NIWABA UR’UMWANA W’IMANA…(3)

ICIGISHO CA GATATU DUKURA MU BIGERAGEZO SATANI YAGERAGERESHEJE YESU MU BUGARAGWA/MU BUTAYU(Luka 4: 9-12)

Amujyana i Yerusalemu, amuhagarika ku gasongero k’urusengero aramubwira ati “Niba uri Umwana w’Imana, ijugunye hasi kuko handitswe ngo ‘Izagutegekera abamarayika bayo bakurinde’, kandi ngo ‘Bazakuramira mu maboko yabo ngo udakubita ikirenge ku ibuye.’ ” Yesu aramusubiza ati “Haravuzwe ngo ‘Ntukagerageze Uwiteka Imana yawe.’ ” (Luka 4: 9-12)

Iki kigeragezo gikunze guhitana abantu biyemera ngo bafise ukwizera kutajegajega. Ni musome neza: Satani ntiyinjije Yesu mu rusengero ariko yamunyujije inyuma yarwo, imuhagarika hejuru ku gatwe karwo, ku munara. Uko niko abantu bamwe, Satani ababuza kwinjira ahera cane ho mw’ijuru, ngo babone ubwiza bw’amategeko y’Imana, ngo bayihe icubahiro gikwiye. Ariko uwo mwansi abatwara akoresheje intumwa ziwe, akabereka ko barengeye vyose, ko amategeko atabaraba,  ko bashobora gukora ibitangaro bashatse vyose, abantu bose babaraba, ku buryo ngo atacago co mur’iyi si cobahangara.Kuko baba bageze ku gatwe k’urusengero nyene.  Burya ivyo ugira vyose, « ikigira ico kimaze, n’ukwitondera amategeko y’Imana » (1Abakorinto 7: 19). Mbega none amategeko tuyahinduze ubusa ukwizera? Eka namba, ahubwo ukwizera tugushigikize amategeko (Abaroma 3: 31)

Abantu bageze kur’urwo rwego rwo ku gatwe k’urusengero, bashobora no kurya amadeni, canke bakemera ibintu birengeye ubushobozi bwabo bitwaje ngo Imana yabo iri kw’isonga. Bumva ivyiza vyose vyotaha i wabo, baririmba ngo bafise imana y’akatabonetse. Bashaka kugaragara neza hose no muri vyose ngo babe intashikirwa. Bahora baza kwemera ko bibeshe iyo bakorokeye hasi nyene, maze ukwizera kwabo kukagaragara ko kwari ukwa magendo. Imana ikora ibitangaro hato nahato/vuba navuba, ititaye ku mategeko yayo, s’Imana yo mu rusengero rw’i Yerusaremu. Iyo n’Imana yo ku gatwe k’urusengero. War’uzi ko gukora ibitangaza, gukiza ingwara, kwirukana abadayimoni, gufungura ijuru nka Eliya imvura ikagwa, kumanur’umuriro uvuye mw’ijuru,ko ivyo vyose bitererekana ko ur’umukozi w’Imana? Kuko, na Satani yobikora: »kandi ikora ibimenyetso bikomeye, imanura umuriro uva mu ijuru ugwa mu isi mu maso y’abantu. Iyobesha abari mu isi ibyo bimenyetso yahawe gukorera imbere ya ya nyamaswa (Ivyahishuwe 13: 13-14). Icerekana ko ur’umukozi w’Imana n’uko wubaha amategeko yayo gusa. » Uwuvuga ngo ndamuzi, ntiyitondere amategeko yiwe, n’umubeshi ntakuri kuri muri we(1Yohani 2: 4).

Urugamba rwo kurwanya amategeko, ruhora rukomera iyo Satani yumvise ko har’uwuvuze ko isabato nayo iri mu mategeko y’Imana. VYOSE SATANI YOVYIHANGANIRA ARIKO ICO KIRAMUNANIRA. Nivyo kuko ikimenyetso c’uko tur’ubwoko bw’Imana koko, kibonekera mu kwitondera isabato yayo: « Ndi Uwiteka Imana yanyu, mujye mugendera mu mategeko yanjye, mukomeze amateka yanjye kandi muyakurikize, kandi mujye mweza amasabato yanjye abe ikimenyetso hagati yanjye namwe, kugira ngo mumenye yuko ndi Uwiteka Imana yanyu (Ezekiyeli 20: 19-20) Ubwo abanka isabato y’Imana, mwese murazi isabato bakunda iyariyo: yo kumusi wa mbere w’indwi: Dimanche/icyumweru.

