ITERANIRO RYO GUSENGA RYABUJIJE AMARASO GUSESEKA!

 

URUNANI RW’ABANYAMASENGESHO

Ku wa gatandatu w’isabato (Vendredi), itariki 12/o8/2016, isaha 12 z’umugoroba, ku masaha y’i Bujumbura/Kigali.

Iki cigisho muragisanga kuri journal yanyu, namwe mukirungikire incuti n’abagenzi banyu.

ITERANIRO RYO GUSENGA RYABUJIJE AMARASO GUSESEKA!

 

Nuko birashingwa ngw’abanyabwenge ni bicwe; baja kurondera Daniyeli n’abagenzi biwe ngo bicwe. Maze Daniyeli arinjira, asaba umwami ngw’amuhe igihe,  aze kumumenyesha uko bisobanurwa. Nuko Daniyeli aja iwe abimenyesha bagenzi biwe, Hananiya na Mishayeli, na Azariya, kugirango basabe Imana yo mw’ijuru, ibagirire imbabazi, ibamenyeshe ayo mabanga, kugira ngo Daniyeli na bagenzi biwe ntibagesezanywe n’abandi banyabwenge b’i Babuloni. N’uko Daniyeli ahishurirwa ayo mabanga, avyerekwa nko mu nzozi mw’ijoro. Maze Daniyeli atazira Imana yo mw’ijuru (Daniyeli 2: 13, 16-19).

ITERANIRO RYO GUSENGA RYABUJIJE AMARASO GUSESEKA! Daniel-and-friends-pray-Small

Itegego ry’umwami kwar’ukwica abanyabwenge bose b’i Babuloni, kuko bari bananiwe no kumusobanurira indoto yarose. Ariko kuko  » Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abamwubaha akabarokora (Zaburi 34: 7), uwu mumarayika niwe yunamitse umutwe w’umwami Nebukadineza, yumviriza ivyo Daniyeli amusavye. Yararetse Daniyeli arasohoka, aja kuvugana na bagenzi biwe, baraterana barasenga. Uhoraho yarabahishuriye ico abanyabwenge b’i Babuloni bari bagiye kuzira.

 

Daniyeli ntiyaciye yiruka hanze kubwira umwami ngo « Vya bindi nabimenye »; ariko  » Daniyeli aravuga ati: « izina ry’Imana riragahimbazwa ibihe bitazoshira, kuko ubwenge n’ubushobzi ar’ivyayo: niyo ikuranya imyanya n’ibihe, niyo ikura abami ikimika abandi; niyo iha abanyabwenge ubwenge, n’abakerebutse ikabaha kumenya, ni yo ihishura amabanga y’iyo bihera, niyo izi ibiri mu mwiza, kand’umuco ubana na yo. Ndagukengurukiye, ndaguhimbaza, wewe Mana ya  basogokuruza umpaye ubwenge n’ubushobzi,  umenyesheje ivyo twagusavye, kuko utumenyesheje ivyo umwami agomba » (Daniyei 2: 20-24). Wabibonye? abantu b’Imana bihutira kurata Imana no kuyishimira. Sibo birata ubwabo, sibo bishima ubwabo!

Uhoraho arindiriye ko haba amateraniro y’abahungu n’abakobwa biwe, amateraniro y’abagororotsi mur’ibi bihe bibi vy’imperuka ngo agire ico adukorera. Niba wasomye iyi nkuru neza, iri teraniro ntiryabereye mw’ishengero canke mw’idini. Ryabaye iteraniro ryo gusenga ryiyumviriwe n’abagenzi. Uhoraho abonye ko abo basore batagira iciyumviro kibi mu mitima yabo, nawe aramanuka aterana nabo abahishurira ivyo bamusavye. « Kandi ndababwira ukuri yukw’ ababiri muri mwebwe, ni bahuriza inama mw’isi bagasaba ikintu cose, Data wo mw’ijuru azokibakorera. Kukw’aho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw’izina ryanje, nanje nzoba ndi hagaati muribo (Matayo 18: 19-20)

Tumaze imisi twiga ukuntu dukwiye kumenyera gusenga mu mwiherero, ariko ni waba ufise abagenzi ushobora kubwira mugasengera hamwe, vyoba vyiza cane, kandi Uhoraho azobiyereka, azobumvira nkuko ayo masezerano abivuga. Imana ya Daniyeli ikunda abagenzi basengera hamwe. Si ngombwa ngo mube benshi, kuko vyohava bihungabanya umutekano w’abandi, ariko babiri canke batatu, mu gateraniro nkako ba Daniyeli bagize vyoba vyiza cane, n’Imana ya Daniyeli yoza igaterana na mwebwe, ikabaha ivyo musavye. Iyo Mana iracarindiriye, umuntu w’umugororotsi muri mwebwe yoza kuyisenga, kuko ivuga yinginga ngo: « Kandi narondeye umuntu muribo yosana uruzitiro, agahagarara imbere yanje mu kirengero, ahagarariye igihugu ngo noye kugihonya, ariko nta n’umwe nabonye (Ezekiyeli 22: 30). 

Ndakwipfurije umugoroba mwiza w’amasengesho no gutangura isabato neza, kuyiruhuka no kuyisoza neza, mw’izina ryera rya Yesu. Amen

 

ABO DUSENGERA

Dusengere abantu bakwirakwiza ibi vyigisho bakoresheje ubwo buhinga bwa facebook bwa « share/partager », kugirango ababisomye bose bafashwe n’ubuntu bw’Imana. Dusengere abafise umugambi wo gukwiza ubu butumwa bose.

Dusengere Elie Havyarimana yipfuza kwiga Bibliya no gukurikira ukuri.  Dusengere Danatien. Cedrick, John, na Annick, babandanye ubutwari bagize bwo kwitabira inzira y’ukuri.  Elie Havyarimana ngo mumusengere kuko yipfuza gukurikirana ivyigisho vya Bible ngo amenye ukuri. Hari mushiki wacu yakurikiranye amavuna yabereye mu Rwanda, ayumviriza yibereye mu rupangu, ariko ngo vyamunaniye gufata icemezo, nawe mumusengere. Uwo mushiki wacu wo mu Rwanda, Lea niwe yiyemeje kugendana nawe. Tubasengere ngo ubwo bucuti buze bubashikane no mw’ijuru,  Dusengere Mechack Habarugira ariko arashaka ishengero yoruhukiramwo isabato, dusengere na Pasteur E. Bigirimana yiyemeje kumushaka ngo amufashe. Dusengere Nestor Ganzamukama mu mugambi wiwe wo gukurikirana ukuri. Dusengere Madeleine n’abariko baramufasha kugana inzira y’ukuri, dusengere Jacqueline kugirango abone akazi kandi abandanye kwumvira ijwi ry’Imana. Dusengere n’abakristu rero bari mu bihe bigoye, kuko natwe bishobora kudushikira. Dusengere nyina wa Honoré nawe ngo abagizi ba nabi bamuhaye uburozi.

Dusengere abavugabutumwa bose baza kuvuga ubutumwa kur’iyi Sabato ngaha muri ibi bihugu vyacu, kugirango Mpwemu Yera abe ariwe abavugisha, maze amateraniro ayoborwe na Yesu koko.

 

 

Publié dans : Non classé | le 12 août, 2016 |Pas de Commentaires »

WISHIMIYE UBUSORE CANKE UBUKUMI, ARIKO WICAYE HABI, USHOBORA GUKOROKA, URARABA NEZA!

WISHIMIYE UBUSORE CANKE UBUKUMI , ARIKO WICAYE HABI…

Ku wa mbere w’imisi indwi, dukoranira kumanyagura imitsima, Paulo ayaga nabo, agirango buce agenda, atevya mu majambo, ashitsa mu gicugu. Maze har’amatara menshi mu cumba co mu nzu yo hejuru aho twari dukoraniye. Kandi mw’idirisha hari hicaye umusore yitwa Eyutiko, aremerwa n’itiro ryinshi, maze Paulo arushirije gutevya mu majambo, itiro riramuremera, arakoroka, avuye mu nzu yo hejuru ya gatatu, bamuyora yahwereye. Paulo aruruka amwubamako hejuru, aramugumbira ati:  » Mureke gukoma induru, kuko ubugingo bwiwe bukiri muriwe. Asubira kwurira amanyagura umutsima, ararya, ayaga nabo igihe kirekire, ashitsa no mu macaca, maze aragenda. Bazana uwo muhungu ari muzima, imitima yabo iraruhuka (Ivyakozwe n’Intumwa 20: 7-12).

