa imbere ya za televiziyo zabo, barara baraba za videos, baraba amasanamu y’ibibera mu bihugu vyo hanze, ibibi n’ivyiza. Ubwo buryo bwo kwereka umuntu ubwami bw’isi yose mu kanya gato, Satani arabufise. Ariko nawe afise uwumurusha ubushobozi, nico gituma atashoboye kubukoresha mu myaka yose yamaze agwanya ingoma y’Imana. Iyi misi turimwo  ni mibi cane kuko ubu Satani yararekuriwe kubukoresha. No mur’urwo rugamba rwo kugusha abantu mu kaga akoresheje ubwo buhinga, aribwo benshi bita ITANGAZAMAKURU, Imana irabandanya kurwanya Satani, igatuma abantu bayo, gukoresha ubwo buhinga mu kuvuga ubutumwa ngo bagarure abahungu n’abakobwa b’Imana « kuko Umwansi yabamanukiye afise inzigo nyinshi, aziko afise igihe gito » (Ivyahishuwe 12: 12).

Mu mateleviziyo no kuri za internet, niho benshi bumvira amakuru yo mpande zine z’isi, bagashobora kubona, ukuntu abahinga mu vyo kwica bakora, ukuntu abagumutsi bagumukana abategetsi, ukuntu abasambana basambana ku buryo butigeze bubaho, iibinyoma vyose vy’abategetsi b’ibihugu canke b’amadini bakabibona bakavyumviriza, abantu bigira ibigirwamana bahabwa impundu nk’Imana yo mw’ijuru bakababona, abatamba bambay’ubusa n’ibindi vyinshi… Ibi bituma imitima ya benshi ihunga-bana, bakumva nabo bashaka kumera nkabo babona mu mashusho, cane cane iyo ibicumuro bikorwa bizana amafaranga menshi. Abakinyi b’umupira n’izindi nkino ba rurangiranwa barasengwa nk’Imana, amazina yabo niyo avugwa gusa, izina rya Yesu ntirivugwa. Abakobwa bazi kwambara ubusa bariko barakora ibirori, amasports, intambo, nibo bahabwa amashi menshi, nibo batahukana imiliyoni z’amadolari, noneho umwana wese akavuka ashaka kumera nka bakuru biwe abona ku mbonesha kure no kuri internet… Satani rero iyo yereka abahungu n’abakobwa bacu ivyo bintu, ababwira ngo: « Nuko numpfukamira ukandamya/ukansenga, buriya bwose buraba ubwawe.” (Luka 4: 7). Weho rero muntu w’Imana, ivyo bintu, ntukabijemwo. Kuko ubutumwa bwiza buvuga ngo: « Nuko ntimugafatanye na bo, kuko kera mwari umwijima none mukaba muri umucyo mu Mwami wacu. Nuko mugende nk’abana b’umucyo (Abefeso 5: 7-8).

Umwanya wataye uja gusenga abantu nkawe, ukiyita « umufana wabo », ndakwinginze ngo  wumve ko urya mwanya uzowubazwa ni wakomeza mur’iyo nzira mbi. « Ivyo ni vyo mwagenderamwo kera, nkukw’ivy’iyi si bigenda, mwumvira umwami w’abaganza ikirere, niwe mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa. Kandi natwe twese twahora muri bo kera mu kwifuza kw’imibiri yacu, tugakora ivyo imibiri n’imitima yacu bigomba, kandi mu kameremere kacu twar’abo kurakirwa nk’abandi bose (Abayefeso 5: 2-3). Sinkubujije kumviriza amakuru canke gusoma, ariko kwumviriza canke gusoma amakuru bisanzwe, no kwigira umugaragu canke « umufana ».

