WIRINDE KWITA ABANTU BOSE NGO NI BENE DATA KUKO…

 

WIRINDE KWITA ABANTU UBONYE BOSE NGO NI BENE DATA, KUKO…

 

Hari benshi bigira bene Data, bakaza bivugisha neza  ariko kenshi ngo ziba ar’intumwa z’urupfu. Mur’iki cigisho muri kumwe na mwene So musangiye intambara y’umusaraba, Balthasar Miburo

« Yerobowamu yar’ahagaze ku gicaniro, agira yose imibavu, haza umuntu w’Ima avuye i Buyuda, aje i Beteli, azanywe n’ijambo ry’Uhoraho » (1Abami 13: 1).

Uwo muntu w’Imana yavuze ibizoba kur’ico gicaniro, avuga ukuntu hazima umwami yitwa Yosiya agaturirira amagufa y’abantu kuri co. Yatanze n’ikimenyetso cerekana ko avuga ukuri, « ati  iki gicaniro kigira gisaduke, umunyota wo kuri co useseke. Maze Yerobowamu yumvise ijambo ry’uwo muntu w’Imana amutunga ukuboko ahagaze ku gicaniro, ati: Ni mumufate. Uwo mwanya ukuboko yar’amutunze guca kuranyunyuka bituma adashobora kukwigarurako. Igicaniro naco gica kirasaduka, umunyota uraseseka, nk’uko ikimenyamenya uwo muntu w’Imana yabahaye kiri, avugishijwe n’Ijambo ry’Uhoraho » (1Abami 13: 3-5). Umwami yabonye bimuyobeye amusaba amasengesho, wa muntu w’Imana aramusengera, ukuboko kurakira. Icagiye kuvyica vyose, n’uko umwami yaciye asaba uwo muvugishwa ngo bajane mu rugo amuhembe. Uwo muvugishwa atangura kudonda ukuntu Imana yamubujije ngo « nta kintu ashobora kurya canke kunywa, kandi ngo ntashobora kugarukana inzira yazanye » (1Abami 13: 8).

Har’abasore bamwumvise, baca baja kubwira se wabo kuko nawe ngo yaravugishwa. Bamweretse aho uwo muvugishwa avuye i  Buyuda aciye, aramukurikira « asanga yicaye musi y’igiti » (1Abami 13: 14) . Aramuganiriza, wa muvugishwa arikiriza. Umutama ati ngo tugende muhira none ndagufungurire. Wa muvugishwa atangura gusubiramwo bimwe yavugira imbere y’umwami ngo:  » Sinemererwa gusubirana inyuma na wewe canke ngo tujane i wawe, canke ngire ico mfungurira aha hantu, kuko ariko Uhoraho yambwiye kandi ngo sinze nsubize mu nzira nazananye. Nawe aramwishura ati: NANJE ND’UMUVUGISHWA N’IMANA NKAWE, KAND’UMUMARAYIKA YAMBWIYE, AVUGISHIJWE N’IJAMBO Ry’UHORAHO, NGO GENDA UMUGARURE, UMUJANE I WAWE, UMUHE ICO ARYA N’IC’ANYWA. Ariko yaramubesha . Nuko basubira muhira, bashitse amuha ico arya n’ico anywa. Bakiriko bararya, ijambo ry’Imana riza kuri wa muvugishwa yamugaruye, avuga n’ijwi rirenga, abarira uwo muntu w’Imana, ati ko wanse kwumvira ijambo ryiwe, ntiwitondere icagezwe ciwe, Uhoraho Imana yawe; ariko ukagaruka, ukarya ivyokurya ukanywera n’amazi ahantu yakubujije, ngo ntuze ugire ico urya cank’ic’unywa, ngo n’uko rero umuvyimba wawe ntuzoruha ushika mu mva za basekuruza.  » (1Abami 13: 16-22).

Uwo muvugishwa w’umusore, nta wuzi ko yoba yakanzwe n’ubwanwa, canke imvi z’uwo musaza akememera gusubira inyuma. Ariko ikigaragara n’uko yemeye ubundi butumwa buvuye mu kanwa kw’umuntu kandi Imana yari yamusobanuriye neza uko akwiye kwitwara. Imana yari yamuhaye n’ikimenyetso gifadika imbere y’umwami n’abantu bose. Ariko ivyo yabirenzeko yemera ivyo umuntu nkawe amubeshe. Reka nibwirire urwaruka ruriko rurahamagarwa n’Ijwi ry’Imana ngo rukurikire ubutumwa bwiza mur’ibi bihe vy’imperuka. Ntimugakangwe n’amacravates, canke abaza mu bimodoka bica ibibatsi,  ubwanwa bwinshi, canke abavuga bo ar’inararibonye mu gikorwa c’Imana, ariko mushikame mushize ubwoba ku vyo mwasomye. Birya tubabwira tukabereka aho vyanditswe, birya Imana ibahishurira mw’Ijambo ryayo, ni birya nta bindi. Bashobora kuza ar’abasore canke inkumi nkamwe, bakivugisha ibitangaza Imana yabo ibakoresha, bakakurarika ngo ubakurikire. « Ntimuze mwemere amajambo y’uwo muvugishwa canke uwo murosi, kuko Uhoraho Imana yanyu azoba abagerageza ngo amenye ko mumukundisha imitima yanyu yose n’ubugingo bwanyu bwose (Gusubira mu Vyagezwe 13: 3).

WIRINDE KWITA ABANTU BOSE NGO NI BENE DATA KUKO...

Ntibaze bagukangishe ngo n’uko bakurusha ubukuru, ngo nibo bakuboneye izuba mu kwizera: Oya, ivyo ntibikora!  » N’uko Elihu mwene Barakeli w’i Buzi aravuga ati » Jewe ndi muto, namwe murakuze cane, nico catumye nifata, sinubahuke kubabwira ico niyumvira. Nagira nti: Abo hambere nibo bakwiye kuvuga, nti abamaze imyaka myinshi nibo bakwiye kwigisha ubwenge.  ABAKUZE SIBO BANYABWENGE BONYENE, N’ABATAMA SIBO BAMENYA GUCA IMANZA GUSA (Yobu 32: 6-7, 9).

Gumya ico wahawe, kuko  » Yesu-Kristu uko yarar’ejo, n’uyu musi ni kw’ari, nikw’azokwama ibihe bidashira (Abaheburayo 13: 8). Reka kwisuzugura, kuko naho mukiri bato ni mwebwe Yesu yahamagaye ababwira muri iyi misi mibi ngo :  » Namwe ni mugende mu ruzabibu (Matayo 20: 7). nuko rero ntawukwiye kuguhindurira amabwirizwa kuko siwe yaguhay’akazi, « Ntihakagire uwukugayira ubuto bwawe (1Timoteyo 4: 12). Uwaguhaye ico gikorwa aravuga ngo:  » SINZOHINDURA IRYAVUYE MU KANWA KANJE (Zaburi 89: 34). Nta wundi mutwaro mbikoreza atar’uwu, ko mwumira kuco mwahawe gushika igihe nzozira (Ivyahishuwe 2: 24-25), mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans : Non classé | le 24 juillet, 2016 |Pas de Commentaires »

USHOBORA KUBA WARERETSWE, ARIKO NA SAULI YARERETSWE, NIVYO VYAMUHITANYE…

USHOBORA KUBA WARERETSWE ARIKO NA SAULI YARI YERETSWE, ARIKO IVYO YERETSWE NIVYO VYAMUHITANYE. WAR’UBIZI?

Mur’iyi misi ya nyuma abantu benshi biruka inyuma y’ibitangaza cane. Abayobozi b’amashengero menshi n’abayoboke babo bijukiye ivyo kuvuga ngo beretswe. Kandi kenshi s’ukubesha baba beretswe ibintu. Ariko har’ico benshi bataramenya: kwerekwa canke kubonekerwa, s’ikimenyetso c’uko uri kumwe n’Imana, kuko na Satani arashobora kukubonekera, akaguha n’amasezerano kandi akayarangura. Mur’iki cigisho muri kumwe na mwene So musangiye intambara y’umusaraba, Balthasar Miburo

USHOBORA KUBA WARERETSWE, ARIKO NA SAULI YARERETSWE, NIVYO VYAMUHITANYE... 220px-Blake_The_Witch_of_Endor_Raising_the_Spirit_of_Samuel_1783_Pen_and_watercolor_New_York_Public_Library

 

Umwami Sauli yari yaranse kwumvira amategeko yahawe n’umuntu w’Imana Samweli, asahura ivyo Uhoraho yamubujije gusahura, yitwaza ngo nivyo aza gushikanira Uhoraho kw’ikimazi, bibabaza cane Uhoraho gushika aho Uhoraho avuga ngo: Ndicujije icatumye nimika Sauli (1Samweli 15: 10). Kuva ico gihe Uhoraho atoranya Dawidi ngo abe umwami w’Abanyisraeli kandi yar’akiri umwana yirirwa aragiye intama; ariko Uhoraho amuvugako ati : Nironkeye umwami mu bahungu ba Isayi (1Samweli 16: 1). Abwira Samweli ati:  » Vahasi umusuke kw’amavuta (1Samweli 16: 12).

Ubwo rero Mpwemu w’Uhoraho yari yamaze kuva kuri Sauli. « Mpwemu w’Uhoraho amaze kuva kuri Sauli, impwemu mbi irungitswe n’Uhoraho yama imufata bwagikange (1Samweli 16: 14). Iyi mpwemu mbi yaramukongataje cane, imuteza ubwoba imbere y’abansi biwe.  » Sauli abonye ingabo z’Abafilistiya aranduka umutima . Ariko asiguje Uhoraho ntihagira ico amwishura, ari mu nzozi, ari mu buryo bwa Urimu, haba no mu bavugishwa nawe. Maze Sauli abwira abantu biwe ati ni mumbarize umupfumukazi azi guhamagaza imizimu, nje kumubaza(1Samweli 28: 5-7).

Baramujanye ku musozi w’ i Endori kuraguza. Umupfumukazi yaramuraguriye, amushikira umuzimu wa Samweli. Samweli abaza Sauli ati n’iki gitumye uza kunkoma, ukanzura?, Sauli ati: N’uko ndi mu magorwa…(1Samweli 28: 15). Nuko Sauli adondera uwo muzimu ingorane ziwe zose. Samweli aramwibutsa ukutumva kwiwe kwose n’ibihano bibi agiye kugwamwo. Agiye kurangiza amubwira ngo  » kand’ejo mwe hamwe n’abahungu bawe muzoba mur’aho ndi » (1Samweli 28: 19). Iyo usomye iyi nkuru wihuta, ubona ko Samweli yazutse akiyereka Sauli. Ariko siko biri. Uwo mupfumukazi yakorana na Satani mu gushika abazimu. Satani yari yifatiye ubuzima bwa Sauli, uwo Satani niwe yihinduye isura, yiyerekana isa na Samweli. « Kandi ivyo ntibitangaje kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco » (2Abakorinto 11: 14).

Iyo umuntu, canke ishengero, canke umurwi w’abantu wanse itegeko ry’Imana, baca bashaka ukuntu bokora ibintu vyo guhendahenda Uhoraho mu kumuha ibimazi, indirimbo nziza, imihamirizo, ibikorwa vy’urukundo vyinshi, n’ibindi. Satani ntaco atabakorera, akabereka ibiremwa vy’ubwiza ababwira ko ar’aberanda bari mw’ijuru. Ibitangaza abikora ku bwinshi kugira ngo ntibamucike ngo bamenye ukuri. Nivyo vyatumye Sauli akomeza kubwira amarushwa yiwe Satani yibaza ngo abwira Samweli. Iyo Sauli aba agifise Mpwemu Yera, yari gutahura iri jambo uwu muzimu waherejeko kuvuga ngo: KAND’EJO MWE N’ABAHUNGU BAWE MUZOBA MUR’AHO NDI (1Samweli 28: 19). Mbese n’ukuvuga ko Sauli w’intumva na Samweli umuntu w’Imana ko bose bakwiye gusangira ikibanza. Oya. Ah’ubwo nico kimenyetso c’uko yari Satani yariko aramuganiriza. Mur’ako kanya Satani yar’anezerewe kuko Sauli n’abana biwe n’abantu biwe, bari bagiye kuzosangira igihano Satani ku musi w’amateka.