WISHIMIYE UBUSORE CANKE UBUKUMI, ARIKO WICAYE HABI, USHOBORA GUKOROKA, URARABA NEZA! nt-eutychusfenster

Iri teraniro ntiryari iteraniro risanzwe. Ntiryari iteraniro rigenewe ku musi wa mbere w’indwi nkuko benshi bavyitwaza. Ryari iteraniro ryo gusezerana, kuko Paulo n’abo bagendana bwaca bagenda mu rugendo rurerure« kuko yihuta ngo nivyashoboka umusi wa Pentekote uze ushike ar’i Yerusaremu » (Ivyakozwe n’Intumwa 20: 16). Kumanyagura imitsima vyakorwa imisi yose, kandi abakristo ba kera bakunda kugenderanira  » kand’i wabo bamanyagura umutsima, bakarya banezerewe » (Ivyakozwe n’Intumwa 2: 46) . Iri teraniro ntirabaye mu gitondo co kucyumweru, aho benshi bita ku musi w’Imana. Oya, ryatanguye ku mugoroba, « Paulo ayaga nabo, agirango buce agenda, atevya mu majambo, ashitsa mu gicugu » (Ivyakozwe n’Intumwa 20: 7). Bukeye mu gitondo co ku musi wa mbere w’indwi, uwo bamwe bita umusi w’imana canke dimanche, nta teraniro ryabaye, ah’ubwo niho Paulo na bene Data bafashe urugendo hakiri kare (ivyakozwe n’Intumwa 20: 13). Muri Bibliya, iyo Mpwemu Yera avuze ngo « Ku wa  mbere », n’ukuvuga kuva ku mugoroba gushika ku wundi mugoroba.  » Buragoroba buraca, uwo n’umusi wa mbere »(Itanguriro 1: 5). Mpwemu Year yashatse ko n’ibi vyandikwa mu gitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa, kugirango twumve ko Atari umugambi w’Imana gukoranya abantu ku cumweru mu gitondo no kuruhuka kur’uwo musi. N’umusi wo gufata ingendo. Niwo musi Yesu yazutse, aho yahuye na ba bigishwa babiri » bari mu nzira, baja mu mihana ahitwa  Emausi » (Luka 24: 13). Niwo musi wo kudandaza, kuko  » isabato ishize, Mariya Magdalene, na Mariya nyina wa yakobo bagura ibimota neza ngo baje kubimusiga (Mariko 16: 1). N’umusi mwiza wo kurima, kuko kur’uwo musi  » Mariya yar’ahagaze ku mva  arira. Yesu ara mubaza ati: Mbega nyina wanje, urizwa n’iki? Urondera nde? Nawe yiyumvira kw’ar’umurimyi waho (Yohani 20: 11, 15). Ikiruhuko n’icubahiro  Imana yabishize ku musi w’isabato, samedi (Kuvayo 20: 8-11)

Inkuru itanganje mur’iri teraniro, n’uwu muhungu yanse kwicara ku ntebe canke ku mukeka hamwe n’abandi, ashima kwicara mw’idirisha. Sinzi ukuntu amadirisha yo mu gihe ca ba Paulo yar’ameze, ariko biragaragara muri iyo nkuru, ko nta « grillages », canke ubuyungiro vyari kur’ayo madirisha. « Kandi mw’idirisha hari hicaye umusore yitwa Eyutiko, aremerwa n’itiro ryinshi, maze Paulo arushirije gutevya mu majambo, itiro riramuremera, arakoroka » (Ivyakozwe n’Intumwa 20: 9). Har’abantu muri twebwe basa n’abakijijwe ariko bagashaka kwama berekana ko bashoboye gukora ivyo abandi badashoboye, abandi babandanya kwicara hagati y’amadirisha y’urusengero, ku buryo bashobora kwumva ibivugwa inyuma y’ishengero, n’ibivugwa imbere mw’ishengero. Aba bantu ntibazi ko bashobora gufatwa n’itiro, bagakoroka batabizi « Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami wacu no ku gikombe c’abadayimoni, ntimushobora gusangira ku vyo ku meza y’Umwami wacu n’ivyo ku meza y’abadayimoni » (1Abakorinto 10: 21). Bafise abagenzi basohokana badakijijwe, bumva ivyo bavuga mu kabare, bakwumva n’ibivugwa mu rusengero. Abandi bakunda ubutumwa buvugwa n’abayobozi babo mw’ishengero, ariko bagakunda n’abavuga ivy’ikipe y’umupira, ivy’abaririmvi b’ibihangange, ivy’abatamvyi n’abandi bigize ibigirwamana bakorera hanze y’ishengero. « Ntimuzimire, kubana n’ababi, kwonona ingeso nziza » (1Abakorinto 15: 33). Abandi bumviriza ibivugwa mu mashirahamwe, mu mihari, mu vya politike, bagashaka no kwumviriza ibivugwa mw’ishengero ry’Imana na vyo. Ubutumwa bwiza burababuriye ngo muhindure ingendo, mufate icicaro ciza mu nzu y’Imana, muve mu madirisha, mureke kwumva ivyo hanze n’ivy’imbere mu nzu. Mushobora gukoroka mutabizi, mukahagarika abantu b’Imana mu bikorwa vyabo, bakabiruka inyuma, babasengera, kandi bafise ibindi bashobora gukora vyihutirwa kugirango igikorwa c’Imana ntigihagarare.  » Muzogeza ryari kuba banyamijiryanino ? (1Abami 18: 21)nt-eutychus

Kuba twumva ko turi mu myaka yo gukunda no gukundwa, mu myaka yo kwerekana ko tukiri bato, mu myaka yo gutanga ivyiyumviro vyacu ahariho hose, ivyo ntibiduhesha uburenganzira bwo kuvanga ivy’isi n’ivy’ijuru. Mbese war’uziko iyo myaka yawe y’ubusore ushaka kumarira mu vy’isi, war’uziko ari mur’iyo myaka nyene ariho Yesu ashaka ko womwihebera rwose, ukamukorera hakwihebera ivy’isi? Ingo.  » muyoboke Uhoraho muze mu rusengero rwiwe yejeje gushitsa ibihe vyose, mube abasavyi b’Uhoraho Imana yanyu (2Ngoma 30: 8). Shika mu nzu y’Imana ubu ukiri muto, ufate ikibanza mu gikorwa c’Imana, kuko ni wamara kugera mu myaka y’uko ugenda wunamye, ntibizoba bigishobotse. « Ewe wa musore we, ewe wa  mukobwa we, nezererwa ubuto bwawe, kandi umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubuto bwawe, kand’ugendere mu nzira y’umutima wawe, no mu kuraba kw’amaso yawe, ariko wame ubizi ko Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose (Umusiguzi 11: 9).

Igikorwa c’Imana mur’ibi bihe vy’imperuka kirakeneye abasore n’abakobwa bafata inzira imwe, bazi ico biyemeje. Abishinga guhera hagati y’ivy’isi n’ivya Mpwemu, bakananirwa no kwicara mu nzu y’Imana ngo bitwe abasavyi bayo, bazosinzira batabizi kandi bazokoroka. Mbifurije kwinjira mu nzui y’Imana no guteramana n’abandi bateramyi, gushika kuri wa musi, mw’izina ryeranda rya Yesu. Amen

 

Publié dans : Non classé | le 11 août, 2016 |Pas de Commentaires »

HARIHO ABAZOHISHURIRWA KO BAZOBONA UKUGARUKA KWA YESU

HAR’ABASHOBORA GUHISHURIRWA KO BATAZOPFA BATABONYE UKUGARUKA KWA YESU N’AMASO YABO

I Yerusalemu hariho umuntu yitwa Simiyoni. Uwo yari umuntu agorotse kandi yubaha Imana,  yar’arorereye uguhumurizwa kw’Abanyisirayeli, Mpwemu Yera yari kuri we. Yari yarabwiwe na Mpwemu  Yera, ko atazopfa atarabona Kristu w’Umwami Imana. Ajyanwa na Mpwemu  mu rusengero, maze ababyeyi bajyanye umwana Yesu ngo bamugenze nk’uko umuhango w’amategeko wari uri, Simiyoni aramuterura ashima Imana ati “Mwami, noneho urasezerere umusavyi wawe amahoro nk’uko wabivuze, Kuko amaso yanjye abonye agakiza kawe (Luka 2: 25-30)