NI WABA UR'UMWANA W'IMANA (2) prayer-jesus

Abahungu bacu n’abakobwa bacu bakwiye kwirinda ico cose gituma bacika ibigirwamana mu bandi. Nico gituma na Yesu ca gihe yagaburira abantu ibihumbi bitanu,  atashaka na gato ko abantu bamwamamaza. We yar’aziko ar’Imana, ariko kubera wewe na jewe, yashaka kuduha iki cigisho, « Yesu amenye ko bagira bamufate ngo bamugire umwami, asubira ku musozi ari wenyene gusa. Ahejeje gusezera ishengero, aduga umusozi gusenga yiherereye. Bwagorovye ariyo wenyene gusa (Yohani 6: 15; Matayo 14: 23). Ndakwinginze ngo mu gihe uzobona ko abantu bagukunze, baguha icubahiro, ntuze wiyumve ko ur’agakomeye, ariko bigufashe kwiherera usenge ubwire Imana ko ariyo ikwiye ishimwe n’icubahiro cose. Amen.

Abantu barava muhira bakaza no mu nzu y’Imana bambaye nk’abagiye mu kabare, ngo n’abo mu bihugu vyateye imbere niko bambara. Kuko abo bantu baba baragiriraniye amasezerano na Satani yo kumusenga, kugirango bibonere ubutware n’ikuzo/icubahiro vyo mur’iyi si, ivyo guhesh’Iman’icubahiro ntaco biba bikibabwira. No mu rusengero, usanga umugabo canke umusore,  umugore canke umukobwa bambaye uko bishakiye kugirango babone ababakubitiza ko akajisho. Abo bantu bakaba igitsitaza mu materaniro, ahovuye umugisha hakava umuvumo. Bariya bantu wita abo mu bihugu vyateye imbere, Bibliya ibita abo mu bihugu vyasubiy’inyuma, mur’aya majambo ngo:  » Ubwiza bwawe ni bwo bwateye umutima wawe kwishyira hejuru, kubengerana kwawe ni ko kononnye ubwenge bwawe, nakujugunye hasi ngutangariza imbere y’abami kugira ngo bakwitegereze (Ezekiyeli 28: 17). Ubwo bwiza werekana ngo tubone ko ubengerana, ntibuzoshika mu gihugu c’ubwiza kireka wisubiyeko, ugaca bugufi. « Maze mu gishingo cy’ibihumura neza hazoba umunuko, mu gishingo cy’umweko hazaba umugozi, ahabaga umushatsi utsibye hazaba uruhara. Mu cyimbo cyo kwambara ikoti ryiza bazokenyera ibigunira, ahari ubwiza hazoba inkovu » (Yesaya 3: 24).

Abandi bigira abaririmvyi bakabuhariwe, kugirango baronke amashi menshi, za amen na za Halleluya zohawe Imana bakumva ko aribo bakwiye kuzihabwa. Abandi bigira abapasitori n’abavugabutumwa b’akatabonetse: Bakavuga amajambo asosa, atwenza/ asetsa, bgahimba imigani n’ibitekerezo biteye ukubiri n’ivyo tusoma mu Vyanditswe Vyera, bakazana inkuru z’akataraboneka, kugirango abantu baze bavaravuga ngo Amem amen. Intumbero ya vyose kukaba ar’ukubona abantu babatangarira, bakwiza hose ishimwe ryabo. Ivyo bintu nivyo Satani akunze gukoresha mur’ibi bihe, kugirango bizanire icubahiro n’amahera menshi uwo bita umukozi w’Imana naho muvy’ukuri aba ar’umugaragu wa Satani. »Kandi no muri mwebwe ubwanyu hazokwadukamwo abantu bavuga ibigoramye kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma zabo » (Ivyakozwe n’Intumwa 20: 30)

Abakozi b’Imana b’ukuri bakwiye kurangwa no guca bugufi, badashaka kwigira ivyamamare, badashaka gutungishwa n’uko intama zabo ari nyinshi kandi zikamwa menshi, ariko bakishira musi y’ukuboko kw’Imana y’Inyabushobozi yonyene, ishemagizwa,niyo Mwami w’Abami,uganza abaganza, niyo yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utegerwa, ata muntu yigeze kuyibona, atawushobora kuyibona. Icubahiro n’ubushobozi budashira, bibe ivyayo. Amen (1Timoteyo 6: 15-16)

Publié dans : Non classé |le 28 juillet, 2016 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

islamsoufi |
Jésus-Christ sauve |
SEMEZ MA PAROLE |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | J'aimerais devenir musulmane
| lemauxamandine
| Blog du niveau intermédiaire