Abantu babonekerwa, abantu berekwa ibintu, mukwiye kuvyitondera kuko ivyo weretswe vyose ni vyaba bitakugarura ku kwumvira amategeko y’Imana no gushira hejuru Yesu, vyoooose uko ubizi, vyavuye kuri Satani. Uwo wita ngo ni Mpwemu Yera, ni ya mpwemu twavuze yarungitswe n’Uhoraho ikama ifata Sauli nk’igikange. Reka ngucire agace: « Abataye ivyagezwe bashima abanyakibi, ariko abitondera ivyagezwe barabagwanya » (Imigani 28: 4). Ibi s’ukubesha, niko kuri kuboneka mu Vyanditswe Vyera, abataye amategeko bose usanga bakurikira abagumutsi, nibo bakozi ba Satani. « Nico gituma Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo ngo bizere ibinyoma, kugirango abatizeye ukuri bose bagahimbarirwa ukugabantanya bacirwe kw’iteka (2Abatesalonike 2; 9-10).

Singuhakaniye ko udafise impwemu muri wewe igukoresha. Ntunyumve nabi. Ariko vyoba bitangaje cane iyo mpwemu ibaye iyarungitswe na Yesu. Kuko Mpwemu yasezeranywe na Yesu, azokwama akorana n’abubahiriza amategeko y’Imana, bakaruhuka n’Isabato yayo: Dusoma ngo: « NI MWANKUNDA, MUZOKWITONDERA IVYAGEZWE VYANJE, nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw’aze abane namwe ibihe bidashira, ni we Mpwemu w’ukuri (Yohani 14: 15-17). Muvy’ukuri, uwo mpwemu wundi atubaha ivyagezwe vya Yesu, arivyo vyagezwe vya Data (Yohani 15: 10), si Mpwemu w’ukuri, ni magendo.   Garukira bugufi kugirango ubuzima bwawe ntibuze burangire nk’ubwa Sauli. Ushobora kwiruka inyuma y’ibitangaza, ukavuga ko weretswe canke ko mu rusengero rwanyu mwerekwa, ariko imbere y’umucamaza ugasanga wakurikiye umuyaga, ukabura « intama n’ivyuma ». Uhoraho akugirire neza aguhe gutahura ubu butumwa bwiza, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans : Non classé | le 23 juillet, 2016 |Pas de Commentaires »

IGIHE CO GUSENGERANIRA, ITARIKI 22/07/2016

Ku mugoroba sa 12 zuzuye neza, ku masaha y’i Bujumbura/Kigali

Iki cigisho gihawe abantu bashika kuri 50

 

DATA WA TWESE… UDUHE IVYOKURYA DUKWIRANYE UWU MUSI…

Uduhe ivyokurya dukwiranye uwu musi, uduhebere imyenda yacu nkuko natwe twahebeye abari mu myenda yacu (Matayo 6: 11-12)

IGIHE CO GUSENGERANIRA, ITARIKI 22/07/2016

Mu cigigisho giheruka, twarabonye ko dufise « Uwutuvuganira mw’ijuru kwa Data ». Kuko ijambo ry’Imana ryagize riti: « « Uko ni ko n’Umwuka/Mpwemu adufasha mu ntege nke zacu kuko tutazi uko dukwiriye gusenga, ariko Umwuka/Mpwemu ubwiwe ni we udusabira aniha iminiho itavugwa, kandi Imana irondora imitima izi ibyo Umwuka/Mpwemu atekereza yiyumvira, kuko Umwuka /Mpwemu asabira abera nk’uko Imana ishaka (Abaroma 8: 26). Ariko har’abantu muri twebwe bicwa n’irari ry’ivy’isi, bakwumva ko ivyo bafise bitabahagije. Ivyanditswe bivuga biti: « Umuntu naho yovyara abana ijana,.. yamar’umutima wiwe ntuhazwe n’ivyiza,… kubwanje arutwa n’inda yakorotse (Bibliya Yera mu kirundi_Umusiguzi 6: 3). Abo dufatanije urugendo, dukwiye kwiga kubumbwa n’ivyo Imana yaduhaye. Icyakora koko kubaha Imana iyo gufatanije no kugira umutima unyuzwe kuvamo inyungu nyinshi, kuko ari nta cyo twazanye mu isi kandi nta cyo tuzabasha kuyivanamo. Ariko ubwo dufite ibyo kurya n’imyambaro biduhagije tunyurwe na byo, kuko abifuza kuba abatunzi bagwa mu moshya no mu mutego, no mu irari ryinshi ry’ubupfu ryangiza, rikaroha abantu mu bibahenebereza bikabarimbuza. Kuko gukunda impiya ari umuzi w’ibibi byose, hariho abantu bamwe bazirarikiye barayoba, bava mu byo kwizera bihandisha imibabaro myinshi. Ariko wowe ho muntu w’Imana ujye uhunga ibyo, ahubwo ukurikize gukiranuka, kubaha Imana, kwizera, urukundo, kwihangana n’ubugwaneza (Bibliya Yera mu Kinyarwanda_1Timoteyo  6: 6-11).

Nizo mpamvu Yesu yipfuza ko dusaba ivyokurya bikwaranye n’uwu musi. Kuko aradukunda cane, ntashobora kwibagira kubwira Data ngo aturungikire ivy’ejo.  » Ariko mubanze mwitwararike ubwami bw’Imana no kugororoka kwayo niho ivyo vyose muzovyongerwa. Ntimukiganyire ivy’ejo kuko umusi w’ejo uzoba wiganyira ivyawo; umusi ukwiranye n’amagorwa yawo (Bibliya Yera mu kirundi_Matayo 6: 33-34) Nimwumve yemwe abavuga muti “Uyu munsi cyangwa ejo tuzajya mu mudugudu w’inaka tumareyo umwaka, dutunde tubone indamu”, nyamara mutazi ibizaba ejo. Mbese ubugingo bwanyu ni iki? Muri igihu kiboneka umwanya muto kigaherako kigatamūka. Ahubwo ibyo mwari mukwiriye kuvuga ni ibi, ngo “Umwami Imana nibishaka tuzarama, kandi tuzakora dutya na dutya.” Ariko dore mwiratana ibyo mudashobora kwigezaho, bene iyo myirato yose ni mibi (Bibliya Yera mu kinyarwanda_Yakobo 4: 13-16)

Abafise ako gatima ko kwama bashira imbere inyungu zabo bakibagirwa inyungu z’Imana, nibo batipfuza no kwemera amategeko y’Imana kuko arababangamira cane mu vyo bipfuza. Nibo banka no kuruhuka isabato, kuko Satani abereka ko boba bariko barahomba, ko bariko barata umwanya mu kwumvira iryo tegeko. No ku musi bihaye bita ndo n’umusi w’Imana, bava muvyo bita gusenga, bagahitira gukora, kudandaza, kuborerwa/gusinda, kwinezereza mu vy’isi, ku buryo benshi usanga bugoroba bamaze kwibagira n’ivyo bumvise mu rusengero rwabo. Iyi sabato ibasaba kumara umusi wose imbere y’Imana bumva ko ar’umuvumo kuri bo, ariko Uwiteka avuga ko yayibahayenk’umugisha wo kugirango babane nawe, ibibutse ukuntu bazoruhukana nawe mu bwami bw’imyaka 1000. « “Igihe kizaza uhereye mu mboneko z’ukwezi ukageza mu mboneko z’ukundi, no guhera ku isabato ukageza ku yindi, abantu bose bazajya baza gusenga imbere yanjye.” Ni ko Uwiteka avuga (Bibliya Year mu Kinyarwanda_ Yesaya 66: 23). Uri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere arahiriwe kandi n’uwera, Urupfu rwa kabiri ntirugira ububasha kubameze bartyo, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristu, kandi bazofatanya kuganza, iyo myaka 1000 (Bibliya Yera mu kirundi_Ivyahishuwe 20: 6). Ninazo mpamvu ijambo ry’Imana ryongeye kukurarika ngo : « Ejo, uzoba umusi wo kuruka, w’isabato irobanuriwe Uhoraho (Bibliya Yera mu kirundi_Kuvayo 16: 23). Burya n’uko utabizi,  » Gukunda Imana kugaragarira mu kwubaha amategeko yayo (1Yohani 5: 3) nkuko ‘Gukunda idini bigaragarira mu kwubaha amategeko y’idini. Ibi bisaba guhitamwo. Ariko jewe nguhamagariye kwubaha Imana, ivy’idini tukabanaza kubireka, kuko ubutumwa buravuga ngo : « NTUKAGIRE IZINDI MANA UMBANGIKANKA » (Kuva 20: 3) kandi ngo  » DUTEGEREZWA KWUMVIRA IMANA TUKAYIRUTISHA ABANTU (Ivyakozwe n’Intumwa 5: 29). Icompa ejo ukifatanya n’ubwoko bwayo mu kuruhuka isabato yayo yera.

Abandi rero bamana ishavu n’uburakari budahera, ntibamenye no kubabarira bagenzi babo. Ariko Umwami Yesu aradukebuye mur’iri sengesho. Kur’uwu mugoroba ni twaja imbere y’Imana twibaze iri ijambo ngo: « Uduhebere imyenda yacu nkuko natwe twahebeye abari mu myenda yacu (Matayo 6: 12). Umwenda dufitiye Imana n’uko twoyikunda kuruta vyose. Kuki dutegerezwa kuyikunda kuruta vyose? Kuko Uwiteka ari Imana ikomeye, Ni Umwami ukomeye usumba ibigirwamana byose. Ni we ubabarira ibyo wakiraniwe/Niwe aharira ibicumuro byose, Agakiza indwara zawe zose, Agacungura ubugingo bwawe ngo butajya muri rwa rwobo, Akakwambika imbabazi no kugirirwa neza nk’ikamba, Agahaza ubusaza bwawe ibyiza, Agatuma usubira mu busore bushya, Bumeze nk’ubw’ikizu. Uwiteka akora ibyo gukiranuka/kugororoka, Aca imanza zitabera zirenganura abarenganywa. Yamenyesheje Mose inzira ze, Imirimo ye yayimenyesheje abana ba Isirayeli. Uwiteka ni umunyebambe n’umunyambabazi, Atinda kurakara, afite kugira neza kwinshi. Ntakomeza kurwana iteka, Ntagumana umujinya iminsi yose. Ntiyatugiriye ibihwanye n’ibyaha byacu, Ntiyatwituye ibihwanye no gukiranirwa kwacu. Nk’uko ijuru ryitaruye isi, Ni ko imbabazi agirira abamwubaha zingana. Nk’uko aho izuba rirasira hitaruye (ari kure y’) aho rirengera, Uko ni ko yajyanye kure yacu ibicumuro byacu. Nk’uko se w’abana abagirira ibambe (ikigongwe), Ni ko Uwiteka arigirira abamwubaha. Kuko azi imiremerwe yacu(uko turemwe), Yibuka ko turi umukungugu (Bibliya Yera mu kinyarwanda_Zaburi 95: 3 + 103: 3-14).

