KUKI EJO NTEGEREZWA KUJA KURUHUKIRA ISABATO KU RUSENGERO?

KUKI  NTEGEREZWA KUJA KURUHUKIRA ISABATO KU RUSENGERO?

Ijambo ry’Imana niryo rivyivugira ngo« Ejo uzoba umusi wo ku ruhuka, w’isabato irobanuriwe Uhoraho (Kuvayo 16: 23)Image result for temple adventiste ghana

None Yesu nawe yaragiye ku rusengero, araruhuka isabato? Canke vyarangiranye na Mose, canke vyarangiriye ku musaraba nkuko bamwe bavyigisha? Ijambo ry’Imana niryo  nyene rivyivugira ngo:  » (Yesu) aja I Nazareti, iyo yakuriye, ku musi w’isabato yinjira mw’isinagogi nk’uko yamenyereye… (Luka 4: 16). Benshi rero bakavuga ko yinjiye mw’isinagogi ngo akize abantu, kandi ngo kw’isabato yemereye intumwa ziwe kumyoza ingano zo guhekenya. Ivyo rero ngo vyerekana ko Yesu atigeze yitaho isabato yo mu mategeko cumi. Ariko iyo nsiguro ntifashe. Gukiza umuntu kw’isabato canke kumuramira aguye mu kaga ntibitubuza guhimbaza isabato neza. Kuko ubuhanuzi bwari bwaravuze ko Yesu w’ukuri azokora gurtyo nyene, mur’ayamajambo, yerekeza kw’isabato ngo:  »Ni wakura ugutwaza igitugu hagati muri wewe, no gutungira abandi urutoke, n’ibiyago bibi, ugahebera umushonji ivyo wari kurya, ugahaza impahazwa umuco wawe uzorasira mu mwiza, kand’umwiza wawe uzohinduka nko ku murango. Ni wakura ikirenge cawe ngo ntukandagire isabato, ukarika gukora ivyo wigombeye ku musi wanje wera, mbere umusi wanje wera ukawita uw’icubahiro, ukawubaha ntukore ivyo ugomba ubwawe, ntiwironderere gukora ivyawe, ntiwirirwe mu bijandijandi vy’ubusa, n’uko uzonezererwa jewe Uhoraho…(Yesaya 58: 9, 10, 13, 14). Uwo Yesu wundi yazanywe n’amadini atagira isabato canke ngo yubahirize itegeko na rimwe, ni Yesu wa magendo.

 

Uko niko Yesu yigenjeje, yararetse abantu bararya kuko bashonje, akiza ingwara, yirukana abadayimoni, agwanira ukuri kwari kwarazimanganye mw’ishengero ry’Imana kubera Abafarisayo n’Abasadukayo. Niko kuvuga atary’umunwa ati: « Nico gituma Umwana w’umuntu ar’umwami w’isabato nayo (Mariko 2: 28). Kuko Abayuda bari bihaye ububasha bwo kwerekana ibikwiye gukorwa n’ibidakwiye gukorwa kw’isabato yabo. Yar’isabato yabo kuko ntiyar’igihuje n’iyo Imana yari yibukije Mose n’Abahanuzi. Abayuda bageze n’aho bababazwa n’ivyo Umwami w’isabato akoze nkuko Se yabimutumye:  »Umukuru w’isinagogi yitonganiriza ivy’uko Yesu akijije umuntu kw’isabato, abwira abantu, ati: Hariho imisi itandatu ikwiye gukorwako ibikorwa, abe ariyo muzako mukizwe, ariko atari ku musi w’isabato (Luka 13: 14). We yibajije ku azi kwubahiriza imisi y’akazi n’umusi w’isabato gusumba Yesu, ntiyiyumvisha ko Yesu yari kumwe na Se igihe isabato yashirwaho. » Uwo yahoranye n’Imana ubwambere na mbere vyose vyaremwe nawe. Ijuru n’isi binonosorwa kuremwa hamwe n’ibirimwo vyose vy’isinzi. Ku musi ugira indwi, Imana inonosora ibikorwa vyayo yakoze; iruhuka ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo vyose yakoze. Nukw’Imana ihezagira uwo musi ugir’indwi iraweza, kukw’ariwo Imana yaruhukiyeko ibikorwa vyayo vyose, ivyo yaremye kandi yakoze (Yohani 1: 2; Itanguriro 2: 1-3). No muguheraheza igikorwa ciwe mu kudupfira ku musaraba niko vyagenze:  »Hari ku musi wo kwitegura isabato igira ishike (Luka 23: 54) Kandi yarayiruhutse neza mu cobo, yifatanije n’Intumwa ziwe mu kababaro: « Basubira inyuma, bategura ibimota neza, kandi ku musi w’isabato bararuhuka nkuko vyategetswe (Luka 23: 56). Nico gituma intumwa Paulo avuga ati:  » Yaragamburutse gushitsa no ku rupfu, ndetse ku rupfu rw’umusaraba (Abafilipi 2: 8).

