IVYOKURYA VYO MU GITONDO (92)

UBUTUMWA BWIZA BWANDITSWE NA LUKA (31)
MBEGA IVYEMEWE N’ UGUKORA ICIZA KW’ISABATO CANKE N’UGUKOR’IKIBI: GUKIZA UMUNTU CANKE KUMWICA? (Luka 6: 9)
Ku yindi sabato yinjira mw’isinagogi, arigisha: kandi har’umuntu anyunyutse ukuboko kw’iburyo. Abanyabwenge b’Ivyanditswe bo n’Abafarisayo baramugenza ngo barabe ingene bomurega. Nawe amenye ivyo biyumvira, abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko ati Va hasi uhagarare hagati, ava hasi, arahagarara. Yesu arababwira ati Ndababaze: Mbeg’ivyemerwa n’ugukora iciza canke ikibi kw’isabato: gukiza umuntu canke ku mwica? (Luka 6: 6-9).
Muri kino cigisho muri kumwe n’umunyavyaha yagiriwe ubuntu nka mwe, akaba na mwene So musangiye intambara y’umusaraba: Balthasar Miburo
Mu cigisho giheruka twabonye ukuntu Yesu yaganganye n’abashaka kubuza abigishwa biwe kwirira ingano kw’isabato. Uwu musi noneho bagira bamubuze no gukiza umurwayi bitwaje amategeko bishingiye. Ico barimwo kiraza kugaragara mur’iki cigisho: N’idini ry’abicanyi! Nawe amenye ivyo biyumvira, abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko ati Va hasi uhagarare hagati, ava hasi, arahagarara. Yesu arababwira ati Ndababaze: Mbeg’ivyemerwa n’ugukora iciza canke ikibi kw’isabato: gukiza umuntu canke ku mwica?
Yesu , yar’azi abantu bose, ntiyarinda ko hogira uwushingira intahe ivy’umuntu, kuko ubwiwe yar’azi ibiri mu muntu (Yohani 2: 24-25). Yar’azi ko Abafarisayo n’abanyabwenge b’Ivysanditswe, ko badashobora kwihanganira uwuje kubavuguruza canke akabatesha icubahiro cabo mu rusengero rwabo. Noneho Yesu abonye bariko baramurereka ngo barabe ko akiza umuntu kw’isabato, aberaguzamwo amaso bose, aramubarira ati Ramvura ukuboko kwawe. Arabigira ukuboko kwiwe kurakira. Ariko bo birabasaza rwose, baja inama y’ico bogira Yesu (Luka 6: 10-11).
Ibi bikwiye gusigira icigisho abantu baganjwe n’ishengero ryabo, gushika aho bitiranya ishengero n,ubwami bw’ijuru, noneho ijambo rya padiri canke rya pasitori bakwumva ko ari ryo jambo ry’Imana. Umupadiri nawe akwumva ko Musenyeri canke Papa ko ijambo ryiwe ariryo jambo ry’Imana; umupasitori nawe akumva ko Umuyobozi w’intara canke Umuyobozi wìshengero ahinzwe akarere canke isi yose, ko ari we mukozi w’Imana adahangarwa. Ivyo nta kindi bivyara, atar’ uko uwo mudahuje ivyiyumviro, aca yitwa umunyamahanga, umupagani, canke umunyavyaha. Kenshi iyo umuntu yerekanye amakosa ku banyedini nkabo bavuga ngo yaraguye. Mwoshobora kwizera mute ari mwebwe mwubahana ariko icubahiro kiva ku Mana imwe nsa mutakirondera? (Yohani 5: 44)
Abakundiye Satani akabagira abaja b’idini baba bafise muri bo umugera w’ishari n’inzigo, bishobora kubayobora ku bwicanyi. N’intagondwa, bemera gusa uwo bubitse umutwe hamwe, niwe bita mwene Data. Ariko namba mugira ishari ry’inkazi mu mitima yanyu, mugakunda kwirema ibice, mwoye kwirata, mubesha, mucumura ku kuri. Ubwo bwenge sibwo bwururuka buvuye mw’ijuru, ariko n’ubw’isi, n’ubw’abantu n’ubw’abadayimoni. Kukw’ah’ishari riri, niho bo no kwirema ibice, ariho umuvurungano uri, n’igikorwa kibi cose. Ariko ubwenge buva mw’ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubw’amahoro, burengenga bukunda kugirwa inama… (Yakobo 3: 14-17).