Ku vyereke imibanire yacu na bagenzi bacu « Ntihakagire uwo mugirira umwenda, atar’ugukundana, kuko uwukunda  uwundi aba ashikije ivyagezwe vyose.  (Bibliya yera mu kirundi_Abaroma 13: 8). “Kuko nimubabarira abantu ibyaha byabo, na So wo mu ijuru azabababarira namwe, ariko nimutababarira abantu, na So na we ntazabababarira ibyaha byanyu (Matayo 6: 14-15). Mbifurije kugwana intambara nziza mw’izina ryera rya Yesu. Amen

____________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________

IVYO DUSENGERA, NI BIMWE TWASENGERA EJO BUNDI.

Ariko mwibuke cane gusengera Emelyne Irakoze kugirango igikorwa ariko arakora co kuvuga ubutumwa bwiza mu Ruyigi kigire umugisha w’Uhoraho. Kur’uwu mugoroba turagira icigisho ca mbere n’abari kumwe nawe, tugikorera kuri telephone, mudusengere kugirango Mpwemu abakingure umutima, ijambo ry’Imana rigwe mw’ivu ryiza. Musengere na Madeleine kugirango abantu b’Imana bazomugendera basange Imana yamuteguye mu mutima, kuko igihe ni kigufi. Yesu agiye kuza. Ku bisigaye ni murabe ivyo twasengeye ejo bundi, musubiremwo mubisengere. Nanone gusenga n’uguhozako. Imana iri kumwe natwe, vyose izobidukorera mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

_____________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________

Publié dans : Non classé | le 21 juillet, 2016 |Pas de Commentaires »

UHORAHO NTIYARI MUR’UWO MUYAGA, UHORAHO NTIYARI MUR’UKO GUTIGITA…

UHORAHO NTIYARI MUR’UWO MUYAGA, UWITEKA NTIYARI MUR’UKO GUTIGITA, UHORAHO NTIYARI MUR’UWO MURIRO…

Hanyuma ijambo ry’Uwiteka rimugeraho aramubaza ati “Eliya we, urakora iki aho?” Na we aramusubiza ati “Nagize ishyaka ryinshi ryawe Uhoraho Mana Nyen’ingabo, kuko Abisirayeli bavuye mu isezerano ryawe bagahomvagura ibicaniro byawe, kandi bicishije abahanuzi bawe inkota. Ni jewe jenyene nsigaye, nanje baragenza  ngo banyice.” Aramwishura ati:  “Sohoka uhagarare ku musozi imbere yanje, jewe Uhoraho .” Uwo mwanya Uhoraho arahaca,   maze haza umuyaga mwinshi wa w’igihuhuta,  usatura imisozi, umenagurira n’ibitandara imbere y’Uhoraho, ariko Uhoraho yari ntiyari mu muyaga. Umuyaga uciye habaho gutigita kw’isi, ariko Uwiteka yari atari muriuko kutigita. Isi irangije gutigita, habaho umuriro, ariko Uhoraho ntiyari  mur’uwo muriro. Hanyuma y’uwo muriro haza agacerere. (1Abami 19: 9-12).
UHORAHO NTIYARI MUR'UWO MUYAGA, UHORAHO NTIYARI MUR'UKO GUTIGITA... elias_icon
Har’ababtu bihaye ingendo yo kuvuga ubutumwa bwo gurtyoza andi matorero ndetse iyo bageze kw’itorero ry’abadivantiste bakarivuga nabi cane rwose ngo barisenye kuko bo bavuga ko naryo ngo ryabaye Babuloni. Aba bagabo biyemeje ko aribo batunganye mu bandi bantu bose, kandi bakemeza ko ubutumwa bwabo bwavuye mw’ijuru. Ni haba hari umuntu yagize amahirwe yo kubona ubutumwa buvuye mw’ijuru no guhagararira ubwami bw’Imana ku rugero rwo hejuru, nta waruta Eliya, kandi nta wuruta Yohani umubatizi. Aba bagabo babiri bompi Yesu abashingira intahe imwe, kuko buryo Yohani nawe amwita Eliya. Ariko nabo bageze aho bacika intege, batangura gukekeranya. Ng’uwu Eliya  vyageze aho nawe acika intege imbere y’umwanzi we ari we Yezebeli, arahunga. Eliya ntiyar’umuntu yiyemera nkuko tubona ivy’iki gihe bimeze. Mpwemu w’Ubuhanuzi aragira ati: « Ni vyashika mukumva mugeze ahantu bibagoye cane, naho mwoba mur’abantu mwari mwihetse ku Mana cane, mu kumva mugeze aho mutabasha guter’intambwe, nti mukihebure ngo mugireko. ni mwabona ata kintu nakimwe gisigaye mwokwishimikiza ntibibatangaze, nta kidasanzwe kiri mwo. Abantu nkamwe rero mukwiye kwibuka ko na Eliya yar’umuhanuzi w’inararibonye yahisemwo guhunga agakiza amagara yiwe, ahunga ishavu ry’umugore yari yakarishe.. Eliya  yishwe n’uburuhe, n’inzira mbi kandi ndende, agera ho inkonkora zose zimuvako, mur’uko guhunga yisabira ko yopfa. Ariko mur’ico gihe nyene yar’amaze kwihebura abona ko igikorwa ciwe kigiye kuba impfabusa niho Imana yamwihishuriye imwigisha ibikomeye mu bugingo bwiwe. Imana yamweretse ko naho integer nke zacu zose zoturangiramwo, ko haba hakiriho impamvu zo kwizera Uhoraho kugeza no muri wa munota tutagishobora no kwihangana (Ellen G. WHITE, Abami n’abahanuzi urupapuro 128, agace ka mbere)
Abantu bakoze igikorwa gisaba ubwitange bakagera aho bagwa mu gukekeranya no mu kwihebura, bakwiye kwibuka Eliya, bagasubira bakinanata nkuko Eliya yinanase. Imana iguhamaga yinginga, mu rukundo rwayo, kand’ubushobozi bwayo buribonekeza ku buryo budasanzwe ku bakozi bayo bakoze ivyo abantu badashaka kwumva ntibanabashigikire, mu vyo bavuze baburira abantu ariko bikaba ivy’ubusa, ivyo bakora vyose ngo bagorore ibihetamye, bigahura n’ishari no kwikomantaza imitima kw’abantu (Ellen G. WHITE, Abami n’Abahanuzi, urupapuro 128, agace ca kabiri).
Ntawe Imana yahaye ubutumwa bwo kurega bagenzi biwe, ah’ubwo twese dufise ubutumwa bwo kugira inama bagenzi bacu. Kandi ku vy’iki gihe tugezemwo. nta bugorozi bukorera inyuma y’Itorero bubaho bwigeze bwandikwa mu Vyanditswe Vyera, ariko ibigoramye n’ibigororotse bigomba kugendana, bikabana mu murima umwe w’Imana. Ariko aba bantu barabaza Umwami Mana ngo: None tugende gutororokanya urwo rwamfu? At’Oyaye, kuko kumbure mu kurandura urwamfu mworandurana n’uburo, Mureke bikurane vyompi gushika kw’igenya,  Maze mu gihe c’igenya nzobwira abagenyi, nti: Mubanze mutororokanye urwamfu muruhambire imikama, muruturire, ariko uburo mubwimburire mu kigega canje. Uwubiba imbuto nziza n’umwana w’Umuntu. Indimiro n’isi. Imbuto nziza, nibo bana b’ubwami. Urwamfu n’abana ba wa Mubi. Umwansi yarubivye ni wa murwanizi. Igenya n’umuhero w’isi. Umwana w’umuntu azotuma abamarayika biwe, nabo bazptprorokanya ibitsitaza vyose n’abakoze ibizira, babikure mu bwami bwiwe. Bazobaterera mw’itanure ry’umuriro, niho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo. Buno abagororotsi bazokwaka nk’izuba mu bwami bwa Se. Uri n’amatwi ni yumve (Matayo 13: 28-30, 37-43).
Aha birasobanutse neza ko abantu bakora umurimo wo gushaka kugorora ishengero ry »Imana ariwo murima w’Imana, bagakoresha amateraniro yo guharira bita ngo ni « seminaires », urwamo n’ivyuma, amavideo n’amacassettes, no gurtyoza bene Data kwa cane, n’ubwo biyemera ngo ubutumwa bwabo bwavuye mw’ijuru, Yesu ntiyemera ubwo butumwa bwo gushaka gukura urwamfu mu buro igihe kitaragera. Uhoraho ntari mur’uwo muyaga, Uhoraho ntari mur’uko gutigita, Uhoraho ntari mur’uwo muriro… Yesu ntazigera yemera ko hagira uwundi yuhagira ishengero ryiwe  ngo ritungane, kuko ubwiwe  » yakunze ishengero akaryigura, ngw’aryeze, aryogeshe amazi n’ijambo, ngw’aryishire rifise ubwiza, ridafise amarabaga cank’injebejebe, canke ikintu cose gisa girtyo, ariko ribe iryera ridafise agasembga. (Abanyefeso 5: 25-27). Kuja ku gasozi, ukifatira mu gahanga abapasitori, wishimikije inyandiko wasomye nabi, ntivyohindura ico Kristu yigishije. Iyo uza kuba uwushaka kugorora koko nkuko ubivuga, wari kuguma mw’ishengero, kuko iryo rindi ryo ku ruhande ntaho ryanditswe.  » Bavuye muri twebwe, ariko ntibar’abacu, iyo baba bar’abacu baba baragumanye natwe, ariko icatumye batuvamwo, kwar’ukugirango bahinyuke bose kw’atar’abacu (1Yohani 2:19)
Niba wiyumva ko ur’umugororotsi, (naho nyene buba ar’ubwenge buke buguhenda) ar’ukwibesha, jewe nokugira inama ya kigabo nkuko Salomo yayigiriye abantu b’Imana bose ati » Ntube umugororotsi arengeje urugero, kandi ntiwigire umunyabwenge burengeranye n’iki cotuma wikwegera kuranduka. Ntube n’umunyavyaha arengeje urugero, kandi ntube igipfu, n’iki cotuma ukenyuka igihe cawe kitaragera? N’ukuri, nta mugororotsi ari ho kw’isi akora ivyiza nta cumure (Umusiguzi 7: 16, 17, 20)
Nuko rero bene Data, iri jambo muryumve kandi murigendereko mutinya, Kuko Uhoraho yiyereka abasavyi biwe bafise impwemu nk’iya Eliya, kandi ntabiyereka mu muyaga w’igihuhuta, n’ukuvuga mw’iterabwoba, mu gutigita, ariko kwiyemera, canke mu muriro, ariko kwa gushuha kwa cane kurenze urugero. Uhoraho azoza mu Mpwemu y’ubwenge n’ubwitonzi, kandi azoremesha abo bose baciwe ivutu n’ico gihuhusi, aremeshe abaciwe ivutu n’uko gutigita, abatewe ubwoba n’uwo muriro. Azobasubizamwo intege  nkuko yavyiyemereye ati;  » Ariko  nzogusigazamwo abaciye bugufi na banyarucari, abo nibo bazokwizigira izina ryanje jewe Uhoraho (Zefaniya 3: 12). Ndagusengera nanje nisengera ngo tuze tubonanire mur’uwo mugabane w’abaciye bugufi naba nyarucari, kuko nta kibanza c’abigira abanyabwenge kizoboneka. Ariko uwirata ni yirate ibi, ko yamenye akantahura, yuko nd’Uhoraho nkunda kugira imbabazi no guca iziroranye n’izigororotse mw’isi: kukw’ivyo ari vyo bimpimbara, ni jewe Uhoraho mbivuze (Yeremiya 9: 24). Mw’izina ryera rya Yesu. Amen.
Publié dans : Non classé | le 20 juillet, 2016 |Pas de Commentaires »

IGIHE GO GUSENGERANIRA KUR’UWU MUGOROBA WO KW’ITARIKI 20/07/2016

Kugira ngo twifatanye mu bumwe bwuzuye amasengesho akwiye kwama atangurira kw’isaha imwe kuri twese :

Ku wa gatatu ariwo wa kane w’isabato (Mercredi) no ku wa 5, ariwo wa 6 w’isabato (Vendredi),  saa 12 zuzuye neza zo ku mugoroba ku masaha y’i Bujumbura/Kigali

 

 

DATA WA TWESE URI MW’IJURU (1)

Nuko musenge mutya muti “ ‘Data wa twese uri mu ijuru, Izina ryawe ryubahwe, Ubwami bwawe buze, Ibyo ushaka bibeho mu isi, Nk’uko biba mu ijuru (Matayo 6: 9-10).

