UBUTUMWA BWAVUZWE NA YONA (6)

Ariko ivyo bishavuza Yona cane araraka. Asenga Uhoraho, ati Mbega, Uhoraho, sivyo navuze nkiri mu gihugu cacu? Nico catuma mpungira i Tarushishi, kuko namenye ko ur’Imana y’inyabuntu, yuzuy’imbabazi, itebakuraka, igiraikigongwecinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi. None rero Uhoraho ndakwinginze,pfuma unyica,kuko gupfakundutiye kubaho. Uhoraho aramubaza ati: Mbega ko uratse gurtyo, ugize neza? Nuko Yona ava mur’ico gisagara, yicara ku ruhande rwaco rw’iburasirazuba; aba ariho acaagasago, yicara muri ko mu gatutu, yiteze kuraba amaherezo yaco.

Maze Uhoraho ameza ikibonobono gitagarara y’aho Yona ari, kugirango kimubere igitutu ku mutwe, kimworohereze amagorwa yarimwo. Maze Yona agira umunezero mwinshi kubw’ico kibonobono. Ariko Imana itegeka igikogoshi ngo kirye ico kibonobono; buca cakabiranye. Maze izuba rirashe, Imana itegeka umuyaga w’indugumba, ng’uve I burasirazuba; izuba rinaga Yona mu mutwe, bituma ahinduka urusogosogo yisabira gupfa, ati  Gupfa vyondutira kubaho. Maze Imana ibaza Yona iti:  » Mbega ko urakijwe urtyo n’ico kibonobono utakoreye kand’utamejeje, cameze ijoro rimwe ku rindi gikuma, none jewe sinari nkwiye kugirira ikibabarwe Ninewe, ico gisagara kinini, kirimw’abantu ibihumbi ijana na mirongw’ibiri basaga, batazi gutandukanya ukuryo n’ukumoso; hakabamwo n’ibitunzwe vyinshi? (Yona 4: 1-11)

Image result for province de Ninive

Iyi nkuru ya Yona n’Imana ituma twoshobora kwibaza niba Imana atariyo yatumye Yona akora ibintu vy’ubupfu kenshi, ariko bikaruhira gukiza abantu. Bibliya ntiyibesha, « Kukw’Ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugirango kwihangana no guhumuruzwa guheshwa n’Ivyanditswe, biduhe kwizigira ibizoba (Abaroma 15: 4).

Iyi nkuru  ya Yona yiganjemwo ibidukikije vyinshi bigenda bifasha kugirango ubutumwa Imana yahaye Yona bukomeze inzira bushike kuco bwari butumbereye. Twarize ngo:  » abona ubwato buja I Tarushishi, atanga ikibuguro » (Yona 1: 3), umuyaga ukomeye (Yona 1: 4), ikiyaga (Yona 1: 4, 15),  Urufi runini (Yona 1: 17), ibikoko vyategetswe navyo kwiyiriza ubusa (Yona 3: 7 na 4; 17), n’ikibonobono (Yona 4: 6-10). Mur’ubu butumwa bwa Yona, Imana irashaka no kutwereka ko dutegerezwa gusonera ivyaremwe vyose, kuko bishobora kudufasha kuvuga ubutumwa no guhesha Imana icubahiro. Bibaye ngombwa, Imana izotwongera n’ibindi twokenera nk’uko Yona yongewe ico kibonobono n’iryo zuba ryamumenye umutwe kugira ngo igikorwa c’Imana kirusheho gusayangana, kandi ngo icubahiro c’Imana gikomeze kwigaragaza.

Guhunga kwa Yona no kwidoga kubera ukuntu abantu b’i Ninewe bakijijwe, ntivyabaye ku gushaka kwa Yona; vyabaye kubera twebwe. Yona igikorwa ciwe carashimwe, kandi n’ubu kiracavugwa, naco ubwaco kirivugira, kandi Mpwemu yashatse ko candikwa no ku mpapuro zera.  Yesu nawe yashingiye Yona intahe ngo: « Abagabo b’i Ninewe… bihanye aho bumviye ubutumwa bwavuzwe na Yona (Matayo 12: 41). « Ariko ivyo vyababayeho kugirango bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanura, twebwe abashikwako n’amaherezo y’ibihe (1Abakorinto 10: 11). Har’igihe woba ufise abantu utiyumvamwo canke utinya, ariko bakaba aribo Imana igutumako nkuko vyabaye kuri Yona. Ntuze wipfuze ko borimbuka batabonye imbabazi z’Imana, ah’ubwo ubinginge wihanganye n’ubugwaneza bwinshi buva kuri Mpwemu Yera. Iyi nkuru yaYona iherahezwa n’aya majambo ngo: « none sinari nkwiye kugirira ikibabarwe Ninewe, ico gisagara kinini, kirimwo abantu ibihumbi ijana na miringw’ibiri basaga, batazi gutandukanya ukuryo n’ukumoso, hakabamwo n’ibitunzwe vyinshi? (Yona 4: 17). Uhoraho  arazi neza ko hariho abantu babeshwe muri Ninewe y’iki gihe, ariyo dukunda kwita Babuloni.