HARIHO ABAZOHISHURIRWA KO BAZOBONA UKUGARUKA KWA YESU Brooklyn_Museum_-_The_Presentation_of_Jesus_in_the_Temple_(La_pr%C3%A9sentation_de_J%C3%A9sus_au_Temple)_-_James_Tissot_-_overall
No mur’iyi misi niko bimeze. Abatisuka mu bicumuro vyo mur’iyi misi y’imperuka bakagororokera Imana nka Simeyoni, bazohabwa isezerano rizima ryo kubona « Kristo w’Imana » bakiri bazima. » Erega Umwami Imana ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha » (Amosi 3: 7).
Irya Mana yibiye akabanga Nowa, ikamubwira ko isi igiye kurandurwa n’umwuzure, niyo Mana yacu. Yabwiye Nowa iti :  » kukw’imisi indwi ishize, nzorekurira imvura kw’isi, imare imisi mirongw’ine igwa, umurango n’ijoro, ibifise ubugingo vyose naremye ndabimare mw’isi (Itanguriro 7: 4). Ntiyamubeshe, niko vyagenze. Maze iyo misi indwi ishize, amazi y’umwuzure asendanisha kw’isi (Itanguriro 7: 10). Ibi biraduha icizere c’uko Yesu atatubeshe. N’ubu hariho abazomenya umusi w’uko vyose birangiye, kandi bamwe batanguye kwerekwa intangamarara yavyo. « Kand’uko vyari biri mu misi ya Nowa niko bizomera no misi y’Umwana w’umuntu (Matayo 24: 37). Reka tubisubiremwo:  » Erega Umwami Imana ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha » (Amosi 3: 7)
Ndakwifurije kuba mur’abo bazohishurirwa ko umusi wegereje, kuko turarushe! Uhoraho abane na wewe usomye iki cigisho mw’izina ryera rya Yesu. Amen.
Publié dans : Non classé | le 11 août, 2016 |Pas de Commentaires »

NTA CEMEZO ABAPAPA BAFISE C’UKO MARIYA YAGIYE MW’IJURU

NTA CEMEZO ABAPAPA BAFISE C’UKUNTU MARIYA YAGIYE MW’IJURU

Fyonda hano ubone iki cigisho mu bwaguke bwaco bwose : http://paroissetwihane.unblog.fr/twige-ivyahishuwe-12-1-6-2/

NTA CEMEZO ABAPAPA BAFISE C'UKO MARIYA YAGIYE MW'IJURU maryMK_BLOG

Itariki ya mbere y’ukwezi kwa Munyonyo/Ugushyingo mu mwaka w’ 1950 niho Papa Piyo wa XII niho yemeza iyo nyigisho y’uko Bikira Mariya yurijwe mw’ijuru. Ubwo aravugango yeruye ko isi yose ikwiye kwemera ko mu gihe Mariya yar’arangije ubuzima bwiwe bwo muri iyi si, ko yajanywe mw’ijuru kuninahazwa, kandi ngo bakandikwa ko ari inyigisho ikomoka ku ntumwa. Yishimikije iki gitekerezo ngo:  Yarahezagiwe mu bandi bagore bose, kuko yavyaye Imana, akaguma ari inkumi itagira agahonzi, akaba atasamanywe icaha mu nda nyina, ngo ntiyoshobora kuja mu kuzimu ngo abore.  Ariko uwo mupapa yirinze kuvuga ibintu adafitiye icemezo, ntiyasiguye ukuntu vyagenze ngo aduganwe mw’ijuru, ntiyerekanye igihe, ikibanza, canke ngo atange ikimenyetso ic’arico cose, ntiyanavuze ko haba hari n’umuntu yoba yarabonye ivyo bintu vyo kujanwa mw’ijuru kwa Mariya vyagenze. Ngo nta majambo afise yo kubivugako, ngo ic’avuga n’uko dukwiye kwemera gusa ko Mariya yajanywe kuninahazwa mw’ijuru, akagenda ari muzima, n’umutima n’umubiri (Aya majambo aboneka muri Missel Vespéral Romain, Apostolat liturgique, Abbayé S. André Bruges na Société Liturgique, S.A. 15, rue du Vieux Colombier PARIS (6è), Imprimatur potestet, die 28a Januarii 1952, Abbatiae Sti Andreae,Thodorus NÈVE, Abbas. Imprimatur Brugis, 30 Januarii 1952, A.QuAEGEBEUR, vic.gen.)

SATANI ARIYOBERANYA, AKIHINDURA UMUKOBWA CANKE UMUGORE MWIZA

Mw’ijuru rero hafise umwami ariwe Yesu, nta mwamikazi aharangwa.  Benshi bemera ivyerekeye kubonekerwa na Mariya, nkuko bivugwa mu bihugu atari bimwe, n’i Burundi ngo vyaradutse. Ariko ni Satani yihindura kuko Mariya ntarashika mw’ijuru, tuzogira yo rimwe. Si Mariya gusa, n’abera bose bavugwa mu gitabo c’ijambo ry’Imana ntibarashika mw’ijuru. « Abo bose bamaze gushingirwa intahe kubg’ukwizera kwabo, ntibahabwa ivyasezeranywe, kukw’Imana yatuboneye kera ikirushaho kuba ciza, kugirango abo ntibatunganywe rwose tutari kumwe »  (Abaheburayo 11: 39-40) Ahandi haravuga ngo: « Sogokuruza mukuru Dawidi, yuko yapfuye agahambga, n’imva yiwe iri ngaha ino muri twebwe n’uyu musi. Kandi Dawidi ntiyaduze mw’ijuru… »  (Ivyakozwe n’Intumwa 2: 29, 34)

Amasengero yarubatswe, amazu menshi arubakwa, ibibanza vyinsi biratunganywa, vyose bakabiha amazina ngo n’ivya Mariya, Umugabekazi w’aha naha, w’ibi na biriya, n’bindi…  Ni muteg’amatwi ndabibire akabanga nkuko nanje nakibiwe n’Imana:  « Ariko hariho abantu babahagarika imitima, bagomba guhindura ukundi ubutumwa bwa Kristo. Ariko naho yoba ari twebwe canke umumarayika avuye mw’ijuru, ababarira ubutumwa bunyuranye n’ubwo twababariye arakavumwa. Nkuko twavuze mbere, na none nongeye kubivuga, nti Ni hagira umuntu ababarira ubutumwa bunyuranye n’ubwo mwemeye arakavumwa » (Abagalatiya 1: 7-9).

Satani arihindura inkumi nziza, akaboneka nk’intumwa y’umuco ivuye mw’ijuru, akabwira abantu bo mw’isi ngo ni jewe Mariya yasamwe atagira akanenge (utasamanywe icaha). Abantu bose basamwa mu nda za banyina bafise icaha, na Mariya ni ko vyamugendeye:  Bose bakoze ivyaha, ntibashikira ubgiza bw’Imana (Abaroma 3: 23) N’ukuri nta mugororotsi ariho kw’isi akor’ivyiza ntacumure (Umusiguzi 7: 20). Raba nabumbanywe ukugabitanya, mu vyaha niho mama yansamiye (Zaburi 51: 5).  Kandi Mariya ubwiwe yemera ko nawe yari akeneye gukizwa nka wewe najewe, aravuga ati: Umutima wanje unezererewe umwami Imana umukiza wanje (Luka 1: 47).

Navuze ko Satani yihindura akigira umukobwa mwiza abonekera  abantu nk’intumwa ivuye mw’ijuru, nivyo intumwa Paulo avuga ati: « Kand’ivyo ntibitangaza kuko na Satani ubwiwe yigira umumarayika w’umuco (2Abakorinto 6: 14) Ukuza kw’uwo mugarariji kuri mu buryo bw’inkomezi za Satani, kuri n’ubushobozi bwose n’ibitangaza vy’ibinyoma, n’ubugunge bgose bgo ku bagabitanya ku bahona, kuko batemeye gukunda ivy’ukuri ngo bakizwe. Nico gituma Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo, ngo bizere ibinyoma, kugirango abatizeye ukuri bose, bacirwe kw’iteka (2Abatesalonika 2: 9-12).

Imana ibahe kuryoherwa n’ijambo ryayo, kandi ibahe kumenya kuritandukanya n’amajambo y’idini.