IGIHE GO GUSENGERANIRA KUR'UWU MUGOROBA WO KW'ITARIKI 20/07/2016 blackmanprayer

 

Mu cigisho giheruka twize ukuntu dukwiye kuba abera mu buryo bugaragara no mu buryo butagaragara. Isomo ryavuga ngo: « Icyo Imana ishaka ni iki: ni ukwezwa kwanyu no kwirinda gusambana, ngo umuntu wese muri mwe amenye gutegeka umubiri we wezwe ufite icyubahiro, mudatwarwa n’irari ryo kurigira nk’abapagani batazi Imana (1Abatesalonike 4: 3-4). Nkako Imana yacu iraduhamagarana urukundo, ishaka kutwiyegereza, ngo itubere umuvyeyi natwe tuyibere ibibondo/ abana. Mube nk’abana bumvira, ntimwishushanye n’irari mwagiraga kera mukiri injiji. Ahubwo nk’uko uwabahamagaye ari uwera, abe ari ko namwe muba abera mu ngeso zanyu zose. Kuko byanditswe ngo “Muzabe abera kuko ndi uwera.” Kandi ubwo uwo mwambaza mumwita So, ari ucira umuntu wese urubanza rukwiriye ibyo yakoze ntarobanure ku butoni, mumare iminsi y’ubusuhuke bwanyu mutinya (1Petero 1: 14-17).

Mbese uvyumva gute, Imana yumvise amajwi y’abantu nkatwe tutazi no gusenga, twegereye intebe y’imbabazi ku munota umwe, tugashira ijwi hejuru icarimwe tuyibwira tuti :  » Dawe uri mw’ijuru izina ryawe ryubahwe, ubwami bwawe buze, ibyo ushaka bibe mw’isi nkuko biba mw’ijuru? Ariko mw’ijuru haba ibyishimo vyinshi iyo umunyavyaha nka jewe canke wewe, twumviye Mpwemu Yera, tukaza n’ubupfu bwacu bwose, tukisunga ikimazi/igitambo Yesu yaditangiye i Gologota, tukabwira Data tuti: » Data wa twese uri mw’ijuru izina ryawe ryubahwe. Dufise vyinshi dukeneye gusaba, ariko kubera amaso yacu yahumye bitewe n’ivyo tubona hano mw’isi bidusamaza/biturangaza, bituma twibagira no gusenga, canke tukibagira n’ivyo dukeneye kuvuga. Ariko ivyo ntibiduce intege kuko  « Uko ni ko n’Umwuka/Mpwemu adufasha mu ntege nke zacu kuko tutazi uko dukwiriye gusenga, ariko Umwuka/Mpwemu ubwiwe ni we udusabira aniha iminiho itavugwa, kandi Imana irondora imitima izi ibyo Umwuka/Mpwemu atekereza yiyumvira, kuko Umwuka /Mpwemu asabira abera nk’uko Imana ishaka (Abaroma 8: 26). Iyi niyo nkuru nziza nari ngufitiye uwu musi: ngo umenye ko ufise Umwitsa mw’ijuru agusengera. Kuko har’igihe amasengesho yawe usanga yuzuyemwo irari ry’ivyo wipfuza gusa, Mwuka/Mpwemu we akabona ko babiguhaye uko wabisavye vyatuma udahesha Imana icubahiro. Nico gituma tudakwiye kwidodomba kubera ingorane/ibibazo duhura navyo mur’ubu bugingo. Niko kwemera ubwami bw’Imana muri twe, no kuri twe.

Har’abigisha b’ibinyoma mur’iki gihe, bigisha abantu gusenga batitiriza Imana kugirango ivyo bashaka ibe arivyo ibaha. Abo bantu ugasanga ntibashaka no kwumvira ico ijambo ry’Imana ryigisha, ariko bakizimba mu masengesho. Bakavuga basubiramwo ivyo bashaka, bakagera naho bashira amajwi hejuru, bibagirwa ko  » Ikimazi/igitsambo kitanzwe n’umunyavyaha ar’ikizira, ariko amasengesho y’umugororotsi aranezera Uhoraho (Imigani 15: 8). Simvuze ko na twebwe tur’abagororotsi. Ariko kwegera twisunga ivyo Yesu yadukoreye ku musaraba, tukamwihekako mu vyo dusaba vyose, bituma Imana idufata nk’abagororotsi kubera ko ihita itubonera mu Mwana wayo Yesu-Kristo.  » Kubw’urukundo Imana yakunze cane abari mw’isi, arirwo rwatumye itanga umwana wayo w’ikinege, kugirango uwumwizera wese ntaz’apfe rubi, ariko ngo hagupfa ahabwe ubugingo buhoraho/bw’iteka (Yohani 3: 16). Bana banjye bato, mbandikiriye ibyo kugira ngo mudakora icyaha/ntimukore icaha. Icyakora/Ariko nihagira umuntu ukora icyaha, dufise Umurengezi/Uwutuvuganira kuri Data wa twese, ari we Yesu Kristo ukiranuka/umugororotsi. Uwo ni we mpongano y’ibyaha byacu, nyamara si ibyaha byacu gusa ahubwo ni iby’abari mu isi bose (1Yohani  2: 1-2)

Twebwe ntidusenga ngo dutegeke Imana, ariko twipfuza ngo ivyo ibona bitubereye bibe arivyo iduha, kuko tuziko mukuru wacu atubereye mungoro/aduserukira mu Ngoro kwa Data. “‘Nimusenga ntimukamere nk’indyarya, kuko bakunda gusenga bahagaze mu masinagogi no mu nzira ngo abantu babarebe. Ndababwira ukuri yuko bamaze kugororerwa ingororano zabo. Wehoho nusenga ujye winjira mu nzu ubanze ukinge urugi, uhereko usenge So mwihereranye. Nuko So ureba ibyiherereye azakugororera. “ ‘Namwe nimusenga, ntimukavuge amagambo muyasubiramo hato na hato nk’uko abapagani bagira, bibwira ko kuvuga amagambo menshi ari byo bituma bumvirwa. Nuko ntimugase na bo, kuko So azi ibyo mukennye mutaramusaba (Matayo 6: 5-8).

Ndabinginze rero ngo kur’uwo mugoroba, aho muzoba muri hose iri jwi rize rizamuke/riduge ryumvikane mw’ijuru rivuye ku mutima ushima kandi uca bugufi, kur’iyo saha tuze tuvugire imbere y’intebe y’imbabazi icarimwe tuti:  ‘Data wa twese uri mu ijuru, Izina ryawe ryubahwe, Ubwami bwawe buze, Ibyo ushaka bibeho mu isi, Nk’uko biba mu ijuru (Matayo 6: 9-10). Mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

____________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________

IVYO DUSENGERA:

Wewe nyene ubanze wisengere kubera intege nke zawe mu gukorera Imana, twese izo ntege nke turazifise, dukwiye kwisubirako. Ndakwinginze ngo aka kanya kakubere keza ko kubwira Data ubukene bwawe, ingorane zawe, ivyo ukeneye, ibigushavuza, eka ubupfu bwawe bwose. Dusengere Jacqueline akeneye kubona akazi kuko ubuzima butamworoheye. Dusengere Veronique kugirango ashobore kugira ubutwari bwo guhitamwo hagati y’ukuri kw’ijambo ry’Imana n’ inyigisho z’abantu ziboneka mw’idini zitari mu Vyanditswe Vyera. Tumusengere kandi kugirango abone telephone kuko avuga ko mu buzima bwiwe ari nkenerwa ariko ikaba yarapfuye. Nkuko nabivuze ejo bundi, niba har’uwoshobora kumubonera ibisubizo yobitumenyesha.  Dusengere Lea kugirango akomeze umugambi wo gutsinda ibigeragezo ashike ku mubatizo. Dusengere Kavomo kugirango ashobore kwunga ubumwe na Nkurunziza Cedrick bafatanye urugendo rwo kuja ku rusengero ku musi w’Isabato, kuko naho batarabonana, Mpwemu w’Imana ariko arabahuza kubera ibi vyigisho. Dusengere Annick kuko yiyemeje gufasha bagenzi biwe kugirango bakurikire inzira y’ukuri naho nawe nyene ataramenya vyinshi ariko yipfuza gutanga ivyo afise. Dusengere Madeleine agiye guhura n’abakozi b’Imana, kugira ngo baganire ku vyerekeye iyi Nzira, maze ibiganiro vyabo biyoborwe na Mpwemu/Mwuka, maze Madeleine afate inzira y’ukuri. Dusengere Elysee, kugirango icipfuzo ciwe co kuruhuka isabato kimubere kizima kandi ngo  abe umwe mu bitondera amategeko y’Imana no kwizera nka Yesu.  Dusengere Revocat yipfujije gufadikanya urugendo na twebwe, kuko yakunze cane ibi  vyigisho. Dusengere bene Data muri R.D.C. na; Uganda, biyemeje kugendana na twebwe. Aha ndavuga Jules, Déo, Angel na Izabayo Pac, n’abandi. Dusengere uwu murimo muri rusangi kugirango imbaraga z’Imana zibandanye kwigaragaza muri twebwe. Har’abagwaye canke abapfunzwe mubitumenyeshe nabo tubasengere.

_____________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________

 

 

Publié dans : Non classé | le 19 juillet, 2016 |Pas de Commentaires »

IGIHE CO GUSENGERANIRA KUR’UWU MUGOROBA, ITARIKI 15 /07/2016

MBESE MU BUZIMA BWAWE TUTABONA, UBWO UREJEJWE? URI MWERANDA? CANKE WERA WIRABURA?

MUNYIHANGANIRE. MBIMENYE NATEVYE/NATINZE KO ICIGISHO KITABASHIKIRIYE. MUMBABARIRE RWOSE.  ARIKO NARI NAKIRUNGITSE/NACOHEREJE HAKIRI KARE NTIMWASHOBOYE KUKIBONA. MWABONYE IFOTO YARI KUGIHEREKEZA GUSA,  Y’UMUNTU ASOMA BIBLIYA, ARIKO NTIMWABONYE ICIGISHO. SINATAHUYE IMPAMVU.  IRYA FOTO NAYIHINDUYE KUGIRANGO NDEBE KO ARIYO YABITEYE. USHOBORA GUCA UJA GUSENGA UBU NYENE KIGUSHIKIRIYE, CANKE IMBERE YO KURYAMA. ICITONDERWA GUSA, N’UKO WOSHIRA MU BIKORWA IBIVUGWA MURI ICO CIGISHO. NKUMBURE WOHAVA WIBAZA KO IRIYA FOTO AR’IYANJE. OYA ,JEWE ND’UMUSAZA, HARIHO ABABONYE IFOTO YANJE, KANDI HARIHO N’ABANZI BAMAZE KUMBONA.

Ku musi wa kane w’Isabato, uwo benshi bita uwa gatatu, no ku wa nyuma, uwo benshi bita uwa gatanu, sa kumi na  zibiri z’umugoroba zuzuye neza ku masaha y’i Bujumbura/Kigali, n’igihe cacu co gusengeranira.