NIWABA UR'UMWANA W'IMANA...(3) saintarey_eglise_clocher

 

Erega, benshi bahendwa n’ivyo babona canke bumva, bakibagira ko » Gipfu ar’umugore w’indegeteranyi… Yicara ku muryango w’inzu yiwe, no ku ntebe ku gatwe hejuru… ngw’ahamagare abahahita. Ariko wa wundi ntaba azi ko ariho imizimu iri, kandi kw’abatumire biwe baba i bwina i kuzimu (Imigani 9: 13-15, 18). Uwu mugore avugwa hano, abiga ubuhanuzi mwese murazi ko ar’ishengero. Mu gihe abakobwa biwe bakoresha ndirimbo nawe akavuza inkengeri/inzogera zivugira ku gatwe k’inzu yiwe, abahita barinjira iwe. Hari vyinshi vyabaye mu bayoboke b’amashengero amw’amwe, abantu benshi bapfira mur’ico kinyoma, kandi bari bazi neza ko ata Mana yabibatumye. Ariko babonye ukuntu Satani abaha ivyo basavye, n’ukuntu ibitangaza bikorwa, bumva vyobagora kuvuga ko bakorera mu kinyoma. Aba, nibo Bibliya ivuga ngo: « Benshi bazombwira kuri wa musi ngo: Mwami Mwami, ntitwar’abantu bawe, ntitwavugishwa mw’izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw’izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw’izina ryawe? Niho nzobajinjiburira nti ntaho nigeze mbamenya, mviraho mwa bakor’ibizira mwe (Matayo 7: 22-23).

Yesu yari gushobora kwerekana neza ko ar’Umwana w’Imana kandi ko akir’umusore, agasimbira hasi kandi ntavunike. Ariko ntiyashatse kwumvira Satani. Kuko iyo wumviye Satani witwaje ngo ur’Umwana w’Imana, uba werekanye ko Satani iguhaye akazi, kandi ko ushoboye kugakora. N’uko rero nayo ihita itangura kugukoresha ivyo yishakiye. Wamaze kwemera ko witwa umukozi w’Imana, wishimikije gusa ko ur’umuntu wemewe mu bo musengana, ariko utazi no gusenga iyo ugeze i wawe. Wiyemeza gukora ibitangaza, ariko udashobora kwikorera igitangaza na kimwe ngo uhindure kamere yawe. Wibajije ko ushoboye vyinshi kubera ko wize, canke kubera ko watoranijwe ngo uze gukora amahugurwa, ariko mu mibereho yawe tutazi, wishwe n’irari ryo kwipfuza, ishari, ibiterasoni n’ibindi. Reka kwemera gukora ibikurengeye, ahubwo « Wubahe Imana, witondere amategeko yayo, kuko ari vyo bibereye rwose umuntu wese, Kukw’Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza, bo n’ikintu cose gihishijwe, ar’ikibi ar’iciza  » (Umubwiriza/Umusiguzi 12: 13-14) Niba war’ugifise umugambi wo gukorera mur’iyo nzira, ukaba ar’umuhungu canke umukobwa, ukaba ur’umugabo canke umugore, bireke, uce bugufi imbere y’Imana. Satani azoguter’ingorane ndabizi, azokugwanya, ariko umubwire uti: « Ntukagerageze Uhoraho Imana yawe » (Luka 4:12). Manuka, uve ku gatwe k’urusengero. Warageragejwe, uremera, kandi waratsinzwe. Tukubona mw’ipantalo ugenda ariko ur’umupfu. Tukubona mu bitenge ugenda ariko ur’umupfu. Yesu ati : »Uvugwa kw’uri muzima ariko ur’uwapfuye (Ivyahishuwe 3: 1). Kandi ko dukorana n’Imana, turabinginga, ntimuhabwe ubuntu bw’Imana ngo mubupfushe ubusa (2Abakorinto 6: 1). Uhoraho aguhe kugarukira hagufi, mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans : Non classé |le 29 juillet, 2016 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

islamsoufi |
Jésus-Christ sauve |
SEMEZ MA PAROLE |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | J'aimerais devenir musulmane
| lemauxamandine
| Blog du niveau intermédiaire