Publié dans : Non classé | le 10 août, 2016 |Pas de Commentaires »

IGIHE CO GUSENGERANIRA, ITARIKI 10/08/2016

URUNANI RW’ABANYAMASENGESHO

 » Kandi ndababwira ukuri yuko ababiri muri mwebwe ni bahuriza inama mw’isi gusaba ikintu cose, Data wo mw’ijuru azokibakorera (Matayo 18: 19)

Kur’uwu mugoroba wo ku wa gatatu ariwo wakane  w’isabato, sa kumi na zibiri z’umugoroba zuzuye neza, ku masaha y’i Bujumbura n’i Kigali. Kubatabimenyereye, n’akanya ko kwiherera ugasenga wisengera usengera na bene Data, nkuko uza kubibona mu mpera y’icigisho. Ivyigisho bijanye n’amasengesho biza kabiri mu ndwi; Ku wa gatatu usanzwe ariwo wa kane w’isabato, no ku wa gatanu ari wo wa gatandatu w’isabato. Igihe cogusenga ni sakumi na zibiri zuzuiye neza. Gutangurira rimwe kur’iyo saha ni vyiza, ariko ushobora gusenga igihe cose, kuko har’igihe icigisho gishobora kugushikira catevye.

___________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________

Iki cigisho gihawe abantu 60. Namwe ni mukore share/partager, kugirango gishike kuri benshi cane. Muragisanga kuri  » Journal » yanyu.

ELIYA YAR’UMUNTU AMEZE NKA TWEBWE (Yakobo 5: 17)

Eliya yar’umuntu ameze nkatwe, asaba yinginga ngw’imvura ntigwe. imvura imara imyaka itatu n’amezi atandatu itagwa mu gihugu, yongera gusaba, ijuru rirekura imvura, isi imeza imirima yayo (Yakobo 5: 17-18). Iri sengesho rya Eliya  ryatumye Uhoraho amwumvira, amugirira nkuko asavye. Kandi kugirango umwami n’abanyagihugu ntibamutere ingorane kubera kubura imvura, Imana yaciye imuhungisha: Ijambo ry’Uhoraho rimuzako riri:  » Va hano ugende werekeye I burasirazuba winyegeze ku mugezi Keriti, ahahera I burasirazuba bwa Yorodani. Uzohora unywa amazi y’uwo mugezi, kandi ntegetse ibikona ko bizoza bikugaburirayo. Ibikona bikama bimuzanira umutsima n’inyama uko bukeye,  mu gitondo no ku mugoroba, kand’akama anywa amazi yo kur’uwo mugezi. Igihe kiragera uwo mugezi  urakama, kukw’atamvura yagwa mur’ico gihugu.  Maze ijambo ry’Uhoraho rimuzako riti: Va hasi, uje i Zarefati mu ntara y’Abasidoni, kuko ntegetse umugore w’umupfakazi waho kuzokwama akugaburira (1Abami 17:2-4, 6-8).

Har’ukuntu twitiranya ibikorwa vy’abantu b’Imana n’ibikorwa vy’abanyedini canke abanyeshengero. Ukwizera kwa Eliya gutandukanye kure n’ukw’abanyamashengero b’iki gihe, turaza kubibona mu yindi mirongo yo hepfo. Eliya yar’umuntu w’Imana, niryo zina ry’icubahiro yahawe n’uwo mupfakazi w’i Zarefati, yar’amucumbikiye,  mugihe umwana wiwe yar’arwaye; « ingwara yiwe ikomeza kwongerekana gushika aho adashobora guhema. Nyina abarira Eliya ati: Twapfuye iki ga muntu w’Imana? Waje iwanje kwibukiriza ivyaha vyanje, no kunyicishiriza umwana? Eliya aramubarira ati: « Mpa uwo mwana wawe. N’ukw’amwurirana mu cumba co hejuru, ah’arara, amurambika ku gitanda ciwe. Araheza atakambira Uhoraho ati Ewe Uhoraho Mana yanje, mbeg’uwu mupfakazi yancumbikiye, umutez’ivyago, umwicir’umwana? Maze yubarara kur’uwo mwana ibihetangabo gatatu, atakambira Uhoraho, ati Ewe Uhoraho Mana yanje ndakwinginze, ubugingo bw’uwu mwana bumugarukemwo. N’uko Uhoraho yumvira Eliya, ubugingo bw’uwo mwana bumugarukamwo, arahembuka. Maze Eliya afata uwo mwana, aramwururukana, amukuye mur’ico cumba co hejuru, aramwinjirana amuha nyina: Eliya aramubarira ati: «  Ehe umwana wawe ni muzima. Uwo mugore abarira Eliya ati: Noneho ndamenye ko ur’umuntu w’Imana koko, kandi ko ijambo ry’Uhoraho uvuga kw’ar’iry’ukuri (1Abami 17: 17-24). Aha Eliya yar’impunzi, ariko abandanya gushingir’intahe Imana yiwe, kandi Imana ibandanya kumukoresha. Bene Data bari mu mpunzi canke mu mahanga, canke mu rupagaso, canke mu bitaro, canke mu munyororo, ahariho hose, bizere Imana bareke kwirirwa mu bihuha, no mu majambo yo kwihebura, mu majambo y’ishari n’inzigo n’amacakubiri atazobakingurira ijuru, ariko bizigire kandi basenge Imana ya Eliya, nayo yiyemeje kubarasanako no kubakoresha nka Eliya!

IGIHE CO GUSENGERANIRA, ITARIKI 10/08/2016 lOkm9OsPO9qbQHx9HIMRLmAjHQw

Uwu mugore niwe yavugishijwe na Mpwemu Yera ubwa mbere ko Eliya ar’umuntu w’Imana. Yamwise umuntu w’Imana kuko Eliya yagendera musi y’ubutware bw’ijuru gusa. Ingorane ziwe zose, umwete wiwe, ivyamuhimbara vyose, yevyereka Imana yiwe gusa. Eliya yitwa umuntu w’Imana na none, kuko n’umuvugishwa yagwaniye cane amategeko y’Imana imbere y’umwami mubi Ahabu n’umwamikazi wiwe Yezebeli, n’imbere y’abahanuzi b’ibinyoma bo mw’idini rya Bayali. Uwo mwami yashatse kumuremeka inkono ishushe, amwagiriza ngo niwe yatumye imvura itagwa.  « Nawe aramwishura ati:  » Eka si jewe nteje amagorwa Abisirayeli, ariko ni wewe mwe n’inzu ya so mwayabateje, kuko mwaretse amategeko y’Uhoraho mugakurikira Bayali… Muzogeza ryari kuba banyamuvugabiri?Asangwa Uhoraho ar’Imana ni mumukurikire, naho ni yaba ari Bayali, abe ariyo mukurikira (1Abami 18: 18, 21). Aya mategeko y’Imana Eliya yagwaniye ni ya Yandi cumi arimwo n’isabato. Abazokoreshwa na Mpwemu yari muri Eliya, nabo bagomba kuyagwanirira. Turaza kubibona mu mirongo ikurikira.

Isi ya none, irakeneye abagabo nka Eliya, batagurwa ntibagurishwe, abagabo bavuga icaha mw’izina, bakakidomako urutoke. Nico gituma Yesu yavuze ko Eliya azoza koko, aroranye vyose neza. Ariko ndababwira ukuri ko Eliya yamaze kuza, ntibamumenye, ariko bamwigiriye uko bashaka kwose. Buno abigishwa biwe batahura ko yababwiye Yohani Umubatizi (Matayo 17: 11-13). Ariko n’ubwo babitahuye gurtyo, Yohani Umubatizi yakoze igikorwa co gutegura imitima  y’Abanyisraeli ngo bakire ubutumwa bwari bugiye gutangwa na Yesu, nkuko vyari vyavuzwe n’umumarayika Gaburiyeli ngo: « azosanganya benshi bo mu Bisirayeli n’Umwami Imana yabo. Azoyiza imbere ari n’umutima wa Eliya n’ubushobozi bwiwe (Luka 1: 16-17). Ariko hariho ukuntu Eliya azogaruka, ariko ntazoza nk’umuntu, iyo mpwemu nyene yakoresheje Yohani, izokoresha mwebwe na bene Data hirya no hino kw’isi, abahungu n’abakobwa nk’uko bivugwa ngo: « Kand’abasavyi banje, abahungu n’abakobwa mur’iyo misi nzobasukako Mpwemu wanje (Yoweli 2: 29). Nibo umuhanuzi Malaki yavuze ko bazoza ngo: « Umve nzobarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w’Uhoraho uhambaye kandi uteye ubwoba utarashika, Uwo niwe gisanganya azosanganya imtima y’abavyeyi n’ibibondo, kugirango noye kuzoza ngatera isi umuvumo  » Malaki 4: 4-6 muri Bibliya Yera y’ikirundi, canke Malaki 3: 23-24 muri  Bibliya Yera mu Kinyarwanda). Abo bahungu n’abakobwa b’Uhoraho Imana, nibo bazogendana iyo Mpwemu ya Eliya, ibashoboze kuvuga, gukora no gusenga nka Eliya. « Abo bafise ubushobozi bwo gukinga ijuru ngo imvura ntigwe mu misi yo kuvugishwa kwabo, kandi bafise ubushobozi ku mazi kuyahindura amaraso, no kubabarisha isi icago cose uko bashatse (Ivyahishuwe 11: 6).