Iki cigisho kirungikiwe abashika 50.

IGIHE CO GUSENGERANIRA KUR'UWU MUGOROBA, ITARIKI 15 /07/2016 Woman-Praying1                                                                                                                                                                                                          

Ico Imana igomba n’ukwezwa kwanyu, ko  mwirinda ubushakanyi, kugirango umuntu wese abone kuganziriza uwiwe mubiri mu kwezwa no mu kuwubaha, Atari mu buryo bwo kwangaza umutima mu vyipfuzo, nkuko abanyamahanga batazi Imana bagira (1Abatesalonike 4: 3-4)

Iri niryo jambo rigiye kutuyobora kur’uwo mugoroba mu gihe co gusengeranira. Nahisemwo uwu murongo kuko nzi ko benshi mubo ndiko ndabwira ubu butumwa ar’abakiri bato, urwaruka, kandi icaha co kwipfuza no gucumuza umubiri gishobora kukugerako mu kanya akariko kose. Ariko sindabikwipfuriza, kandi sinobikwosha. Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye, uwubarega, ariwe wa Mwansi, agendagenda nk’intambwe yivuga, arondera uw’arotsa. Mumurwanye mufise ukwizera gushikamye, muzi yuko imibabaro ihwanye n’iyanyu, ishitswa kuri bene Data bari mw’isi (1Petero 5: 8-9).

 

Yesu arazi ko wambaye umubiri, nawe yarawambaye. Abari kumwe nawe bashobora kwibagira irari ry’umubiri ryose, kuko ingabire zose ziva kuri we. Mariya Madalena yar’umusambanyikazi, twomwita umumaraya mur’iki gihe. Yesu « yamukuyemwo abadayimoni indwi, ni nawe Yesu yiyeretse ubwambere amaze kuzuka (Luka 8: 3, Mariko 16: 9). Ivyo gusambana vyarahavuye biramuheramwo/biramurangiramo rwose. Uko yihatiye kugendana na Yesu niko yakomeje gutera imbere mu bweranda/mu kwezwa, kamere y’umubiri iratsindwa. Petero yar’imvuzi, yipfuza kwishura ku bibazo vyose, agera n’aho yishura nabi abamwagirije ko ar’umugendanyi wa Yesu, ahakana Shebuja gatatu nkuko Shebuja yari yabimubwiye. avuga ngo « Sindamuzi. sinzi n’uwo muvuga » . Petero yamaze kwihakana Yesu, ako kanya nyene Yesu amuca/amunyura imbere. Bahuje amaso na Yesu yararize, arira ayo kwarika. Yesu bimutera ikigongwe aramuharira(Luka 22: 54-62) Hari n’abandi bari bafise kamere yo gukunda amahera no kwiba banyagihugu, nka Matayo, Zakayo, n’abandi Yesu yagiye ahindura, bava muri kamere ya kera bacika abigishwa b’ukuri. Weho usigaye hehe? Enda, ni muze twitature, niko Uhoraho agize, nah’ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku bizekwera derere nk’urubura, naho vyotukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubwoya bw’intama (Yesaya 1: 18). Aka kanya ntikagucike, n’akanya keza ko guhura n’Imana yawe ukayisaba ikaguhindura rwose. Kandi kuko dukorana nayo, turabinginga, ngo ntimuhererwe ubuntu bw’Imana kubupfish’ubusa (2Abakorinto 6: 2)

Kur’uwu musi wo gutegur’isabato, ntiwibagire ko Isabato yawe idashobora kunezereza Imana, mugihe woba ugiye kuyitangura  udashaka gucika kuri kamere yakera wamanye gushika no mur’iyi ndwi/mur’iki cumweru. Erega mwene Data, mushiki wacu nkunda, « Ikimazi/Igitambo abanyakibi batanga n’igisesema kw’Uhoraho, ariko ahimbarwa no gusenga kw’abagororotsi (Imigani 15: 8). None se wumva noba mvuze nabi ko ndiko ndakwinginga ngo ubanze usabe Uhoraho akurungire Mpwemu abanze kukweza? Ndagusavye ntiwihutire gusaba ivyo ukeneye utabanje kwisuzuma.

Niba dufatanije uwu mugambi koko, uve ngaha hantu wariko urasengera witonze kandi ugende uvyibaza, ejo ntuze uzindukire kuja kurima/guhinga canke kuja mw’isoko, canke mu yindi mirimo, ariko  » muze muze mu rusengero rwiwe yejeje gushita ibihe vyose, mube abasavyi b’Uhoraho Imana yanyu (2Ngoma 30: 8). Kandi na none. ejo nyene mugitondo, » Urinde ikirenge cawe ni waja mu ngoro y’Imana, kuko kwegera ngo wumve, kuruta gutanga ibimazi kw’ibipfu, kuko bataziko bakora ibizira. Akanwa kawe ntikagire ico gatuntumukana, kand’umutima wawe woye gushushudikanya kw’ijambo na rimwe imbere y’Imana, kukw’Imana iri mw’ijuru, nawe ukaba  kw’isi; nuko rero amajambo yawe abe make (Umubwiriza 5:1-2). Reka ndangize nkubwira nk’uko Intumwa Paulo yabwiye Abaheburayo ngo: « Mukurikire ivyo kugiriranira amahoro n’abantu bose, no kwezwa/kuba aberanda, kuko uwutejejwe/uwudafise ubweranda atazoraba Umwami; mwizigame, ntihagire umuntu adashikira Ubuntu bw’Imana (Abaheburayo 12: 14-15), mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

___________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________

ABO DUSENGERA KUR’UWU MUGOROBA:

Dusengere Cyriaque avuga ko akunda kugira ibigeragezo kubera abagenzi babi iyo agiye mu buruhuko. Tubandanye gusengera Lea, kugirango, amashe, ashike mu mazi y’umubatizo. Dusengere abantu bari muri twebwe batinye kwambuka Yorodani ngo bashike I Kanani  kubera amadini. Abo bantu bavuga ngo:  » Narabonye neza ko mutwigisha Ivyanditswe, kandi ntitwobihindura, ariko guhindura idini twumva bitugoye cane. Aba bantu benshi ngo bakeneye ko tubasengera ngo Imana ibahe imbaraga zo guhitamwo.  Dusengere cane umuntu yitwa Kavomo, nawe arakunda Imana ariko akeneye imbaraga zo kuva hasi ngo yifatanye n’abasigaye. Dusengere iki gikorwa muri rusangi, kuko vyinshi dusaba Uhoraho arabiduha, n’ikimenyetso ko hariho abahungu n’abakobwa b’Imana muri twebwe biyemeje kugendana n’Imana ta buryarya. Dusengere Elysee yipfuza kuja kuruhuka isabato ubwambere ejo. Dusengere Veronique kugirango nawe abone  uburyo bwo kubona telephone nziza, kuko avuga ko asigaye afise ingorane zo kuvugana na bene Data, kuko telephone itameze neza. Mbese har’uwogora ico yomufasha? Dusengere Revocat anezererwa no kwigana natwe ijambo ry’Imana kugirango yemerte kuyoborwa n’Imana. Dusengere Mechak yashatse kugendana natwe kandi yariko arigishwa n’aba Islamu, ahitamwo ubu ubutumwa twigisha bw’abamarayika batatu. Dusengere Madeleine yipfuza guhura n’abavugabutumwa mur’iyi misi kugirango amenye ukuri kw’ijambo ry’Imana. Dusengere Annick yiyemeje gufasha no gufadikanya na bagenzi biwe ngo bagere ku musaraba. Dusengere Emelyne yipfuza gukoranya abagenzi ngo bigane Bible. Dusengere Emma I Kigali kuko tudafise inkuru ziwe. Peacy na Angel muri Uganda nabo bakeneye amasengesho kuko badukurikira cane mur’iki gikorwa. Faustin Mboneza nawe mumusengere yipfuza kuruhuka isabato ubwamberte mu buzima bwiwe.  Bene Data muri RDC, nabo barabatasha cane.  Ivyo nibagiye gushiramwo muvyibuke namwe mubisengere. Twishime hamwe na Jules Havyarimana kuko malariya yakize neza.

MUZE MUGIRE ISABATO NZIZA MWESE!

____________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________

Publié dans : Non classé | le 15 juillet, 2016 |Pas de Commentaires »

IGIHE CO GUSENGERANIRA, KU WA KANE W’ISABATO, 13/07/2016

“NSABA ICO USHAKA NKIGUHE (1Abami 3: 4)

Iki cigisho gihawe abantu 40 bamaze kwerekana ko bipfuza kuja imbere mu kwegera Imana, babitewe n’ivyigisho twabahaye mu misi ishize.

Igihe c’amasengesho kuri twese: Ku wa 4 w’isabato no ku wanyuma, isaha 12 z’umugoroba/Mercredi et Vendredi: 6: 00 heures du soir? Wednesday and Friday: 6 0′clock pm. Ntimuvyibagirwe!

“NSABA ICO USHAKA NKIGUHE (1Abami 3: 4)

Salomo akiri i Gibeyoni Uwiteka amubonekera mu nzozi nijoro. Imana iramubaza iti “Nsaba icyo ushaka nkiguhe.”