 

Ariko ba Bayuda bahora bamutuka ngo yica isabato, uwo musi barabuze amahoro, ntibaruhutse, ntibagiye ku rusengero, ah’ubwo bagiye kwifadikanya na Pilato umupagani:  »Bukeye bwaho, niwo musi wakurikira uwo kwitegura (kw’isabato), abaherezi bakuru n’Abafarisayo bakoranira kwa Pilato, baramubwira bati » Mugenzi, twibutse ko wa mubeshi akiriho yagize ati: « imisi itatu iheze nzozuka. Nuko n’utegeke barinde imva gushika ku musi ugira gatatu, kugirango abigishwa biwe ntibaze kumwiba, bakabwira abantu ngo yazutse mu bapfuye, maze ikinyoma co hanyuma coruta ica mbere. Pilato arababwira ati:  » Abarinzi ngabo ni mubajane, muyirindishirize uko mushaka. Nuko baragenda barindisha imva, ca kibuye bagihoma ko ishashara, bayidomako ikimenyetso, abo barinzi babona (Matayo 27: 62-66).

Niba wasomye neza iryo teraniro ryabereye kwa Pilato ryabaye kw’isabato, riza gusozwa no gusunika amabuye no gutanga akazi kw’isabato. Kuko iyo inyungu z’idini canke z’igihugu zibangamiwe, abanyedini ntibagira isoni zo kwica amategeko y’Imana, bakifatanya n’abanyapolitike kugira ngo ntibatakaze icubahiro. Ejo ni wumva abapasitori canke abapadiri bo mu mashengero ahakana isabato, ariko akemera dimanche yakomotse mu gipagani, ni wumva bifadikanya n’abandi gukora kw’isabato, ntuze utangare, iyo n’impwemu mbi yatanguye kwigabiza abayobozi gito b’ishengero mur’ico gitondo, mu rugo kwa Pilato. Abana b’Imana bo, twasomye ngo : » kandi ku musi w’isabato bararuhuka nkuko vyategetswe (Luka 23: 56). Muri make rero, «  »Ejo uzoba umusi wo ku ruhuka, w’isabato irobanuriwe Uhoraho (Kuvayo 16: 23). Urafise uburenganzira bwo kuja  »gukoranira kwa Pilato » (Matayo 27: 62), canke  »ukaruhuka nkuko vyategetswe » (Luka 23: 56). Kuko ubutumwa barabivuga neza ngo:  »mu misi itandatu abe ariho ibikorwa bikorwa, ariko ugira indwi, n’isabato yo kuruhuka bihebuje, n’ikoraniro ryera (Abalewi 23: 3). Bazokubwira ngo mu Baheburayo 4: 7, ngo havuga ngo « Imana yongera gutoranya uwundi musi, niwo w’uyu musi ». Uwo murongo ntuvuga umusi w’amasaha 24, uvuga igihe tugezemwo mur’iyi misi. Paulo nawe, kugirango ntihaze hagire abamutahura nabi, yaciye abisobanura hepfo ngo:  » Nuko rero ubu hariho uburuhukiro bw’isabato bubikiwe abantu b’Imana (Abaheburayo 4: 9). Bibliya ikaba ivuga ko Eliya yabaye « umuntu w’Imana » kuko yubahirije amategeko yayo (1Abami 18, 18-22), Paulo kandi n’uko yigenjenje, yarayubahirije (Abaroma 3: 31, 1Abakorinto 7: 19 n’ahandi henshi). Intumwa n’abigiswa ba mbere ba Yesu bose baruhutse isabato, n’amashengero bari bayoboye (Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13-15 harabivuga neza.

Ivyo bakubwira ngo « isabato yar’iy’Abayuda », ubu na wewe uriyumviye ukuntu Abayuda bagize isabato yabo, wumvise n’ukuntu abigiswhwa ba Yesu uko bagize iyabo. Hitamwo uruhande uhereramwo. Nta ruhande rwa dimanche ruriho mw’ijambo ry’Imana. Imirongo ya Bibliya yose ayo mashengero atanga ngo agumize abantu muri dimanche, bayihabwa n’iyo mpwemu mbi yakoreye mu rugo kwa Pilato mur’ico gitondo. Iyo mpwemu yakoreye mu rugo rwa Pilato, niyo yigishije abantu guharura ngo ku musi w’indwi ni kuri Dimanche. Imana dusenga ariyo Mana ya Yesu na Mose na Paulo, yo yatubwiye  ngo: Kandi muze muharure imisi muhereye kur’uwo musi nyene ukurikira isabato (Abalewi 23: 15).Erega, Satani nawe arazi imirongo ya Bibliya, mbere arayikurusha,  »Kand’ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco, N’uko s’ikigoye kw’abakozi biwe nabo bigira nk’abakozi b’ukugororoka, iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo (2Abakorinto 11: 14-15). Iki n’igihe co guhitamwo, s’igihe co gufyina, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

TUGUHAYE IKAZE MU NZU Y’IMANA KUR’IYI SABATO. URAFISE IKIBANZA KIKURINDIRIYE MW’ISHURE RY’ISABATO. TUZIGA IGITABO CA YOBU, KW’ISI YOSE!

Publié dans : Non classé |le 7 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

islamsoufi |
Jésus-Christ sauve |
SEMEZ MA PAROLE |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | J'aimerais devenir musulmane
| lemauxamandine
| Blog du niveau intermédiaire