Abandi bahungu n’abakobwa b’Uhoraho Imana, baratanguye gupfukamanga imbere y’Imana ngo ibahe uwo Mpwemu wayo atagabanije ngo bakoreshwe nawe mur’ibi bihe bibi vy’imperuka. Kandi benshi baramuhawe, abandi bariko baramuhabwa, abandi barategereje bari ku mavi basenga. Abo nibo bitwa abantu b’Imana, Atari ba bandi bitwa abantu b’Imana kubera abayoboke b’ishengero babibise. Turiko turakurarikira kuba umuntu w’Imana koko, ukagendera ku mategeko y’Imana, ukayagwanira nka « Kristo-Yesu yashinze intahe neza imbere ya Ponsiyo Pilato » (1Tomoteyo 6: 13), ukayagwanira nka Eliya,  ugahagarara ushikamye nk’uko Mose yahagaze imbere ya Farawo, akubita amazi yo mu ruzi imbere ya Farawo n’abantu biwe, amazi yo mu ruzi ahinduka amaraso (Kuvayo 7: 20).

Igihe kirageze c’uko abasenga Imana y’ukuri n’abasenga Bayali bamenyekana. Ca kibazo abahakanyi batwihishamwo bama batubaza ngo: Idini ry’ukuri Imana yemera n’irihe, kigiye guhabwa ibisubizo ubudasubirwamwo,  » ijuru rizoserura ukugororoka kwayo, kukw’Imana ubwayo ariyo mucamanza » (Zaburi 50: 6). « Aho niho muzosubira kumenya yuko hariho itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’uwukorer’Imana n’uwitayikorera » (Malaki 3: 18).  Niwaba rero ukorer’Imana bizomenyekana; niwaba naho wakorey’idini canke ishengero gusa bizomenyekana.

Uhoraho aduhe kwambara Mpwemu wiwe mur’ibi bihe bibi, aduhe no gusenga twumvirwa, mw’izina ryeranda rya Yesu. Amen.

ABO DUSENGERA KUR’UWU MUGOROBA:

Imbere ya vyose duhaye ikaze bene Data bashasha mur’uru runani rw’amasengesho. Nabo ni Claude Manirakiza, Justin Minani na Bonioface Nsavyumukama. Bose bipfuza kwiga ibi vyigisho ngo bamenye ukuri.

Dusengere cane mushiki wacu Copine Nduwimana, yemeye ubu butumwa ari mu mpunzi kugira ngo Imana imuhe kwihangana, imwiyereke nkuko yiyeretse Eliya nawe ar’impunzi. Dusengere Elie Havyarimana yipfuza kwiga Bibliya no gukurikira ukuri. Twisengere ubwacu kugirango tumenye gutandukana ukwizera kwo mw’idini n’ukwizera kw’ukuri. Dusengere Danatien. Cedrick, John, na Annick, babandanye ubutwari bagize bwo kwitabira inzira y’ukuri. Mushiki wacu mu Mwami Uwiduhaye Zibie,arashima Imana ku masengesho yanyu, kandi ngo yarakize.  Elie Havyarimana ngo mumusengere kuko yipfuza gukurikirana ivyigisho vya Bible ngo amenye ukuri. Hari mushiki wacu yakurikiranye amavuna yabereye mu Rwanda, ayumviriza yibereye mu rupangu, ariko ngo vyamunaniye gufata icemezo, nawe mumusengere. Uwo mushiki wacu wo mu Rwanda, Lea niwe yiyemeje kugendana nawe. Tubasengere ngo ubwo bucuti buze bubashikane no mw’ijuru,  Dusengere Mechack Habarugira ariko arashaka ishengero yoruhukiramwo isabato, dusengere na Pasteur E. Bigirimana yiyemeje kumushaka ngo amufashe. Dusengere Nestor Ganzamukama mu mugambi wiwe wo gukurikirana ukuri. Dusengere Madeleine n’abariko baramufasha kugana inzira y’ukuri, dusengere Jacqueline kugirango abone akazi kandi abandanye kwumvira ijwi ry’Imana. Dusengere n’abakristu rero bari mu bihe bigoye, kuko natwe bishobora kudushikira. Dusengere nyina wa Honoré nawe ngo abagizi ba nabi bamuhaye uburozi.

 

Publié dans : Non classé | le 10 août, 2016 |Pas de Commentaires »

MWIRINDE NTIHAKAGIRE UMUNTU ABA GIRA INGARUZWAMUHETO…

MWIRINDE NTHAKAGIRE UWUBAGIRA INGARUZWAMUHETO AKORESHEJE UBWENGE BW’ABANTU  (Abakolosayi 2: 8)

Har’abantu bapfa kwandika ngo « amen » ku bintu bivugwa kuri Facebook vyose bisa nubutumwa kandi atari bwo. Ariko Uhoraho ahabwe icubahiro kubera abahungu n’abakobwa biwe bahagurutse bakaduza ibendera ry’Imana hagati y’abahahanyi n’abahanuzi b’i binyoma bakorera ku ngurukanabumenyi mu buryo butandukanye. Ariko mwihangane muze musoma mu Vyanditswe Vyera kugira ngo ntimugwe mu mutego w’umwansi. Ikigwanisho gikomeye Satani yamaze kugisokorora mur’uru rugamba rwa nyuma. Mbese ico kirwanisho urakizi? N’uguc’intege abahungu n’abakobwa b’Imana ngo ntibasome Ivyanditswe Vyera. Satani abereka ko bakenye, akabateza  kwirirwa ku biraka bagakora bataruhuka, akabateza ubutumire mu birori vyo mu ma week-end, match z’umupira, amanama y’Amashirahamwe, intambara mu ngo, imikino y’amakarata n’ibibuguzo, ntibabone akanya ko gusoma. Yemwe yemwe bwoko bw’Imana, kudasoma niko kubabuza kubona umuco w’ukuri dukeneye mur’iyi misi. « Hahirwa uwusoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa n’Imana, bakitondera Ivyanditswe muri yo kukw ‘igihe kiri hafi »  (Ivyahishuwe 1: 3).

MWIRINDE NTIHAKAGIRE UMUNTU ABA GIRA INGARUZWAMUHETO... Bible-Study-Rescue-Centre

 

Nkumbure har’igihe ufata iri jambo nk’ikintu gisanzwe ariko siko biri. « Uwubarega ari we Satani agendagenda nk’intambwe yivuga, arondera uwo arotsa. Mumurwanye mfise ukwizera gushikamye  ( 1Petero 5 :8-9). Kuko hasigaye igihe gito cane, kandi uwugira aze azoza ntazoteba. Ehe arazananye n’ibicu, kandi ijisho ryose rizomwibonera ;  n’abamucumise bazomubona ;  kandi amoko yose yo.mw’isi azoborogeshwa nawe. Niko biri.Amen (Abaheburayo 10: 37 n’Ivyahishuwe 1: 7).Erega na wewe uzomubona kandi uzoboroga. Ariko igihe kizoba carangiye co kwihana. Ndakwinginze ngo utangure ugire umwete wo kwiga Ivyanditswe Vyera kugira uwo musi uze ukubere uwo kuririmba kuko a bigira intumva uwu musi nibo bazicwa n’amaborogo Yesu ni yaseruka ku bicu.