Salomo aravuga ati “Wagiriye data Dawidi ineza nyinshi, kuko yagendana ukuri no gukiranuka/gutungana imbere yawe agutunganiye mu mutima we, kandi wamugeneye kumugirira iyi neza ikomeye, umuha umwana wiwe ngo yicare ku ntebe y’ubwami bwiwe nk’uko biri none. Nuko none, Uwiteka Mana yanjye, wimitse umugaragu wawe mu cyimbo/mu kibanza cya data Dawidi, ariko ndi umwana muto sinzi iyo biva n’iyo bijya. Kandi umugaragu wawe ndi hagati y’abantu bawe watoranyije, b’ubwoko bukomeye butabarika. Nuko rero, uhe umugaragu/umusavyi wawe umutima ujijutse /wubwenge ngo nshobore gucira abantu bawe imanza, kugira ngo menye gutandukanya ibyiza n’ibibi. Mbese ni nde washobora gucira ubu bwoko bwawe bukomeye imanza?” Maze ayo magambo anezeza Uwiteka, kuko ari yo Salomo yamusabye (1Abami 3: 5-10).
Ibaze nawe nk’ubu ugize amahirwe nkaya Salomo, Uhoraho akakwiyereka, akakubwira ngo  » Nsaba ico ushaka cose nkiguhe ». Iyo ndavye ivyo urwaruka/uruvyiruko rutubwira ngo dusengere, kenshi usanga harimwo ukwikunda gusa no gukunda ivy’isi. Ata kwibesha, akanya kabonetse Imana ikabaza abahungu n’abakobwa iti  » Ni munsabe ivyo mushaka mbibahe », benshi boca basaba kwurira indege no kuja ahari amadolari n’amaeuros menshi. N’abatararangiza ECOFO/Secondary School, bohita basaba Imana kubaha doctorat bikarangira. Ariko….
IGIHE CO GUSENGERANIRA, KU WA KANE W'ISABATO, 13/07/2016 204d8621c0357995
Mbese ko wagiriwe ubuntu, ukabona aya mahirwe yo kugira umuntu akwibutsa gusenga, weho ntiwobwira Imana yawe nka Salomo uti : « ndi umwana muto sinzi iyo biva n’iyo bijya, ariko uhe umugaragu wawe umutima ujijutse/wubwenge, kugira ngo menye gutandukanya ikibi n’iciza? Bibliya irabishingiye intahe/irabyemeje ngo: Maze ayo magambo anezeza Uwiteka. Uwiteka yipfuza ko abana biwe baza kumusaba ubwenge bwo gutandukanya iciza n’ikibi kugira ngo ntibagwe mu vyaha bibaza ngo bari mu kuri. Salomo yaratinya ko mu bwami bwiwe yohava aca imanza zidahuje n’ugushaka kw’Uwiteka. « Kubaha Uwiteka ni ishingiro ry’ubwenge, Abakora ibyo bafite ubwenge nyakuri » (Zaburi 111: 10).  Weho se bite?
Ubwo nturi muri babandi bavuga ngo « ntakundi vyari kugenda, ubuzima buragora »? Ngo umubiri nta wowihanganira, nasanze naguye mu caha? » Abandi ngo  » Nakurikiye abandi kuko nabonye bose bavyemeye, ngira isoni zo gusigara jenyene ». Abandi bati : « Jewe mu mutima nabonye ko urya muntu bamurenganije, ariko kuko vyavuzwe na benshi, nashigikiye ico abandi bashigikiye ». Abandi bati » Twari mu bukwe, nanse guhemukira abo turi kumwe, ndayinywa kandi narabiriye ». Abandi ngo:  » Naramukunze numva nta kuntu nomuheba naho yanse kwihana ». Abandi bati: « Avuga ukuri, ariko ariko nta bwo nokurikira umuntu wo muri burya bwoko ». Abandi ngo:  » Ndumva ko ar’ukuri, ariko umutima wanje  ntunkundira guhindura ». Ukibagira ko « Umutima wibesha gusumba ibindi vyose; urwaye ingwara itavugwa, ninde yowumenya? (Yeremiya 17: 9). Ivyo vyo kwitwaza ngo umutima wawe nta rubanza ugucira, ntibifise ishingiro mu gihe Imana yakweretse ico ijambo ryayorivuga.
 Turakeneye gusaba ubwenge nk’umwami Salomo, kugira ngo tugendere mu manza zigororotse imbere y’Uhoraho. Kuko ni waba utazi kwicira urubanza wewe ubwawe ngo umenye ibikwiriye, urw’abandi bo uzoruca gute? Niba utazi ibikukwiriye, uzomenya gute ibikwiriye abandi? Nukuri  wa muhungu we, wa mukobwa we, urakeneye Mpwemu w’Imana ngo yame agufasha guhitamwo ibishimwa n’Imana. Niba ukenye, niba ushonje, niba urushe, niba wibaza ko uzogira ibibazo muri kazoza kawe, « Banza ushake ubwami bw’Imana ibisigaye, izobikwongerereza (Matayo 6: 33)
Kur’uwo mugoroba w’amasengesho, imbere yo gusengera abandi, ntuve imbere y’Imana udasavye ubwenge. Niryo sengesho ryiza rinezereza Imana, mw’izina ryera rya Yesu. Amen
___________________________________________________________________________________________________Dusengere ashiki  bacu: Annick,  na bene Data: Cedrick, John,  baraye bafashe inzira yokwubaka Uhoraho, bakaruhuka n’isabato. Dukwiye no gusengera cane uwu Annick na Cedrick kuko bafise icipfuzo co kuba abavugabutumwa ni bamara gutahura ukuri. Dufise Dukomeze gusengera Lea, kugira ngo za nzitizi zive mu nzira abatizwe, dusengere Donatien yitegurira umubatizo. Dufise bashiki bacu  bandi bakiri mu ntambara yo guhitamwo ukuri nikinyoma, kandi hariho n’abasore bacu bafise ico kibazo, nabo tubasengere. Dusengere na Jules Havyarimana, kuko malariya yamurembeje.
Mu baronse iki cigisho harimwo abasirikare babiri n’umuporisi, numva dukwiye kubasengera vy’umwihariko kuko gukorera Imana neza ntibikunda kuborohera, ariko barihangana. Dusengere Emelyne aze agere ku co yifuza: Kugira umurwi wiwe w’abo bazosangira kwiga Bibliya. Violette nawe yipfuza kumenya vyinshi kuri Yesu.  Madeleine nawe yipfuza kubona akanya ko kwiga neza Bibliya ngo amenye ukuri hagati ya Dimanche n’Isabato. Damascene afise akazi kamugora ngo kakamubuza no kuruhuka Isabato yUwiteka.
Dusengere iki gikorwa kugira ngo twese tugere ku rugero rukwiriye rwo kumenya no gukunda Kristu no guhitamwo ivyo ashaka. Nanje munsengere ngo Uhoraho abandanye kumpishurira ivyo nkwiye kuvuga no kwandika, kugira ngo izina ry’Imana rikomeze guhabwa icubahiro, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.
___________________________________________________________________________________________________
Publié dans : Non classé | le 12 juillet, 2016 |Pas de Commentaires »

IGIHE CO GUSENGERANIRA, KUR’UWU MUGOROBA, 08/07/2016

MUSABE IMANA YACU MUDAKEKERANYA, ARIKO MWICISHIJE BUGUFI

Isengesho riza kubera mu mwiherero igihe ca sakumi nazibiri zuzuye neza kur’uwu mugoroba. Ni wewe wihitiramwo aho woshobora kuvugana n’Imana ata kigusamaza/atakikurangaza. Muvyo usengera ntiwibagire kwisengera ubwawe, kugirango uhinduke vy’ukuri,kuko Yes’akubwira ngo »nabonye ko ata mirimo mwakoze itunganye rwose imbere y’Imana yanjye (Ivyahishuwe 3: 2)

 

Muri iki cigisho nagerageje kuvanga ikinyarwanda n’ikirindi kugirango buri wese asobanukirwe.

IGIHE CO GUSENGERANIRA, KUR'UWU MUGOROBA, 08/07/2016 praying-african-americn-boy-29350952

Ariko niba hariho umuntu muri mwe abuze ubwenge, abusabe Imana iha abantu bose itimana/itavangura, itishāma/ idateran’imiragwe kandi azabuhabwa. Ariko rero asabe yizeye ari nta cyo ashidikanya/adakekeranya, kuko ushidikanya/ uwukekeranya ameze nk’umuraba wo mu nyanja/nk’umupfunda wo mu kiyaga, ujyanwa n’umuyaga ushushubikanywa/ usimbagurika. Umeze atyo areke kwibwira ko azagira icyo ahabwa n’Umwami Imana, kuko umuntu w’imitima ibiri anāmūka/agenda aratsitagurika mu nzira ze zose (Yakobo 1: 5-8)

Ijambo ry’Imana uwu musi ridusaba kweger’Imana tukayisaba ivyo dushaka ariko twizeye. Turafise abantu batinya gukoresha uburyo Bibliya ibereka bwo gusenga Imana no kuyisaba, ariko bagashinga ibirindiro ku vyo idini ryabo ryabigishije. Erega, « uwegera Imana akwiriye kwizera yuko iriho, ikagororera/igahemba abayishaka » (Abaheburayo 11: 6).Abashidikanya kubera inyigisho bakuye mu mashengero yabo, kenshi barabona ko Bibliya ivugisha ukuri, kandi bakabona ko batoyigisha impaka/ko batoyihaririza, ariko bagahera mu rungabongabo/ hagati na hagati, kuko bapfana amazinda ngo ivyo bize kwa padiri canke kwa pasitori ngo navyo vyoba birimwo agakiza. Reka mbahe urugero/akarorero: Nk’iyo turiko turasaba canke dusabira abantu bapfuye, kandi Bibliya itabitwemerera, none twibaza ko Imana yakira ayo masengesho? Abandi bakagenda imbere y’Imana bambaye ibintu mw’izosi bitaboneka mw’ijambo ry’Imana, kuko baba biteguye kubikoresha igihe cose bumvise kameremere yabo ibibasaba nkuko idini ryabigishije?

 

Ijambo ry’Imana rero ririsigura riti: «  “Muzageza he guhera mu rungabangabo/kuba ba nyamuj’irya nino? Niba muzi ko Uwiteka ari we Mana nimumukurikire, kandi niba ari Bāli/Bayali abe ari we mukurikira.” (1Abami 18: 21). None ubundi ko  » hariho Imana imwe, kandi hariho Umuhuza umwe w’Imana n’abantu, na we ni umuntu, ari we Yesu Kristo yitangiye kuba incungu ya bose (1Timoteyo 2: 5-6). Urumva se ivyo bindi  wambaye bizogufash’iki? Bituma amasengesho yawe atagera no ku Ntebe y’imbabazi. Kuko ntiwoba ufise uwundi Muhuza atar’uwo Mpwemu Yera yatweretse, hanyuma ngo ijuru rikwemere.

 

Akandi karorero katari kure, abantu benshi bakunda kwitwaza ngo: iwacu turemerewe kwambara gurtya, turemerewe kurya no kunywa ibi, iri tegeko twe turifata gurtya n’ibindi…Abantu nkabo kubereka Ibyanditswe usanga ar’ukwikururira intambara y’amadini. Nibo bakunda kuvuga ngo  » nta dini rijan’umuntu mw’ijuru ». Mbese aho i wanyu uriko uravuga hemerera abantu kubaho nk’abagumutsi/ibyigoeke imbere y’ijambo ry’Imana ni hehe? « Naho twebweho iwacu ni mu ijuru, ni ho dutegereje Umukiza ko azava ari we Mwami Yesu Kristo, uzahindura uyu mubiri wo gucishwa bugufi kwacu akawushushanya n’umubiri w’ubwiza bwe (Abafilipi 3: 20-21). Aho i wanyu hakwemerera kwica isabato, hakakwemerera kunywa ibiboreza/ibishindisha, hakakwemerera kuja imbere y’Imana wambaye nk’uwugiye mu kabare, hakakwemerera gukina ni nde canke ikinamico uvuga izina ry’Imana mu rwenya ata bwoba, hakakwemerera kwamba ibiheko vyakomotse mu gipagani c’abazungu, hakakwemerera gucisha amasengesho yawe ku wundi atari Yesu, hakakwemerera gupfukamira igishushanyo cangwa ikiremwa nkawe, hakakwemerera gukina amakarata n’akamari, jewe haranteye amakenga… Ntubeshe koko, n’i wanyu!!!

« Ariko umunyabyaha Imana iramubaza iti “Wiruhiriza iki kuvuga amategeko yanjye, Ugashyira isezerano ryanjye mu kanwa kawe, Ubwo uri inyangaguhanwa, Ukirenza amagambo yanjye? Uko ubonye umujura wishimira kubana na we, Kandi ufatana n’abasambanyi. “Ushyira ibibi mu kanwa kawe, Ururimi rwawe rukarema uburiganya. Wicara uvuga nabi mwene so, Ubeshyera mwene nyoko. Ibyo urabikora nkakwihorera, Ukibwira yuko mpwanye nawe rwose. Ariko nzaguhana mbishyire imbere y’amaso yawe, Uko bikurikirana. “Nuko mwa bibagirwa Imana mwe, Mutekereze ibi kugira ngo ne kubashishimura, Hakabura ubakiza » (Zaburi 50: 16-22)

 

« Ibishushanyo abanyamahanga basenga ni ifeza n’izahabu, Umurimo w’intoki z’abantu.Bifite akanwa ntibivuga, Bifite amaso ntibirora,Bifite amatwi ntibyumva, Kandi nta mwuka uri mu kanwa kabyo. Ababirema bazahwana na byo, N’ubyiringira/ N’uwuvyizigira wese (Zaburi 135: 15-18).

Nuko rero kur’uwu mugoroba wo gutangura isabato, twegere intebe y’ubuntu tudatinya, kugira ngo tubabarirwe tubone ubuntu bwo kudutabara mu gihe gikwiriye (Abaheburayo 4: 16). Ejo tuzazinduke mu nzu y’Uwiteka nka Yesu, dufite umutima ukeye. Uwu Yesu tubabwira, ngo « ku munsi w’isabato yinjira mu isinagogi nk’uko yamenyereye, arahagarara ngo asome. Bamuha igitabo… (Luka 4: 16-17). Ndakuraritse nawe ngo ejo uze ugende ngaho ku rusengero hafi y’i wanyu, uhahurire na Yesu, ufadikanye na bene Data gusoma Ivyanditswe, niho uzokura bwa bwenge n’imbaraga. Gir’ubutwari, vyose biva kuri wewe!