Abakristu nk’abo, ntaco batandukaniyeko n’Abayuda, bashatse boreka ivyo kwihisha mu mwambaro w’ubukristu, nibo Yesu yita abiyita Abayuda kandi ataribo, arikw’ar’isinagogi ya Satani (Ivyahishuwe 2:9). Abo biyita Abayuda ataribo, ni bo Satani yitwaza mu kuvugisha abahanuzi b’ibinyoma biwe ngo kanaka na kanaka ko bubaha isabato, none ntiwabonye canke ntiwumvise amarorerwa bakoze?. Ivyo navyo ntaco bipfana n’ubutumwa bwiza. Kuko nkuko ivyaha vy’Abayuda bitashoboye kubuza Yesu kuruhuka Isabato nkuko Data wo mw’ijuru ashaka, niko n’ivyaha vya pasitori canke umukristu uwariwe wese bidashobora gutesha agaciro isabato y’Uhoraho.
Nivyo, Abayuda, bageze n’aho bata urusengero kw’isabato bakoranira kwa Pilato, baramubwira bati Mugenzi twibutse yuko w Abarinza mubeshi akiriho, yavuze ngo imisi itatu ishize azozuka. Nuko n’utegeke barinde imva cane gushitsa ku musi ugira gatatu, kugira ngo abigishwa biwe ntibaze kumwiba, bakabwira abantu ngo yazutse mu bapfuye, maze ububeshi bwo bwo hanyuma bworuta ubwa mbere. Pilato arababwira ati Abarinzi ngabo: Ni mubajane murindishe imva uko mushaka. Nabo baragenda barindisha imva, ca kiubuye bagihoma kw’ishashara, bayidomakw’ ikimenyetso, abo barinzi babona (Matayo 27: 62-66).
Aba ni ba Bayuda b’abanyedini ata kindi bipfuza uretse gukuraho uwabavuguruza mu binyoma vyabo. Nibo bagiriza Yesu ngo yica isabato mu gukiza abantu. Ariko ngabo nibo bagiye gukoranira mu rugo rw’umupagani, baja kwirirwa baragwana n’ikibuye kw’isabato. Burya impwemu mbi yakoresheje Abayuda kwa Pilato kur’iyo sabato, niyo iyoboye abantu benshi mur’iki gihe, nabo bitirwa bararwana n’amabuye n’amatafari n’isima, bikorera ibiti, bacuruza mu mangazini, barima mu mirima, ngo bashaka gushika kw’iterambere bipfuza. Bo bivugira ngo gupfa kwa Yesu kwababohoye ku musi w’isabato, ariko ntibazi ko abanse kuruhuka isabato ku rupfu rwa Yesu, bose bitwa abiyita Abayuda kandi ataribo, arikw’ar’isinagogi ya Satani (Ivyahishuwe 2:9). Abigishwa ba Yesu b’ukuri, babonye iyo mva n’ingene ikiziga ciwe gishizwemwo. Basubira inyuma, bategura ibimota neza, n’amavuta atamirana. Kandi ku musi w’isabato bararuhuka nk’uko vyategetswe (Luka 23: 55-56). Hitamwo uruhande wohagararamwo: Mw’isinagogi ya Satani, canke mu bigishwa ba Yesu?
Guhungira muri dimanche twitwaza ngo n’ukwigina intsinzi ya Kristo, twarabonye neza ko bidahuza n’inyigisho zo mw’Ijambo ry’Imana. Ariko har’abavuga ngo umwe wese akwiye gukomeza ico yahawe. Ntawe Yesu yahaye dimanche, na Mpwemu Yera ntitwomubeshera ngo niwe yahishuriye abantu ko bakwiye kuruhuka kuri dimanche: kuko Yesu yavuze ati: Ariko uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobayobora abashitse ku kuri kwose, kukw’atazovuga ivyo yigeneye … Uwo azoshimagiza jewe kuko azofata mu vyanje, akabibamenyesha (Yohani 16: 13, 14).

Ni yaba dimanche itari mu vyo Yesu yigishije, mwumva Mpwemu Yera we yoyishigikira gute? Biragaragara ngaha ko uwo bita Mpwemu ayoboye ayo mashengero ko atari Mpwemu akomoka kuri Data na Yesu. Nuko rero igihe kirashitse, ubwami bw’Imana buri hafi, ni mwihane mwemere ubutumwa bwiza (Mariko 1: 15); mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans : Non classé |le 8 février, 2017 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

islamsoufi |
Jésus-Christ sauve |
SEMEZ MA PAROLE |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | J'aimerais devenir musulmane
| lemauxamandine
| Blog du niveau intermédiaire