 

Raba ukuntu Bibliya ibivuga mu majambo make : « Ibizoba kuri nyarucari bizoba no ku musaserdoti(umuherezi), ibizoba ku mushumba bizoba no kuri shebuja, Ibizoba ku mukobwa w’umuja bizoba no kuri nabuja.  Isi izodandabagirana nk’imborerwa, izonyiganyizwa irya n’ino nk’umutara ;igicumuro cayo kizoyiremera, kandi izotemba ntiyongere kuvyuka ukundi  (Yesaya 24: 2, 20). Abami bo mw’isi n’abaganwa n’abakuru b’abagabisha b’abasoda n’abatunzi n’ibihangange, nabagurano bose n’abidegemvya, bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo ku misozi ; babarira imisozi n’ibitandara bati Nimutugweko muduhishe inyonga z’Iyivyagiye kuri irya Ntebe n’ishavu ry’Umwagazi w’Intama; kuko umusi uhambaye w’ishavu ryaho ushitse, kandi  ninde ashobora guhagarara ? (Ivyahishuwe 6:15-17).

 

Ni waba wumva ushaka gutangura kwiga Bibliya neza ngo witegurire ibi bihe bigoye, vyandike aha hepfo muri commentaires. Gufadikanya nawe nivyo biduhesha umugisha mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans : Non classé | le 8 août, 2016 |Pas de Commentaires »

KUKW’ARI WEWE MUSA MWERANDA, WEWE MUSA MUKAMA, WEWE MUSA RUDASUMBWA YEZU-KRISTU

AMAJAMBO MEZA CANE ARIKO ASHOBORA KUTUGUSHA MU MUTEGO (Iki cigisho ntikiramara kwandikwa)

 

Publié dans : Non classé | le 6 août, 2016 |Pas de Commentaires »

BANSOMERA IMIRONGO MURI BIBLIYA IKANTSINDA ARIKO GUHINDURA IDINI BIRANANIRA…

GUHINDUR’IDINI BIRANGORA…

BANSOMERA IMIRONGO MURI BIBLIYA IKANTSINDA ARIKO GUHINDURA IDINI BIRANANIRA... 47138_510766039719_2822390_n

Si we wenyene ufise ico kibazo. Nturi uwa mbere kandi nturi n’uwa nyuma bishikiye. Farawo n’Abanyegiputa bose bari babonye ko Imana ya Mose ikomeye, ariko ubwibone nibwo bwababujije kwihana ngo bace bugufi imbere y’Imana ya Mose: « Farawo atuma guhamagaza Mose na Aroni, arababwira, ati: Ubuho nkoz’icaha: Uhoraho aratsinze, twe n’abantu banje turatsinzwe. Munyingingire Uhoraho, kukw’iyi mituragaro iteye ubwoba n’uru rubura bimpotoye; nanje ndabarekura, mugende, ntimuzokwongera kugumizwa ino. Mose aramwishura ati:  » Ni namara kuva mugisagara, ndayira amaboko Uhoraho, imituragaro ishire, n’urubura ntirwongere kugwa: kugirango umenye kw’isi ar’iy’Uhoraho. Mugabo nzi yuko wewe n’abantu bawe mutarubaha Uhoraho. Nuko Mose ava imbere ya Farawo arasohoka mu gisagara, yayira amaboko Uhoraho, ya mituragaro n’urubura birashira, imvura ntiyongera kugwa kw’isi. Maze Farawo abonye imvura n’imituragaro ko bishize, arushiriza gukor’icaha, yikomantaza umutima, bo n’abantu biwe (Kuvayo 9: 27-30, 33-34).

Natwe n’uko tumeze. Muvyago dushaka ko badusengera, ariko ivyago bishize, duca twisubirira muvyo twarimwo, mu vyaha vyacu. Kenshi mbere ugasangara turiko turashimira imana z’amadini ngo nizo zadukijije. Imana yumva igashobora kubabarira abayitakambira, n’Imana ya Mose gusa, niyo Mana ya Yesu na Petero na Yakobo na Yohani. Ntaco ipfana n’imana batweretse mur’ibi bihe zihamagarira abantu guterana ngo bazipfukamire,  bazitambire ku cumweru (kuri dimanche). Oya, ni ya Mana ya Yesu, ivuga ngo:  » Mu misi itandatu abe ariho ibikorwa bikorwa, ariko uwugira indwi n’isabato yo kuruhuka bihebuje, n’ikoraniro ryera. Kandi muze muharure imisi, muhereye kur’uwo musi nyene ukurikira isabato (Abalewi 23: 3, 15). Iyo Mana niyo Yesu yaje kutwigisha, « ku musi w’isabato, yinjira mw’isinagogi nkuko yamenyereye, ava hasi ngo asome (Luka 4: 16). S’imana ikomoka mu bazungu, canke mu Birabure. S’imana nka ya yindi yo mw’idini ngo idashobora guharira ivyaha mu gihe utapfukamiye umuntu nkawe. Oya, Imana turiko turabigisha niyo yujuje Mpwemu Yera Petero, igihe yaja kwa Koruneliyo:  Petero agira yinjire, Koruneliyo aramusanganira, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramupfukamira. Petero amukura hasi, ati » Va hasi nanje nd’umuntu nkawe (Ivyakozwe n’Intumwa 10: 25-26).

Ku mutasuro iyo imvura yanse kugwa, niyo duhora dutakambira, kuko niyo Mana imwe Rudende ishoboye kuvuba imvura.  » Natwe tur’abantu buntu, tumeze nkamwe, kandi turababwira ubutumwa bwiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose, niyo yaretse amahanga yose mubihe vyahise, ngo bagendere mu nzira zabo. Ariko ntiyabarekeye ngaho, itagira ico kuyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, ibaha imvura iva mw’ijuru, n’ibihe vyiza vyo kwimbura,ibahaza ivyo kurya, yuzuza imitima yabo umunezero (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 15-17).

Iyi Mana tuvuga niyo yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga, ishiramwo ibirimwo vyose. Yabiremye mu misi itandatu, « Ku musi ugira indwi, Imana inonosora ibikorwa vyayo vyose yakoze. Nuko Imana ihezagira uwo musi w’indwi, iraweza, kukw’ariwo Imana yaruhutseko ibikorwa vyayo vyose, ivyo yaremye kandi yakoze (Itanguriro 2: 2-3). Burya Ivyanditswe vyerekana ko n’umusi Yesu yapfa, ngo « War’umusi wo kwitegura, isabato igira ishike (Luka 23: 54). Mu rupfu rwiwe, yarayiruhukiye mu cobo, kandi nkako, igikorwa ciwe cari kirangiye. Yavuze ati: « Birarangiye. Araheza ajondamika umutwe, aracikana (Yohani 19: 30). Isabato yaciye itangira mu kanya gato, ayiruhukira mu mva. Nivyo intumwa Paulo itwibutsa ngo:  » Yaragamburutse, no gushika ku rupfu, ndetse urupfu rwo ku musaraba » (Abafilipi 2: 8).  Bibliya yerekana neza ko urupfu rwa Yesu rwagenze gurtyo, kugirango abigishwa b’ukuri bashobore gusubira i muhira kuruhuka isabato Basubira inyuma, bategura ibimota neza, n’amavuta atamirana. Kandi kw’isabato bararuhuka nk’uko vyategetswe (Luka 23: 56). 

 

Abafarisayo ntibaruhutse kur’iyo sabato nkuko bakunda kubivuga mu binyoma vyabo. Kuko Isabato ya Yesu, ariyo Sabato yacu, ntaco ipfana n’iy’ Abafarisayo. Abo bafarisayo, « Bukeye bwaho, niwo musi ukurikira uwo kwitegura(kw’isabato), abaherezi bakuru n’Abafarisayo bakoranira kwa Pilato, baramubwira bati: Mugenzi, twibutse yuko wa muhumvyi akiriho yagizengo imisi itatu ishize azozuka. Nuko, n’utegeke barinde imva gushitsa ku musi ugira gatatu, kugirango abigishwa biwe ntibaze kumwiba, bakabwira abantu ngo yazutse mu bapfuye; maz’ikinyoma co hanyuma cohava kiruta ica mbere. Pilato arababwira ati:  » Abarinzi ngabo, ni mubajane, muyirindishirize uko muvyumva. N’uko baragenda barindisha imva, ca kibuye bagihoma kw’ishashara, bayidomako ikimenyetso, abo barinzi babona (Matayo 27: 62-66). Ng’ivyo ivyavuye mw’iteraniro ryabereye mu rugo kwa Pilato, umupagani, ku musi w’isabato. Iryo teraniro ryari riremeshejwe n’Abaherezi bakuru n’Abafarisayo. Nta gukeka ko Satani niwe yari umuyobozi mukuru waryo. 