___________________________________________________________________________________________________

Muvyo dukwiye gusengera, ntitwibagire Lea avuga ko afite inzitizi zimubuza kugera ku mubatizo, kugirango Uwiteka azikureho. Dusengere Violette ashaka kumenya ijambo ry’Imana cane. Emmanuel yipfuza gukomera mu kwizera. Damascene afise akazi kamutera kwica isabato. Miburo yipfuzagutahura ukuri hagati yo kuruhuka dimanche n’isabato. Elisee nawe yipfuza kumenya vyinshi kur’ubu butumwa.  Dusengere Jacqueline ashaka akazi kuko aragakeneye, Aba bigeme batatu, Jacqueline, Annick na Veronique bipfuza gufatana munda mur’urugendo ruja mw’ijuru basengeranira bahugurana. Nabo mubasengere. Dusengere bene Data babiri bari muri Uganda, Angel na Pacy, bipfuza gukomera mu kwizera. Dufise n’umupolisi Cedrick Nkurunziza muri twe akwiye gusengerwa kuko yipfuza gutunganira Imana mu kazi kiwe, akavuga ubutumwa adatinya, kuber’Imana yamugiriye neza cane, kandi agashaka komeza n’isabato yayo. Emelyne nawe yavuze ko afise umugambi wo kugira umurwi wokwiga bibliya, navyo tubisengere.  Anny Jacqueline nawe arashima Imana ko yaraye asohotse ibitaro, yr’arwaye marariya. Nanje musengere kugirango Uhoraho ankorere ibitangaza tuze tubonane amaso mu yandi vuba. Namba har’ico nibagiwe twabwirizwa gusengera, muranyihanganira muze mukinyibutse tuzogishira kuri gahunda ubutaha.

___________________________________________________________________________________________________

Ndabipfurije isabato nziza, no gusenga mudashidikanya. Iman’iguhe umugisha, mw’izina ryera rya Yesu. Amen

 

Publié dans : Non classé | le 8 juillet, 2016 |Pas de Commentaires »

IGIHE CO GUSENGERANIRA KUR’UWU MUGOROBA, ITARIKI 06-07-2016

Isengesho ribera mu mwiherero kuva sakumi na zibiri z’umugooroba, ku masaha y’i Bujumbura/Kigali

Tugumye kwatura ivyizigiro vyacu ntikunyiganyige, kuko uwasezeranye ar’uwo kwizigirwa, kandi twiyumviraneko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana, n’iry’ibikorwa vyiza/ Dukomeze kwatura ibyiringiro byacu tutanyeganyega, kuko uwasezeranije ari uwo kwizerwa, kandi tujye tuzirikana ubwacu kugira ngo duterane ishyaka ryo gukundana n’iry’imirimo myiza (Abaheburayo 10: 23-24)

 IGIHE CO GUSENGERANIRA KUR'UWU MUGOROBA, ITARIKI 06-07-2016 teaching

Har’abantu bafite ubwoba bwo kwatura ibyiringiro/ivyizigiro byabo, burigihe bagakunda kwatura ibyiringiro vy’itorero ryabo bitagaragara mu masezerano y’Imana.Urugero: Nk’iyo ugihe aho abantu babuze uwabo, ukavuga ngo  » Ni mwihangane yamaze kwitahira mw’ijuru, aradusabira », mbese ivyo vyizigiro, har’aho Yesu yabigusezeraniye mw’ijambo rye? Mu gihe ubutumwa bwiza buvuga ko basinziriye,  ngo  » twizera yuko abasinziriye muri Yesu, Imana izobanananawe » (1Abatesalonike 4: 14), abo bandi bo batanga ivyizigiro bidafite ishingiro, bavuga ko impwemu z’abapfuye babo/imyuka y’abapfuye babo/abandi ngo n’imitima y’ubwenge, ko yahise yigendera kubana n’Imana, bakabasaba ngo nabo babasabire ku Mana kandi ntaho vyanditswe ko abapfuye bashobora gusengera abazima ku Mana. « Mbese ivy’abazima vyobazwa apapfuye? » Yesaya 8: 19)Abapfuye ntibahimbaza Uhoraho (Zaburi 115: 17). Ivyo n’ivyizigiro/ibyiringiro bipfuye

 

Abandi bakaba bishimiye Mariya, bamwita Umwamikazi w’isi n’ijuru, bakambaza abo bita aberanda/abatagatifu. Ivyo vyose n’ivyiringiro vy’idini bidashingiye ku masezerano y’Imana. Ivyo n’ivyizigiro/ibyiringiro bipfuye. Naho woba warabonekewe n’umuntu avuga ko avuye mw’ijuru, nagira ngo nkumbwire uwu musi ko kubonekerwa kunyuranije n’Ivyanditswe Vyera kutava ku Mana « Kandi ibyo si igitangaza, kuko na Satani ubwe yihindura nka marayika w’umucyo (2Abakorinto 11: 14). Naho isi yose yohururira mur’ivyo bintu , twebwe « Tugumye kwatura ivyizigiro vyacu ntikunyiganyige, kuko uwasezeranye ar’uwo kwizigirwa » (Abaheburayo 10: 23). Igihe casezeranywe n’Imana kirasohoye/kirashitse vuba, nkuko vyanditswe ngo: « Ubwo ni bwo muzagaruka mukamenya gutandukanya abakiranutsi n’abanyabyaha, abakorera Imana n’abatayikorera (Malaki 3: 18).

Benshi bazorira, bamaramare, aho bazosanga ijuru rifite Umwami umwe, ata mwamikazi ariho, bakazobonako amasengesho yose bacishije ku bantu bapfuye, ko kwar’ugusaba imizimu cangwa se abadayimoni. Erega, iki gihe tugezemwo, Mpwemu Yera yari yaraceretse Paulo ngo« Mpwemu/Umwuka avuga yeruye ati “Mu bihe bizaza bamwe bazagwa bave mu byizerwa, bīte ku myuka iyobya n’inyigisho z’abadayimoni” bayobejwe n’uburyarya bw’abigisha b’abanyabinyoma (1Timoteyo 4: 2-3). 

 

Hari n’ibindi vyo kwatura ibitafite umumaro, umuntu akama yatura ibyiringiro afite muri pasteri wiwe, mu bayobozi b’itorero, akishimira imihango yakorewe, imyanya afite mw’itorero, gurtyo, akwumva ko ari indashikirwa. Ivyo vyiringiro bishobora kuduhemukira/kudutenguha kuko bishingiye ku muntu nkatwe, cangwa ku bwibone bwacu bwite. » Uwirata wewe ni yiratire mu Mwami (2Abakorinto 10: 17). Ibyo navyo n’ibizigiro/ibyiringiro bipfuye. Mu gihe tuzi ko uwatanze amasezerano ar’uwokwizerwa, none kuki twokwama twizera ivyo amadini yadupakiyemwo bidafite aho vyanditswe mu gitabo c’Imana?

 

Kandi tujye tuzirikana ubwacu/twiyumviranako,  kugira ngo duterane ishyaka ryo gukundana n’iry’imirimo myiza (Abaheburayo 10: 24). Guhagarara ku ruhande rw’Ibyanditswe Byera gusa, ukima amatwi ivy’amadini ya kino gihe avuga, n’urugamba rutoroshe. Nico gituma dukwiye gutekereza/kwiyumvira kuri bene Data na bashiki bacu hirya no hino mur’iyi si, ariko na cane cane aba bakira ibi vyigisho n’umutim’ukunze. Iri jambo uze uryamane mu kanwa ngo : » data na mama naho bompeba, Imana izonyitorera. Imana ni yo buhungiro bwacu n’imbaraga zacu, Ni umufasha utabura kuboneka mu byago no mu makuba. Ni cyo gituma tutazatinya naho isi yahinduka, Naho imisozi yakurwa ahayo ikajya imuhengeri, Naho amazi yaho yahorera akībirindura, Naho imisozi yatigiswa no kwihinduriza kwayo. Uwiteka Nyiringabo ari kumwe natwe, Imana ya Yakobo ni igihome kirekire kidukingira (Zaburi 27: 10, 46; 2-5, 10; mu kirundi ni Zaburi 46: 1-4, 11).

___________________________________________________________________________________________________

Uwu musi rero ku mugoroba dusengera uwitwa « Jacqueline akeneye akazi, John nawe afise ibibazo vyo kw’ishule, Emmanuel yipfuza kuva mu vy’isi akaza mu nzu y’Imana, V. na Anni bipfuza gukomeza ubucuti bushingiye mu rukundo rwa Kristu, Mary-Louise yipfuza kugira igihe co kwiga Bibliya ariko bikamurusha, Damascene akeneye ko Uwiteka yamufasha gutsinda ibigeragezo vy’akazi gatuma yica isabato, Emelyne nawe afite umugambi wo gufungura umurwi wo kwiga Bibliya no gusenga, Violette, ashaka kumenya vyinshi mw’Ijambo ry’Imana, Miburo yipfuza gusobanukirwa cane ubudasa hagati ya dimanche n’isabato.

Hariho n’abashimira Imana ko bakize malaria, nabo mukwiye kwifatanya nabo mu gushima; abo ni Irankunda na Niyokwizera. Uwitwa Cedrick Niyonkuru, arashimira cane abantu bose bamusengeye, kandi Uhoraho ngo yaramurokoye.

Mu kwandika ayamazina nakoresheje izina rimwe, ar’iry’ubukristu canke iry’ikirundi/kinyarwanda. Sinshobora kwandika amazina yompi ntabifitiye uburenganzira bwa nyeneyo/nyirayo.

___________________________________________________________________________________________________

 

 

 

 

 

Publié dans : Non classé | le 6 juillet, 2016 |Pas de Commentaires »

ZAKAYO, UMUNYAVYAHA YAHAGARITSE URUGENDO RW’UMWANA W’IMANA

ZAKAYO UMUNYAVYAHA YAHAGARITSE URUGENDO RW’UMWANA W’IMANA

Abantu benshi bafite ingorane zo kwemera amakosa yabo. Muri iki cigisho tugiye kureba ukuntu umugabo Zakayo, yemeye ukuntu ari mugufi, yemera ko ar’umujura/igisuma, yemera, yemera ko yariye ibitari ivyiwe. Yesu abonye avyiyemereye nta buryarya burimwo, yemera kwihana kwiwe, aramuharira, arara mu rugo rwe. Mur’iki cigisho, muri kumwe na mwene So musangiye intambara y’Umusaraba, Miburo Balthasar

ZAKAYO, UMUNYAVYAHA YAHAGARITSE URUGENDO RW'UMWANA W'IMANA Zachee02

 

Yesu agera i Yeriko, arahanyura/arahaca. Nuko hariho umuntu witwaga Zakayo, yari umukoresha w’ikoro/umutozakori mukuru kandi yari umutunzi. Ashaka kureba Yesu ngo amenye uko asa, ariko ntiyabibasha kuko abantu bari benshi kandi ari mugufi. Arirukanka ajya imbere, yurira umuvumu ngo amurebe kuko yari agiye kunyuraho/kuhaca. Yesu ahageze arararama aramubwira ati “Zakayo, ururuka vuba kuko uyu munsi nkwiriye kurara iwawe.” Yururuka vuba amwakira anezerewe. Abantu bose babibonye barabyivovotera bati “Dorere, agiye gucumbika ku munyabyaha!” Maze Zakayo arahaguruka abwira Umwami Yesu ati “Dore Databuja, umugabane wa kabiri w’ibintu byanjye ndawuha abakene, kandi umuntu wese nambuye ndabimuriha kane.” Yesu aramubwira ati “Uyu munsi agakiza kaje muri iyi nzu, kuko na we ari umwana wa Aburahamu, kandi Umwana w’umuntu yazanywe no gushaka no gukiza icyari cyazimiye.” (Luka 19: 1-10)

