IGIHE CO GUSENGERANIRA, ITARIKI 28/09/2016

 

IGIHE CO GUSENGERANIRA:

Ku mugoroba igihe c’isaha 12 ku masaha y’i Bujumbura/Kigali

IGITABO CA YOBU.

IGIHE CO GUSENGERANIRA, ITARIKI 28/09/2016 Guadadvent_Lecon_Sabbat_Le_Livre_De_Job

Icitonderwa: Iki cigisho cisunga ivyiyumviro biri  mu gitabo c »ishule ry’Isabato mu gifransa. Abamaze kukironka mu Kirundi/mu kinyarwanda, vyoba vyiza musomye mu bitabo vyanyu, kuko jewe nahinduye mu ndimi zacu gusa. Hariho n’amajambo nongeyemo kugirango mfashe abatamenyereye ivyo vyigisho. Imirongo ya Bibliya yavuye muri Bibliya y’ikinyarwanda, ariko nagerageje kuyandika ku buryo abarundi bayitahura. Abafise Bibliya, koresha Bibliya zanyu. Mugire akamenyero ko kwiga ico gitabo muri kumwe n’abagenzi banyu, kizobasigira umugisha.

UBWAMI BUZOHERUKIR’UBUNDI

Bibliya n’igitabo kivuga ivy’amateka yabaye. Ariko kandi ntitwovuga kw’ari gitabo ca kahise. Bibliya itwiganira ivyabayeho, vyashikiye ab’igihe cahise, ikabitwereka ngo tubifatireko mu kwiga ivya Mpwemu. Bibliya ikoresha ivyabaye ko itwigisha « ukuri ku kuntu tugomba kubaho mur’iki gihe.  Ibyo byababereyeho kutubera akabarore, kandi byandikiwe kuduhugura twebwe abasohoreweho n’imperuka y’ibihe (1Abakorinto 10: 11). Ariko Bibliya ntivuga kahise gusa. Iravuga na kazoza ikatubwira n’ibizoba mu gihe c’iherezo. Abahinga mu vy’iyobokamana bakunda gukoresha ijambo « imperuka » rivugwa cane muri Bibliya, iyo bashaka kuvuga, wa musi w’urubanza turaririye twese, ukuja mw’ijuru, canke mu muriro. Ariko iryo jambo rirashobora no gusobanura ivyizigiro dufise vyo kuzobona ubundi bugingo busha mw’isi nsha, rikatwibutsa n’ibindi vyinshi bizoshika nyuma y’ubu bugingo bubi dufise mur’iyi si. Mu vy’ukuri igitabo tugiye kwiga ca Yobu kirangiza inkuru yaco kivuga urupfu rwa Yobu, ariko iyo kiba arico kimwe co nyene kirangiza Bibliya, nta vyizigiro twogize. Twohavuye tuvuga ko Yobu  yizigiye kuzuka, amaherezo agapfa, kandi Imana ntiyereke abasigaye ko ivyizigiro vya Yobu vyari bifise ishingiro.

Ariko Imana ishimwe, kuko Bibliya iratwereka neza ko kw’iherezo ry’ibihe, hazoba ubwami butazogira ihererezo buzoshirwaho n’Imana, niho abakijijwe bose bazibera mu mudendezo. Ubwami bwose bwo ngaha kw’isi buhinda buhera, ariko ubwami tuzohabwa buzohoraho.  Dusoma mu gitabo ca Daniyeli ngo: « Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mu ijuru izimika ubundi bwami butazigera buhera, kandi ubutware bwabwo ntibuzosubirirwa n’ubundi , ahubwo buzomenagura ubwo bwami bwose bubukureho kandi bwo buzahoraho ibihe vyose. (Daniyeli 2: 44). Ariko abera b’Isumbabyose bazahabwa ubwo bwami babuhindūre, bube ubwabo iteka ryose.’(Daniyeli 7: 18)
Uwu murongo wo muri Daniyeli 7: 18, mbese wumva ata vyizigiro ugusigiye?  