Turiko turabararikira mw’iteraniro ry’abigishwa ba Yesu, atar’iry’Abafarisayo ryo kwirirwa mu rugo rw’abapagani, no gusunika amabuye yo gusubira guhamba Yesu kw’isabato.

Ibi bishobora kuba bigutsinze mu mutima, ariko guhindura idini, guhindura ishengero urumva ar’ingorane. Mbese utinya umugore wawe? utinya umugabo wawe? utinya so na nyoko?, utinya bashiki bawe? basaza bawe? Utinya shobuja mu kazi? Utinya abategetsi?, utinya padiri canke pasitori? « Kuko na bene wanyu n’inzu ya so aribo nyene bakuryarutse, nibo nyene bakuvuza induru inyuma; nawe ntuze ubemerere, naho bokubarira amajambo meza (Yeremiya 12: 6). Wibuke ko: Idini nyakuri, itagira agasembwa imbere y’Imana Data wa twese, n’ukuraba impfuvyi n’abapfakazi mumarushwa yabo no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’isi (Yakobo 1: 27). Ivyo vy’isi rero ijambo ry’Imana rivuga, harimwo n’amadiniKandi nkuko mwumvise yuko Antikristo azoza, n’ubu hamaze guseruka ba Antikristo beshi: nico gitumye tumenya ko ar’igihe c’iherezo (1Yohani 2: 18). Kuko hazokwaduka abigira Kristu n’abigira abavugishwa n’Imana, bagakora ibitangaza, kugirango bazimize abatoranijwe nivyashoboka (Matayo 24: 24). Yesu avuga ko abo bazohitana abantu benshi cane, ku buryo Inzira ya Yesu izoba Inzira yaga, ifunganye, ibonwa na bake (Matayo 7: 14). . Hitamwo inzira ntoyi.

Reka ndangize nkwibutsa ko hariho ishengero ngaho hafi y’i wawe ryubahiriza isabato ya Yesu, ariyo sabato yahawe umuntu. Unkundiye, woreka ivyo vyose baguhendesha, ukaza mu nzu y’Imana, kuko igihe kiri hafi. Yesu araje vuba!

 

 

Publié dans : Non classé | le 3 août, 2016 |Pas de Commentaires »

IGIHE CO GUSENGERANIRA, ITARIKI 03/08/2016

Ku wa gatatu, ariwo abandi bita uwa 4 w’isabato (Mercredi) no ku wa 5 ariho ku 6 w’isabato, ku wanyuma, umusi wo kwitegura. Amasengesho yose dukwiye kuyatangurira rimwe saa 12 z’umugoroba, ku masaha y’i Bujumbura/Kigali.

Iki cigisho gihawe abantu 55.

DUSENGE IMISI YOSE

Ku mugoroba no mu gitondo no mu mashoka nzokwama niganyira, ncura umuniho, nawe azokwumva ijwi ryanje (Zaburi 55: 17)

Iyo tubibutsa gusenga ku wa kane w’isabato (Mercredi no ku wa 6 (Vendredi), ku mugoroba, ntituba tuvuze ko arico gihe mugomba gusenga honyene. Ni musenge ubudasiba (1Abatesalonike 5: 17). Muhore musenga ntimurambirwe (Luka 18: 1). Muri iyo Zaburi ya 55, umwami Dawidi atwibutsa ko nibura dukwiye gusenga gatatu ku musi: ku mugoroba, mu gitondo, no mu mashoka. Ku batumva ikirundi co muri Bibliya neza, mu mashoka n’ukuvuga ku mutaga (mu mashoka y’inka). Kandi abantu beranda niko bahora babigenza,: Daniyeli yumvise ko itegeko ryo gusenga umwami ryamaze gushirwako igikumu, ngo  » akomeza gupfukama gatatu gatatu ku musi asenga Imana yiwe ayikengurukira nkuko yar’asanzwe abigenza (Daniyeli 6: 10).

IGIHE CO GUSENGERANIRA, ITARIKI 03/08/2016 Daniel-a-genoux

 

Ibihe tugezemwo n’ibihe dukwiye gusenga cane kuko imbere si heza. Ku bantu batamenyereye guhagarara bashikamye mu kwizera kwabo, bitanguye kugorana cane ku buryo mu mpande zimwe z’isi kwemera ko ur’umukristu uba wiyemeje gupfa urupfu rubi. Reka ndabahe akarorero: Mu Burusiya, kuva mu kwezi guheze, kirazira kwigisha umuntu ivyerekeye Yesu. Amateraniro aremewe mu masengero, ariko umupasteri canke umupadiri, ntashobora guhamagarira abantu bashasha ngo bemere agakiza.Umupasitori yiyemeje kurenga iryo tegeko, ategerezwa guhanwa igihano ca ruhasha n’ihazabu rinini. Kirazira kuvuga ivya Bibliya uri muri Bus, muri train, canke ahantu ahariho hose. Uhanishwa umunyororo n’ihadabu rigera ku madolari 1000. N’aho woba ur’umwana musi y’imyaka 18, iri tegeko ntirikubabarira. Kirazira gukora amateraniro mu ngo, canke gusenga no gusoma ijambo ry’Imana mu rugo rwawe. Umushitsi akugendeye, kirazira kumubwira ivya Yesu. Igihano co gupfungwa n’ihazabu ry’amahera menshi birategekanijwe ku barenga iryo tegeko. Umubanyi ategerezwa kukurega mu gihe abonye ko uriko uravuga ivya Yesu. Aguhishiriye  ntakuvuge, arapfungwa umwaka wose n’ihazabu rikajako. Kirazira ko itongo ryaguzwe n’ishengero ryubakwamwo urusengero. Iryo tegeko ni rinini rwose ririmwo ingingo nyinshi zo gukandamiza abakristu, ku buryo amashengero yose yo mu Burusiya ariko arasenga yisonzesha ngo Uhoraho abahe gushikama, kuko akaga katanguye kuri bo. Amashengero menshi atandukanye, yifatanije nabo mur’uko kwinginga Imana ((Iyi nkuru ushobora kuyisomera mu gifransa, mu kinyamakuru Journal chrétien, canditswe mu gifransa; fyonda ngaha:  https://journalchretien.net/2016/07/14/actualite_chretienne/russie-vers-une-nouvelle-persecution-des-chretiens-27411.html) . Ivyo vyose, Abarusiya babikora bishimikije ngo bariko bararwanya iterabwoba riva mu madini. Mu bihugu nka Koreya ya ruguru, Arabiya, Iran, Erythreya, Viet-Naam, Cambodge n’ahandi henshi, bisigaye ari ukwigerezako kwemera ko ur’umukristu.

Nico gituma kumenyera kweger’Imana mu masengesho no mu kwiga ijambo ryayo ari nkenerwa mur’iyi misi, kuko « ntimuzi ico ejo hazovyara », buraca bugacana ayandi. Imana yavugishije Mose ngo:  » Ko muzoba mwaranse gukoreranira Uhoraho Imana yanyu umunezero n’umutim’ukunze, mugifise umurengera wa vyose, nico kizotuma mukorera abansi banyu, abo Uhoraho azobagomorera kubatera, mufise inzara n’inyota, mwambay’ubusa, muburaniwe muri vyose (Gusubira mu Vyagezwe 28: 47-48). None tuvug’iki? Iki s’igihe co kudamarara. Ni waba ubishoboye, shaka abavandimwe, incuti n’abagenzi, muze mwigana Bibliya. « Ni murondere Uhoraho bigishoboka kw’abonwa, ni mu mwambaze akiri hagufi. umunyavyaha n’areke inzira yiwe, umuntu w’ikigaba n’areke ubugaba bwiwe, agaruke kw’Uhoraho, nawe aramugirira ikigongwe, agaruke ku Mana yacu kuko ikunda guharira (Yeasaya 55: 6-7). Ijambo  rya Kristu ribe muri mwebwe rigwire, ririmwo ubwenge bwose, mwigishanye, muhanurane, muririmba zaburi, n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmbire Imana mu mitima yanyu, mubiheshwa n’ubuntu bwayo.Kand’ivyo muzokora vyose, mu majambo no mu bikorwa, muhore mubikora vyose mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, mushima Imana kubwiwe (Abakolosayi 3: 16-17). Amen.

