MBESE UMUSORE N’UMUKOBWA BACIKIRANYE, BABA BABAYE UMUGABO N’UMUGORE KOKO MU MASO Y’UHORAHO?

 

Icigisho giheruka, caherahejwe n’aya majambo ngo: « I.bi ntibisaba ngo twarasezeranye imbere y’amategeko, ahubwo bisaba ngo « naragukunze nawe urankunda ». Kuko hariho n’abasezeranye imbere y’amategeko binanira. Mfise vyinshi novuga kur’iyo ngingo, ariko nzobivuga mu cigisho kizokurikira.

Ubutumwa buvuga ngo: « Umuntu ni yahendahenda umwigeme atari bwasabwe akaryamana nawe, ntaz’abure kumukwa ngw’abe umugore wiwe. Ariko se ni yanka kumumushingira, ntaze abure gutanga inkwano nkuko bakwa abandi bigeme (Kuvayo 23: 16-17). Umuntu ni yasanga umukobwa akizigamye ubwigeme bwiwe, kand’atari bwasabwe, akamufata agasambana nawe, bakabaserukako, uwo mugabo azoba yasambanye nawe aze ahe se w’uwo mukobwa inkwano ya shekeli mirongw’itanu, aheze abe umugore wiwe, kuko yamwononye; aze arinde apfa atamwirukanye (Gusubira mu Vyagezwe 22: 28-29).

Abantu benshi bakunda kwitwaza amategeko ya Leta ngo  » Uwo s’umugore wanje, ngo ntitwasezeranye ». Naho nyene uwo mugore yoba afise abana, bakamugira nk’aho ataco amaze ukamenga s’umuntu. Bamwe rero, kubera ibinyoma bishigikiwe n’amadini y’ivyamamare, bakavuga ngo ababana badaciye imbere y’amategeko baba basambana.  » Ariko siko Bibliya ivyigisha. Ni waba wemeye kuryamana n’umukobwa akiri inkumi, canke umukobwa akibohera ku muhungu ngo baryamane, kuko navyo birabaho, ntivyemewe ko umuhemukira ngo uje gushaka abandi. Naho wobona uwundi mukobwa, ukamukwa, mugasezerana, imyaka muzobana yose, uzoba witwa umusambanyi, kuko uzoba uryamanye n’umugore wa kabiri. Amasezerano y’Imbere ya musitanteri, imbere ya padiri canke pasitori, ntashobora guhanagura ivyaha wakoze vyo guhemukira abakobwa mu busore bwawe. Ntashobora guhanagura icaha wakoze co guhemukira abasore mu bukumi bwawe. Ba sokuruza bacu mu kwizera, ntibambikanye impeta, kandi ntibaciye imbere y’abategetsi mu kubana, ariko Imana yarabahezagiye. Handitswe ngo:  » Bukeye Isaka arasohoka, aja ku gahinga kwiherera, hari ku kagoroba. Yunamura amaso, agize artya abona ingamiya zije. Maze Rebeka yunamura amaso, abonye Isaka, ava ku ngamiya… Uwu muntu yiganira Isaka ivyo yakoze vyose. Isaka ajana Rebeka mw’ihema risiga nyina wiwe Sara, aramurongora, aba umugore wiwe, aramukunda (Itanguriro 24: 63, 64, 66, 67). Muri make rero umugabo wa mbere canke umugore wa mbere, nta rwitwazo rwo kuvuga ngo womufata nabi uko wishakiye ngo ntimwasezeranye. Nta masezerano aruta arya mwahanye muri babiri.

Yamara muravuga muti ni kuki? Nikuki Uhoraho yabaye icabona canyu mwe n’umugore wo mu bucance, uwo wahemukiye, naho ar’umugenzi wawe akaba n’ umugore w’isezerano? Nta wakoze nen’ivyo yoba agifise Mpwemu muri we (Malaki 2: 14-15). Iri jambo ngo « ubucance », n’ijambo ry’ikirundi ca kera, risobanura ukuntu umukobwa n’umuhungu bakurana « ince ». Abakobwa bafise ukuntu bahinduka mu mibiri kuko baba bemeye kwinjira mur’ubwo buzima, mbere n’abahungu birababako, nko ku basore batigeze bakora imibonano, bashobora kugira ingorane nk’abakobwa bakababara, kuko baba binjiye mu rindi banga. Nivyo bita  » ubucance, gucan’ince ». Ivyo birinze biba, mugacan’ince, Imana ntiyemera ko uza gushaka uwundi, uwo nyene niwe azoba umugore wawe, naho mwoba mutaciye imbere ya musitanteri canke umukuru w’idini.  Ni waba uri umwigeme, uwo muhungu azoba umugabo wawe. Niryo tegeko ry’Imana.

Hariho abantu benshi rero bibesha, bakaryama bagasinzira ngo bari mu kuri, ariko bagiye gusezerana n’abagore babo imbere ya Reta n’imbere y’ishengero bamaze kuryamana n’abakobwa batagira igitigiri. Umukobwa akaba yararyamanye n’abasore mirong’ itanu, akaja gusezerana n’uwa mirongw’itanu n’umwe? Ushaka, usezerane, wambare impeta, ariko imbere y’Imana, uguma witwa umusambanyi. «  Har’urunganwe rw’abantu bibwira ko batunganye, ariko ntibuhagiwe imyanda yabo (Imigani 30: 12). Nuko, « Igihe kirashitse, ubwami bw’Imana buri hafi, ni mwihane, mwemere ubutumwa bwiza (Mariko 1: 15), mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans : Non classé |le 5 janvier, 2017 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

islamsoufi |
Jésus-Christ sauve |
SEMEZ MA PAROLE |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | J'aimerais devenir musulmane
| lemauxamandine
| Blog du niveau intermédiaire