Umugambi wo kuducungura uzogaragara neza ko kwar’ukugira ngo dukoranirizwe mu rukundo rw’Imana. Ivyo icaha cagiye conona vyose bizosubira kuba vyiza. Umuntu azocungurwa vy’ukuri, kandi n’iyi si ihinduke ingoro, ikirimba gihoraho c’abacunguwe. Satani azomaramara ni yabona yamaze iyi myaka 6000 yose  arwana ngo yigarurire isi, azobona ko yarwaniye ubusa. Iryavuzwe rizotaha, ngo:  » Abera b’Iman’Isumba vyose bazobona ubwami, kandi buzoba ubwabo imyaka n’imyaka

 N’uko rero n’aho igitabo ca Yobu kirangizwa n’inkuru y’urupfu rwiwe; inkuru nziza kuri twebwe no kuri Yobu nyene, n’uko iherezo ry’igitabo ca Yobu atar’iherezo ry’amatyeka ya Yobu. Na twebwe, urupfu rwacu siryo herezo ry’amateka yacu (Ellen G. WHITE, Abakera n’Abahanuzi, urupapuro 136)
Iki cigisho cisunze ibivugwa mw’ishule ry’isabato ry’abakuze ryo mur’iki cumweru. Ni waba ushaka gufatanya na bene Data ivyizigiro vyo kubona ubwo bwami buzohoraho, ndakwinginze kandi ndagusengera ngo ntuze usibe kwifadikanya n’ubwoko bw’Imana kur’iyi sabato, kugira ngo uze umenye vyinshi ku gitabo ca Yobu. Nico tuziga gushika mu kwezi kwa 12 ariko Kigarama/Ukuboza
IVYO DUSENGERA
Abagiye ku mavi bagasengera Mukamukiza Lea, ntucike integer, ni mubandanye kuko nawe afadikanije namwe iyo ntambara y’umusaraba. Uwitwa Laina nawe ngw’akeneye gusengerwa.
Nanje ubwanje, ndashimiye cane abantu bose bumvise ko ngwaye bakansengera, abandi bakanyandikira bandemesha, ubu bitangiye kworoha.
Dusengere mushiki wacu Annick yipfuza kubona aho yoshobora kwiga hakamuha n’uburyo bwiza bwo kubandanya kuruhuka isabato y’Imana. Dufise n’abandi bari bamaze kwemera ubutumwa bwiza bakaba bagiye gutangura ishule, ariko bakeneye ko twobashikira mu masengesho,
Dufise umutwaro ukomeye wo gusengera mwene Data Cedric, kugirango Uhoraho yiheshe icubahiro mu rubanza yagiyemwo uwu musi, maze Mpwemu Yera avugire mu bacamaza, ukuri kumenyekane ku vyerekeye uwo mwene Data.
Abakoze igikorwa ciza co gusengera igihugu cacu c’Uburundi kugira ngo tugire amahoro ava ku Mana, ngirango ndabibutse ko tuzosubiramwo rya sengesho ryacu, kuwa nyuma (Vendredi,) aho benshi bita kuwa 5, ari wo wa 6 muri Bibliya.  Ku mugoroba sa kumi na zibiri zuzuye neza, mwese muze mube muri ku mavi aho muzoba muri hose. Ababishoboye uwo musi uze ube uwo kwiyiriza ubusa. Imana yaratwumviye muri vyinshi, n’ubu izotwumvira.
Tunezerwe hamwe n’abantu bariko baranezerwa kuko babonye imvura, murazi ko nayo twari twayisavye.
Nihaba hariho uwukeneye amasengesho y’uburyo ubw’aribwo bwose, n’abitumenyeshe, kuko vyaragaragaye ko dufise Imana yumvira abasavyi bayo, nta bundi bwoko bufise Imana yumva nk’iyacu. Mbese hari ihanga rikomeye rifise imana iriri hafi, nk’uko Uhoraho Imana yacu iba hafi yacu, iyo tuyambaje? (Gusubira mu Vyagezwe 4: 7)
Uhoraho abahe umugisha mwese bantu b’Imana, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu-Kristu. Amen
Publié dans : Non classé |le 28 septembre, 2016 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

islamsoufi |
Jésus-Christ sauve |
SEMEZ MA PAROLE |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | J'aimerais devenir musulmane
| lemauxamandine
| Blog du niveau intermédiaire