Iyi nkuru  ivugwamwo ibintu bikurubikuru bitanu: 1. Yesu, 2 Zakayo, 3 abantu benshi, 4 igiti c’umuvumuvumu, 5 i muhira kwa Zakayo. Tutibagiye rero n’igisagara c’i Yeriko. Ibi bintu biraza kudufasha gusobanukirwa neza ubutumwa bukubiye mur’iki cigisho. Yesu nta mugambi  yar’afite wo gucumbika i Yeriko, yariko arahanyura agiye i Yerusaremu. Uru rugendo rwar’urwa nyuma Yesu agize, mu kuja Yerusaremu, kandi igisagara c’i Yeriko niyo mahirwe ya  nyuma cari kibonye yo kugenderwa n’Umwami Yesu. Mbese war’uzi ko Yeriko cari igisagara cavumwe? Kuko handitswe ngo: “Umuntu uzahaguruka akajya kūbaka uyu mudugudu w’i Yeriko, avumwe imbere y’Uwiteka. Igihe azubaka urufatiro rwaho azapfushe imfura ye, n’igihe azahaterera inzugi z’amarembo azapfushe umuhererezi we.” (Yosuwa 6: 26). Kuba i Yeriko kwari nk’ukwigerezako. Ariko Mpwemu Yera yari yabonye ko mur’ico gisagara harimwo Zakayo yipfuza gukizwa umutwaro wiwe, kuko abandi batozakori yategeka bari bamutanze gukizwa. Yesu ashobora kwinjira ahariho hose n’ubwo hoba muri gereza/muri Mpimba, mu gihe yabonye ko hariho uwumukeneye. Kwinjira Yeriko yari yabonye ko hariho intama yiwe

Mu gihe Yesu yahamagara Matayo, umukoreshakoro/umutozakori, hakijijwe abatozakori benshi, ariko shebuja wabo, Zakayo, ntiyar’ahari. Yagize agahinda kenshi yumvise ayo makuru, akama yipfuza kuzabona akaryo ku gusongongera/guhonja kur’ayo mahirwe nawe. Dusoma ngo: « Yesu avayo, akigenda abona umuntu witwaga Matayo yicaye aho yakoresherezaga ikoro, aramubwira ati “Nkurikira.” Arahaguruka, aramukurikira.Hanyuma ubwo Yesu yari yicaye mu nzu bafungura, haza abakoresha b’ikoro benshi n’abanyabyaha, basangira na Yesu n’abigishwa be.Abafarisayo babibonye babaza abigishwa be bati “Ni iki gitumye umwigisha wanyu asangira n’abakoresha b’ikoro n’abanyabyaha?” Abyumvise arababwira ati “Abazima si bo bifuza umuvuzi, keretse abarwayi. Ariko nimugende, mwige uko iri jambo risobanurwa ngo ‘Icyo nkunda ni imbabazi, si ibitambo.’ Sinazanywe no guhamagara abakiranuka, keretse abanyabyaha.” (Matayo 9: 9-13). Igihe ca Zakayo rero naco cari gisohoye/gishitse: Nkuko nabivuze ngaho hejuru, bwari bwo bwa nyuma Yesu anyura mur’ico gisagara, bwari nabwo bwa nyuma Yesu afata iyo nzira. Iyo Zakayo adafata icyemezo ca kigabo, ivyaha vye yari kubipfana. Kuko agakiza ijuru ryari /ryamutegekanyirije/ryaramuteguriye kagomba kuboneka kur’uwo musi, kur’iyo saha, kur’uwo munota. War’uziko har’igihe Imana ikurungikira umuntu utari witeze, akakubwira ibintu bigukora ku mutima, mbere bikakurega n’imbere y’Imana, yamara kubera ubwibone ukinangira umutima, ugadadarara nk’umurya w’inanga? Zakayo iyo aza kwikomantaza vyari kuba bimurangiranye. Weho bite mur’aka kanya?

Dufite ikibazo gikomeye mur’iki gihe kubera abantu bigira ngo barakijijwe, washaka no kubaza ikibazo mw’ijambo ry’Imana ngo wumve ico Yesu avuga, ijwi rya Yesu agasanga rinigwa n’amajwi y’abantu bigize ivyamamare, ngo n’abaririmvyi, Intumwa, ba bishops, ba pasitori n’abavugabutumwa bose bavuga badahuza… Abo nibo bari bagiye gutuma Zakayo arara atihanye. « Kuko abantu bari benshi kand’ari mugufi » (Luka 19: 3). Barekere ivyo gukurikira Yesu batazi iyo Baja, wurire umuvumu. Yesu arabareka yiyizire i  wawe.

Mbese nawe haba hariho abantu bakwitambika imbere kugirango nturebe canke ngo ubone neza mu maso ha Yesu? Mbese har’abantu baguha ibisubizo vy’ibibazo vyawe ugasanga ntibihura n’uko Ivyanditswe bivuga? Mbese haraho waba wararevye usanga baguhatira mu myizerere udatahura, ugapfa kubyemera kuko ntakundi wagira ngo ubabeshuze? Ye, nawe buriya uri mugufi nka Zakayo. Kubona Yesu ngo muvugane bizagusaba kuva mu bantu, wiruke, wurire umuvumuvumu. Yego cane abantu nkabo batatworohereza ngo tumenye ukuri, canke ngo natwe tuvuge ico twipfuza mw’itorero, babaho mbere ni benshi. Barashaka ngo hakubona Yesu, ube aribo ubona gusa, kuko bafite igihagararo mu rusengero no mu baturanyi/mu mibano. Nkumbure bakurusha kwambara neza, gutura ibigiracumi, abaririmvyi ba rurangiranwa, babatijwe kera, biyita abatemperents, bari muri commite y’ishengero, n’ibindi nk’ivyo…  Sohoka wurire umuvumuvumu wa muntu we ng’uwu Yesu ariko arahita. Kandi iri jambo wumva har’igihe ryoba irya nyuma, nkuko Zakayo yumvise ijwi rya Yesu ubwa nyuma ntibasubire kubonana. Ndasubiyemwo: Sohoka wurire umuvumuvumu. Nkuko Mpwemu yari yategekanije ico giti kuva kera, abantu bakibona cibereye ngaho ku muhanda batazi ko kizokiza umuntu. Burya na wewe, hariho ingundu z’ibitoke, udushamba, ibipimo vy’ikawa, inyuma y’urugo mu murima, canke ngaho munzu mu cumba, mu gacerere ka ninjoro bose basinziriye, hariho uburyo bwo gusoma ijambo rya Yesu no kumwakira  mu bugingo bwawe. Yakubonye ko ubu butumwa buriko burakuyagamvya mu mutima, none arakubwira ati: « Uwu musi nkwiriye kurara i wawe »

Ego, Yesu arakubwira ati: « Uwu musi nkwiriye kurara iwawe » (Luka 19: 5). None urindiriy’iki/Utegerej’iki? Gusa, n’agera mu nzu yawe, mu bugingo bwawe, ntumuhishe ivyo wariye atar’ivyawe, amadeni y’abandi wariye nturihe, abakobwa wabeshe, abahungu wagushije mu caha, ivyiyumviro bibi bikubungamwo mu mutima, ishavu ryuzuye umutima, ubwibone, ugushaka guter’umudurumbanyo mu rugo rwawe, kutihanganira, uwo mwubakanye, abo muvind’imwe/abo muvukana, ubwibone bwawe, ukwiheba, agahinda kakwuzuye mu mutima, ukwica isabato y’Imana n’ibindi… « Twerekeze imitima yacu ku Mana iri mu ijuru,Tuyitegere n’amaboko yacu. “Twaracumuye  kandi turagoma/twaragararije (Gucur’intumba/Amaganya 3: 41-42)

Bashobora no kuba baraguciye mu rusengero, canke wewe ukivanamwo kubera ikimwaro/isoni uterwa n’imibereho yawe. Ariko ko Yesu yemeye kuza kukumviriza, bimubwire, ubivuge mw’izina nka Zakayo uti: « “Dore Databuja, umugabane wa kabiri w’ibintu byanjye ndawuha abakene, kandi umuntu wese nambuye ndabimuriha kane.” (Luka 19: 8). Hano Zakayo yavuze ivyiwe bihuje n’akazi akora. Weho se ubuzima bwawe bwa misi yose, ubwo nta caha bugutera? » Iyumvire, Yesu aguhaye akanya keza ko kuvugana nawewe, ntagende utamwiganiye vyose. Ni wagira ico wibagirwa, arakiguharira naco, ni kazima abona ko wamaramaje kwihana/ wafashe ingingo ntabanduka yo kwihana. Pfa kwemera gusa ko wacumuye (Yeremiya 3: 13)

Kw’irembo kwa Zakayo, induru zaravuze: “Bati :D orere, agiye gucumbika ku munyabyaha!” (Luka 19:7). Nawe ni wabura kwihagararako, ntiwibaze ngo abavyeyi bawe, abo muvukana, abo mwahora murarana gutamba mu kabare, abo mwahora musangira agacupa, abo mwasangiye icaha c’ubusambanyi, abari bakuzi ko mujana mu misa ku cumweru bakabona ufashe inzira yo kuja gusenga kw’isabato, abo mwahora musangira agatabi, ntibazakworohereza… Ntutangare ni wumva abo bose bariko bitotomba/ barakwidodombera, kuko Satani niwe abakoresha ngo baguce inkokora bakugarukane gutoza ikori rya Kayizari« Kuko n’abo muva inda imwe n’inzu ya so, abo na bo bagukoreye iby’uburiganya basakuriza inyuma yawe/bakuvuz’induru inyuma, ariko naho bakubwira neza ntukabizere » (Yeremiya 12: 6).

Maze Zakayo arahaguruka abwira Umwami Yesu ati “Dore Databuja, umugabane wa kabiri w’ibintu byanjye ndawuha abakene, kandi umuntu wese nambuye ndabimuriha kane.” Yesu aramubwira ati “Uyu munsi agakiza kaje muri iyi nzu, kuko na we ari umwana wa Aburahamu, kandi Umwana w’umuntu yazanywe no gushaka no gukiza icyari cyazimiye.” (Luka 18: 8-10). Ukwihana kwiza nkuko kuvanze no kwemera ko twakoze ivyaha, tukabivuga mw’izina tutary’umunwa, niko gutuma agakiza  gashwara/gakwira mu bugingo bwacu, Yes’akagira umunezero ko ashoboye gukiza icari carazimiye.

Ndakwingize ndira kandi nanje niririra, ngo iki cigisho ntikigusige amara masa/imbokoboko, ariko kigusigire imigisha yuzuye ubugingo bwawe. Icompa kuri wa musi tukazabonanira imbere ya Yesu, twuzuye ibyishimo vy’abihanye vy’ukuri. Uwu musi icompa mukwumv’ijwi ryiwe, ntimukomanataze imitima yanyu (Zaburi 95: 7-8) Mw’izina ryeranda rya Yesu. Amen.

Publié dans : Non classé | le 5 juillet, 2016 |Pas de Commentaires »
1...34567...10

islamsoufi |
Jésus-Christ sauve |
SEMEZ MA PAROLE |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | J'aimerais devenir musulmane
| lemauxamandine
| Blog du niveau intermédiaire