Igisagara c’ I Babuloni nticari kure ya Ninewe cane, kandi nkuko Babuloni yatangujwe na Nimurodi, na Ninewe nyene yubatswe na Nimurodi (Itanguriro 10: 8-11).   Mur’iki gihe, intara ivyo bisagara vyarimwo ziri mu gihugu ca Irak. Mur’ivyo bisagara hakomotse idini ry’abasenga izuba, bakariha ibimazi ku wa mbere w’imisi indwi, ariryo ryavyaye aya mashengero avuga ngo n’ay’abakristu, agakorana kandi akaruhuka(nimba baruhuka) ku musi wo guseng’izuba (dimanche), ariko Yesu n’abavugishwa n’Intumwa ziwe, uwo musi ntibigeze bawuha agaciro, bari bazi isabato yo ku musi w’indwi. No mw’ijuru niyo izwi. Ariko igituma Babuloni ariyo ivugwa cane, n’ukubera ko Babuloni war’umurwa mukuru w’umwami. N’uwu musi benshi bavuga ngo Roma niyo Babuloni kuko ariho har’umurwa mukuru w’umwami mu  vy’amadini. Uhoraho yifashishije iyi shusho ya Ninewe kugirango yerekane ko n’amashengero menshi atazi kandi atemera ko ari muri Babuloni, ashobora kuba ay’i Ninewe. Ariko ari ababohewe mu nyigisho z’i Babuloni canke Ninewe, bose bakenewe kwumva ubu butumwa bwa Yona, kuko ntibuhisha bududurirako ngo:  » Hasigaye imisi mirongw’ine Ninewe igakomvomvorwa. Mbe iyo mubona aho ibihe bigeze ubu, mukaraba n’ibiba mur’iyi si, cane cane mu bigira ngo n’abayoboke ba Kristo, mubona hasigaye imisi ingahe ngo Ninewe hakokomvomvorwe? Ariko ni bihana bakagaruka k’Uhoraho, Yona yarabivuze neza ngo : « namenye ko ur’Imana y’inyabuntu, yuzuy’imbabazi  iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntikore ikibi (Yona 4: 2). Ariko none ko abantu banka kwumva, Uhoraho azokomeza gurtyo gushika na ryari? Oya, yavuze ngo: « ngirira ikigongwe abankunda bakitondera ivyagezwe vyanje (Kuvayo 20: 6). Ni mwaba munkunda muzokwitondera ivyagezwe vyanje (Yohani 14: 15). Aha niho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana no kwizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12). Nico umwami w’i Ninewe yasavye abanyagihugu biwe kugirango bakizwe, ngo: « umuntu wese areke inzira yiwe mbi, bareke n’umuryano uri muri muri bo (Yona 3: 8). Ubwo wewe ubwawe ntuhagaze mu nzira mbi, ya nzira yagutse y’i Ninewe na Babuloni, aho basenga izuba ku wa mbere w’imisi indwi, bakaririmba ngo barakijijwe? Ni murondere Uhoraho bigishoboka kw’abonwa, ni mumwambaze akiri hafi, umunyavyaha n’areke inzira yiwe, uwugabitanya n’areke ivyaha vyiwe, agaruke kw’Uhoraho nawe aramugirira ikigongwe, agaruke ku Mana yacu, kukw’ikunda guharira (Yesaya 55: 6-7). Kuko mur’ibi bihe bibi vy’imisi y’imperuka, « Har’urunganwe rw’abantu bibwira ko batunganye, ariko ntibuhagiwe imyanda yabo (Imigani 30: 12). Weho bite?

Publié dans : Non classé |le 15 septembre, 2016 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

islamsoufi |
Jésus-Christ sauve |
SEMEZ MA PAROLE |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | J'aimerais devenir musulmane
| lemauxamandine
| Blog du niveau intermédiaire