____________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________

ABO DUSENGERA

 Twisengere ubwacu kugirango tumenye gutandukana ukwizera kwo mw’idini n’ukwizera kw’ukuri. Dusengere Danatien. Cedrich, John, na Annick, babandanye ubutwari bagize bwo kwitabira inzira y’ukuri. Mushiki wacu mu Mwami Uwiduhaye Zibie, aragwaye cane mu mihogo, ntakintu ashobora kumira, kandi haciye imisi. Avuga ko n’inzara igiye kumwica. Elie Havyarimana ngo mumusengere aze amenye ikibazo ariko aritegurira. Hari mushiki wacu yakurikiranye amavuna yabereye mu Rwanda, ayumviriza yibereye mu rupangu, ariko ngo vyamunaniye gufata icemezo, nawe mumusengere.  Dusengere Mechack Habarugira ariko arashaka ishengero yoruhukiramwo isabato, dusengere na Pasteur E. Bigirimana yiyemeje kumushaka ngo amufashe. Dusengere Nestor Ganzamukama mu mugambi wiwe wo gukurikirana ukuri. Dusengere Madeleine n’abariko baramufasha kugana inzira y’ukuri, dusengere Jacqueline kugirango abone akazi kandi abandanye kwumvira ijwi ry’Imana. Dusengere n’abakristu rero bari mu bihe bigoye, kuko natwe bishobora kudushikira.

KU BAKURIKIRA IBI VYIGISHO BARI I BURUNDI, MURAZA KUBONA ICIGISHO CO GUSENGERA IGIHUGU. IRYO SENGESHO RIZOBA KU WA NYUMA (VENDREDI), MU KIBANZA C’IRYO TWARI TUMENYEREYE. UMWE WESE ARAKIRONKA KURI JOURNAL YIWE. MUSABWE KUZOGIKWIRAKWIZA MU NCUTI NO MU BAGENZI, KUGIRANGO TUZE TUBE TURI BENSHI MW’ISENGESHO RYO KUR’UWO MUGOROBA. ABABA MU BINDI BIHUGU NAMWE MUZOBONA UMW’UMWE ICIGISHO KIMWEREKEYE KU WA NYUMA KARE MU GATONDO CANKE KU WA GATANU W’ISABATO (JEUDI) NIJORO.

_____________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________

 

 

Publié dans : Non classé | le 2 août, 2016 |Pas de Commentaires »

UMUGOROBA W’AMASENGESHO

MBESE UBWO IMANA NTIYOBA IRINDIRIYE ISENGESHO RYAWE KUGIRANGO IKORE IBITANGAZA?

***************************************************************************

UMUGOROBA W’AMASENGESHO

Ku wa 5 Nyakanga 2016.

Kuva saa 12 z’umugoroba

**************************************************************************

UMUGOROBA W'AMASENGESHO TG_Urban_children-praying

 

… »hakagira usenga akinginga, naho yob’umwe, canke abantu bawe bose b’Abisraeli{b’Abarundi}, umuntu wese ukw’azoba yimenye ko ingwara yo mu mutima wiwe, akagaranzura amaboko ayatumbereje iyi ngoro; nuko uz’uvyumve uri mw’ijuru ah’uba, ugire ikigongwe, ugire ic’ukora; ugenze umuntu wese nk’ukw’ameze, wewe uzi umutima wiwe; kukw’ari wewe wenyene uzi imitima y’abantu bose; kugirango baze bahore bagutinya imisi yose bazomara bakiriho, mu gihugu wahaye basogokuruza bacu (1Abami 8: 38-39).

Mur’iyi misi nashize umutima cane kuri iri sengesho ryiza ry’umwami Salomo. N’isengesho rirerire ryo gusengera igihugu, yarivuze ahejeje gushikiriza Uhoraho urusengero rushasha rw’i Yerusaremu. Ariko iyi mirongo ya 38 na 39, nabonye ko irimwo amajambo yotuma mu gihugu cacu habonekamwo amasigarira. Mu kibanza c’iri jambo ngo « Abanyisiraeli » nahashize Uburundi, kuko turakeneye iri sengesho rwose i wacu. Mbese burya umurundi nka jewe na wewe mubona vyoroshe kwimenya ko ingwara yo mu mutima?  » Ninde ashobora kwimenyako amafuti? (Zaburi 19: 12)

Jewe nibaza ko bisaba ko twofata akanya tukareka « umuganga mukuru, Mpwemu Yera/Mutima Mweranda akadusuzuma, hanyuma bibaye ngombwa tukemera tugahindura ingendo. Yesu ati:  » Nijewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese ibihwanye n’ivyo mwakoze » (Ivyahishuwe 2: 23).

Har’igihe ububi twiyiziko atari bwo bubi gusa buri mu mitima yacu, ariko umuco w’ijambo ry’Imana umaze kurasira mu mfuruka z’umutima wacu, muri twa dufuruka tudakunda gukubura, twosanga hariho utuntu twabitse, kandi tukaba aritwo twabaye intandaro y’ubupfu bwacu bwose.  » Kukw’ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubw’inkota zose, rikinjira naho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’imisokoro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira  » Abaheburayo 4: 12)

Ibi ntaco bipfana n’idini canke ibi ndi vyose mwoshobora kwiyumvira. Nico gituma vyoba vyiza mubihererekanije, abadasangiye amashengero, abadasangiye umusozi, abakuru n’abato, uw’ariwe wese, kugirango kur’uwo mugoroba haze haduge urunani rw’amasengesho imbere y’Intebe y’imbabazi mw’ijuru. Abo muzi bakaba badafise facebook, mushobora no kubahamagara, canke mukabibabwiza umunwa.  » Maze bantu banje bitirirwa izina ryanje ni bicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje, bagahindukira bakareka ingeso zabo mbi, nuko nanje nzokwumva ndi mw’ijuru, mparire ivyaha vyabo, nkize n’igihugu cabo. Uhereye ubu, nzokwama ntereza  inyonga zanje ndabe, ntege amatwi amasengesho asengerwa aha hantu (2Ngoma 7: 14-15). Ahantu uzovugira iri  sengesho, ur’umwe canke babiri, ntuze wibagire kuzoza uhagaruka kenshi, kuko Uhoraho azokwama yumva isengesho rivugiwe aho hantu.

Yesu yavuze ati: « Kandi ndababwira ukuri yuko ababiri muri mwebwe ni bahuriza inama mw’isi gusaba ikintu cose, Data wo mw’ijuru azokibakorera. Kukw’aho babiri canke batatu bakoraniye mw’izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri bo (Matayo 18: 19-20). Niba ata ngorane vyoteza, mubaye babiri canke batatu mur’iryo sengesho vyoba ari vyiza cane, ariko ntimurenze batatu.

Singombwa ngo abo uzobibwira bose bavyemere. Kuko n’ijambo ry’Imana ryavuze ngo  » Naho yob’umwe ». Erega hariho aho ubutumwa buvuga ngo: « Kandi narondeye umuntu muribo yosana uruzitiro, agahagarara imbere yanje mu kirengero ahagararioye igihugu, ngo noye kugihonya; ariko nta numwe nabonye (Ezekiyeli 22: 30). Mbese uwo muntu Imana ishaka ubwo ntaho yoba ari wewe canke jewe?

Abo tumenyereye gukorana, twari tumaze gufata akamenyero ko gusenga ku wa 3 no ku wa 5 sakumi na zibiri z’umugoroba, ariko munkundiye, mwokora « SHARE/PARTAGER » kuva uwu musi,  kugirango iri jambo rigere kuri benshi bashoboka, kugirango tuze tugaranzurire amaboko Imana turi benshi ku wa 5, itariki 5 Nyakanga 2016 ku mugoroba, twisengere kugira ngo duhinduke kandi n’igihugu cacu gihinduke kibe icibare c’Imana koko.

Kugirango dukore nk’ABANYAMASENGESHO koko, ababishoboye mwokwisonzesha, kandi tugatangura kare: Saa 12 z’umugoroba.

****************************************************************************

Muri make n’ukuvuga ngo, abavyemeye, ndabinginze tuze tugire:

UMUGOROBA W’AMASENGESHO

Ku wa 5 Nyakanga 2016.

Kuva saa 12 z’umugoroba

Ufise ikibazo, kirungike kuri email: labiblepriere@yahoo.fr

****************************************************************************

Publié dans : Non classé | le 1 août, 2016 |Pas de Commentaires »
12345...10

islamsoufi |
Jésus-Christ sauve |
SEMEZ MA PAROLE |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | J'aimerais devenir musulmane
| lemauxamandine
| Blog du niveau intermédiaire